id
stringlengths
8
35
url
stringlengths
35
203
title
stringlengths
10
144
summary
stringlengths
7
428
text
stringlengths
246
41.2k
amakuru-56201048
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56201048
Thérèse Miburo, umwe mu Barundikazi bake bakora ivyo gutwenza aba muri Australia
Aho igiteramo co gutwenza yariko araremesha muri Australia caboneka ku rubuga rwa Youtube, benshi ntibashobora kwemera ko ari umurundikazi ariko arakora ivyo bariko bararaba.
Thérèse Miburo afise impano idasanzwe Muri ico giteramo Thérèse Miburo agaragara ariko aratwenza abantu benshi bagizwe ahanini n'abazungu, abatera inkuru zimwerekeye we nyene canke zo mu buzima busanzwe. Avuga mu congereza cumvikana ko atari ic'uwavukiye muri Australia, ariko biboneka ko abo abwira ataco bibabwiye ahubwo bahimbawe. Mu nkuru ababwira zitwenza hari nk'aho agira ati: "... ndi uwo mu Burundi mu buseruko bwa Afrika. Mu Burundi usanga kenshi twishura ikibaza n'ikindi kibazo. Nk'akarorero ushobora kumbaza uti 'urashonje?' Nanje ngaca ngusubiza nti 'ushaka kumpa ivyo kurya?'..." Abantu bagaca batwenga cane! Mu karere haba mu Rwanda canke mu Burundi, abakora umwuga wo gutwenza, bita stand up comedy mu congereza, baramaze kuba benshi. Thérèse Miburo mu giteramo co gutwenza muri Australia Nta nkeka ko no mu yandi makungu Abarundi n'Abanyarwanda bakora ivyo gutwenza bariyo, ariko ata gukekeranya abagore muri bo ni bake cane. Nico gituma BBC yashatse kumenya neza Therese Miburo uwo ariwe n'icatumye akunda ivyo gutwenza, tuvugana nawe tugirana ikiganiro gikurikira mu nyandiko: BBC Gahuza: Twibwire uwo uri we? Therese Miburo: NitwaThérèse Miburo, mfise imyaka 33, ndi Umurundikazi nkaba mba muri Australia. Amazina y'ubuhizi na yo ni Mukundabantu na Mutimukeye. Ndi umumararungu n'umuremesha kiyago. Nkunda abantu n'ubuntu mu bantu. BG: Washitse muri Australia ryari/gute? TM: Nashitse muri Australia muri 2007. Naje nk'impuzi mvuye mw'ikambi y'impunzi muri Tanzania. BG: Ufise umuryango? TM: Egome. Ndubatse mfise n'abana bane bakiri bato. BG: Ukora iki? TM: Mu buzima busanzwe ndi umwigisha w'ubuhinga bwa none (Information Technology) mu mashule yisumbuye ya hano muri Queensland, Australia aho nsanzwe mba. Ndi kandi umusiguzi w'indimi (Ikirundi, Igiswahili n'Icongereza). BG: Gutwenza abantu wabitanguye ryari? TM: Namye ntwenza ariko nkabikora mu muryango, sinari bwabishire ahabona. Mu 2019 ni ho natanguye kubishira ahabona; ntangura gusetsa abantu benshi no kubishira kuri Youtube na Facebook. BG: Ni iki catumye utangura kugira ivyo gutwenza ? TM: Ndakunda iyo mbona abantu banezerewe. Ndabikora kubera binezereza kubona nokora ibintu bigatuma abandi banezerwa. Thérèse Miburo n'abana biwe BG: Ubifata nk'umwuga canke ni uburyo bwo kwinezereza? TM: Muri uyu mwanya biracari ivyo kwinezereza ariko bishobora kuzoba n'umwuga muri kazoza ka hafi. BG: Ni abahe bakora umwuga wo gutwenza ufatariko urugero, yaba abo mu Burundi canke ayandi mahanga? TM: Buri muntu wese ndafise ico ndamwigirako ariko novuga nka Kigingi mu Burundi na Trevor Noah muri Afrika y'Epfo hari vyinshi ndabafatirako urugero, kimwe muri vyo ni uko atakidashoboka mu gihe ukora ivyo ukunda. BG: Muri iki gihe ca Covid-19 birakworohera kugira ivyo gutwenza? TM: Oya ntivyoroshe kuko abantu ntibemerewe gukoranira hamwe ari benshi. Ariko umwanya nokoresheje mu gutwenza abantu ndawukoresha mu kwandika ivyese nkabisangiza abandi kuri Youtube (Tereza Mukundabantu). BG: Ni iki wipfuza muri kazoza? TM: Muri kazoza ndipfuza kubandanya ibi vyo gutwenza abantu nshimikira cane cane mu ntumbero yo gukeburana. Ndipfuza kuzokoresha ibiteramo abantu bakaza bakanezerwa. Ndipfuza kandi no kuzofasha abakenyezi haba mu buryo no mu kubahimiriza gukoresha ingabirano zabo izo ari zo zose. Kanda ngaha urabe kimwe mu biteramo vya Tereza Mukundabantu kuri Youtube
amakuru-45989007
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-45989007
Abaserukira abandi mu bitavye ibiganiro vy’abarundi i Arusha barakorera mu mwiherero
Mu ntumbero yo gutegura icegeranyo rusangi co gushikiriza umuhuza kuri uyu wa gatandatu, abarundi baserukira imigwi yitavye ibiganiro vy'i Arusha bariko barakorera mu mwiherero.
Benjamin William Mkapa w'imyaka 79 y'amavuko wahoze ari Perezida wa Tanzaniya, ni we muhuza mu biganiro vy'abarundi Abari muri ivyo biganiro bagizwe n'imigambwe itavuga rumwe na reta myinshi ikorera hanze y'igihugu hame n'abahoze ari abakuru b'ibihugu babiri, bose bakaba bashika 50. Mu vyo bisunga mu kugira ico cegeranyo harimwo urupapuro rw'inzira rwumvikanyweko na reta n'imigambwe iyishigikiye mu Kayanza, icegeranyo c'urwaruka, ico imigambwe itavuga rumwe na reta c'i Entebbe muri Uganda, ico amashirahamwe atavuga rumwe na reta hamwe n'abamenyeshamakuru. Mw'ijambo yashikirije ivyo biganiro bigitangura, umufasha w'umuhuza Benjamin William Mkapa yavuze ko ivyo abitavye ivyo biganiro bazoshikiriza bitazoba ari icegeranyo ntabanduka. Benjamin Mkapa yagize ati:" Nzoca mfatira ku rupapuro rw'inzira rwo mu Kayanza hamwe n'urwo muzoba mumaze kwumvikanako, ndabishire hamwe hanyuma ntange icegeranyo ku muhuza n'inama y'akarere k'ubuseruko bwa Afrika (EAC) kugira bafate ingingo zibereye." Ivyo biganiro biriko birabandanya mu gihe reta y'Uburundi itavyitavye, aho yari yasavye umuhuza kuvyungururiza mu kwezi kwa cumi na rimwe na we aravyanka. Reta kandi yari yasavye kubanza kumenyeshwa urutonde rw'abazovyitaba, kandi bakiga ku rupapuro rw'inzira rwo mu Kayanza gusa. Gushika ubu nta ntumwa z'Uburundi ziraja muri ivyo biganiro. Hagati aho, ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya (UE), ryaraye ryongereje ikiringo c'ibihano ryafatiye Uburundi gushika itariki imwe z'ukwezi kwa cumi mu 2019.
amakuru-48470587
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48470587
Impunzi y’Umunyarwanda yiciwe muri Afurika y’Epfo
Camir Nkurunziza, Umunyarwanda w'impunzi wahoze mu ngabo zirinda umukuru w'igihugu cy'u Rwanda, yiciwe ku muhanda i Cape Town muri Afurika y'Epfo.
Epimaque Munyaneza, umuhuzabikorwa wa RNC muri Cape Town, yabwiye BBC ko Nkurunziza yishwe ejo ku wa kane ahagana saa kumi n'imwe z'umugoroba hamwe n'abantu bamushimuse bamuvanye mu modoka ikora taxi ya Uber yatwaraga. Nkurunziza mu gihe gishize yari umurwanashyaka w'ishyaka Rwanda National Congress (RNC) ritavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda, akaba yari amaze imyaka umunani ari impunzi muri Afurika y'Epfo. Munyaneza avuga ko ageze ahari umurambo, amakuru we yahawe ari uko abo avuga ko bamushimuse bamujyanye mu modoka ikagenda nabi kugeza ubwo igonganye n'izindi na polisi igatabara. Amafoto yagaragaye ku mbuga nkoranyambaga yerekana abantu babiri bari mu modoka barashwe. Munyaneza yemeza ko umwe muri bo ari Nkurunziza, naho undi ari umwe mu bamushimuse. Munyaneza avuga ko polisi yabamenyesheje ko Camir Nkurunziza yashizemo umwuka, ariko igikora iperereza ku babigizemo uruhare, ko hari babiri bafashwe. Yazize iki? Munyaneza avuga ko Nkurunziza yari impirimbanyi ya demokarasi kugeza mu gihe gito gishize ubwo yavuye muri politiki. Yagize ati: "Kugeza ubu polisi ntacyo iratangaza ku bantu bamwishe, ntituramenya niba ari abanyagihugu cyangwa ari abanyamahanga, biragoye kuba wahita uvuga uti ni ibya politiki, ababitekereje gutyo ni abasanzwe bazi ko Camir ari impirimbanyi ya demokarasi". Nyuma, polisi ikorera i Cape Town yabwiye BBC ko ejo yarasanye n'abari mu modoka "bivugwa ko yari ishimuswe, hapfamo babiri, hafatwa babiri". Polisi ivuga ko ubu iperereza ryahawe urundi rwego rwigenga. I Johannesburg muri iki gihugu, mu mwaka wa 2013 hiciwe impunzi Col Patrick Karegeya wahoze ashinzwe ubutasi bwa gisirikare hanze y'u Rwanda. Mu mwaka wa 2010 harashwe Kayumba Nyamwasa wahoze ari umugaba w'ingabo z'u Rwanda ubu uba mu ishyaka RNC, ariko we ararokoka. Abo muri RNC bashinja ubutegetsi bw'u Rwanda ubu bwicanyi kuri Karegeya n'igerageza ryabwo kuri Kayumba, ibirego u Rwanda rwakomeje guhakana.
50470652
https://www.bbc.com/gahuza/50470652
Burundi: Ingabo zivuga ko zatewe n'abavuye mu Rwanda
Ingabo z'u Burundi zivuga ko igitero ku birindiro byazo cyabaye mu ijoro rishyira kuwa gatandatu tariki 17 z'uku kwezi muri commune Mabayi mu Ntara ya Cibitoke hafi y'umupaka n'u Rwanda ahegereye ishyamba ry'Ikibira.
Major Emmanuel Gahongano yatangarije radio televiziyo y'u Burundi ko "umutwe [wateye] wahise usubira mu Rwanda". Amb. Olivier Nduhungirehe umunyamabanga wa leta muri Minisiteri y'ububanyi n'amahanga mu Rwanda avuga ko "atari ubwa mbere ibirego nk'ibi bidafite ishingiro babivuze". Agace katewe kegeranye n'ishyamba ry'Ikibira rikomeza mu Rwanda rikitwa ishyamba rya Nyungwe. Abaturage bo muri Commune Mabayi batangaza ku mbuga nkoranyambaga ko ingabo z'u Burundi zohereje abandi basirikare benshi bo gufasha abasanzwe mu gace katewe. Ibitangazamakuru bibogamiye ku ruhande rurwanya ubutegetsi bivuga ko abasirikare babarirwa muri mirongo n'uwari uyoboye 'position' yatewe bahasize ubuzima. Kugeza ubu ntibiramenyakana neza abateye abo ari bo n'umubare w'abo cyahitanye, ingabo z'u Burundi ntizatangaje umubare w'abaguye muri iki gitero cyangwa abafashwe. Burundi, Commune Mabayi mu majyepfo n'agace ka Bweyeye mu majyaruguru mu Rwanda twose dukora ku ishyamba rya Nyungwe/Ikibira Mu minsi ishize umutwe witwaje intwaro wa FLN urwanya ubutegetsi bw'u Rwanda wateye ibirindiro by'ingabo z'u Rwanda mu murenge wa Bweyeye uturutse mu ishyamba rya Nyungwe. Ingabo z'u Rwanda ntizahise zemeza igitero cya FLN ariko mu cyumweru gishize abayobora ingabo na guverineri w'intara y'uburengerazuba basuye aka gace bemeza ibyo bitero banahumuriza abaturage. Agace ka Bweyeye mu Rwanda hamwe na Commune Mabayi mu ntara ya Cibitoke mu Burundi duhana imbibi kandi twombi dukora ku ishyamba rimwe, Nyungwe/Ikibira. Mu kwezi gushize abitwaje intwaro bateye mu Burundi mu ntara ya Bubanza commune Musigati bavuye muri DR Congo bashaka kwinjira mu ishyamba ry'Ikibira nk'uko abategetsi n'abaturage babitangaje. Umutwe wa RED-Tabara urwanya ubutegetsi mu Burundi ni wo wigambye icyo gitero. Agace kagabweho igitero mu Burundi
imikino-52549062
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-52549062
Abakinnyi ba Barcelona bagiye gupimwa Covid-19 mbere yo gusubira mu myitozo
Abakinnyi ba Barcelona bazapimwa Covid-19 ejo ku wa gatatu ku kibuga cy'imyitozo cy'iyi kipe, mbere yuko batangira imyitozo buri umwe ku giti cye "mu minsi iri imbere".
Barcelona ni yo iyoboye urutonde rw'agateganyo rwa La Liga, irusha amanota abiri Real Madrid Amakipe yo mu cyiciro cya mbere muri Espagne - La Liga - yahawe uruhushya rwo gusubira mu myitozo muri iki cyumweru nyuma yaho leta idohoreye ingamba zimwe na zimwe. Barça ivuga ko shampiyona "yahaye uruhushya" iryo pimwa nyuma yo kugenzura ibikoresho biri ku kibuga cyayo cy'imyitozo. Abategura imikino ya shampiyona ya La Liga bari gushaka ko imikino y'uyu mwaka yongera gutangira mu kwezi gutaha kwa gatandatu. Abakinnyi bo mu byiciro bibiri bya mbere - icya mbere n'icya kabiri - bazajya bitoza buri umwe ku giti cye. Ni nyuma y'amasezerano hagati y'urwego rw'imikino n'urwego rw'ubuvuzi muri Espagne atuma habaho kubungabunga ubuzima bw'abakinnyi n'abayobozi b'amakipe. Mu kwezi kwa gatatu nibwo umupira w'amaguru muri Espagne wahagaritswe mu gihe bitazwi igihe kizarangirira, kubera icyorezo cya coronavirus. Kandi abakinnyi bose bagomba gupimwa mbere yuko basubira ku bibuga by'imyitozo. La Liga yafashe ingamba zisesuye zo gutuma imyitozo yongera gukorwa ariko mu buryo bukurikije amabwiriza y'inzego z'ubuvuzi. Zimwe muri zo ni nko gutangira buri mukinnyi yitoza wenyine, nyuma agashyirwa mu itsinda rito, kugeza noneho igihe nyuma yaho ikipe yose izitoreza hamwe. Itangazo rya La Liga rigira riti: "Izi ngamba zizamara igihe kigera hafi ku byumweru bine bigabanyije mu byiciro, aho muri buri cyiciro hazubahirizwa ingamba zo kwirinda ubwandu zashyizweho na leta". Hasigaye iminsi 11 y'imikino ngo shampiyona ya La Liga y'uyu mwaka irangire. Kugeza ubu Barcelona ni yo iyoboye urutonde rw'agateganyo rwa shampiyona n'amanota 58. Ikurikiwe na Real Madrid ifite 56.
amakuru-46797537
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46797537
Zambia yategetse ikompanyi ikora ikinyobwa congereza inguvu kuba irahagaritse ibikorwa
Abategetsi ba Zambia bategetse ishirahamwe ryo muri ico gihugu guhagarika guhingura ikinyobwa congereza inguvu bivugwa ko gituma umugabo yakinyoye aguma abarutswe (erection) umwanya muremure.
Ico kinyobwa gikorwa n'ishirahamwe rya Revin Zambia Limited, riri i Ndola mu buraruko bw'ico gihugu Iyo ngingo ifashwe inyuma y'aho ibiro vya Uganda bijejwe kuraba ko ibidandazwa bikwije ibisabwa (UBS) bivugiye mw'ikete ryo kw'itariki 4 z'ukwezi kwa mbere ko vyapimye icupa rya Natural Power SX, inyuma y'aho uwakinyoye yidogeye ko yabize intuguta aguma anabarutswe amasaha yababa atandatu. UBS yavuze ko muri ico kinyobwa harimwo umuti witwa slidenafil citrate ukoreshwa mu kuvura umuntu afise ingorane yo kubarukwa (impuissance). Ico kinyobwa gikorwa n'ishirahamwe rya Revin Zambia Limited, riri i Ndola mu buraruko bw'ico gihugu. Umukuru w'iyo kompanyi Vikas Kapoor, yabwiye BBC Newsday ko uko abizi ico kinyobwa kitagiramwo umuti n'umwe. Mw'itangazo ryashizweko umukono n'impande zose, ikigo kijejwe kugenzura imiti, akarere ka Ndola hamwe n'igisata ca Zambia kijejwe kuraba ko ibidandazwa bikwije ibisabwa, bavuze ko batanguje amatohoza kandi ko bazomenyesha abanyagihugu ivyavuyemwo. Iryo tangazo rivuga riti "Ibiva muri ayo matohoza bizomenyeshwa abanyagihugu vuba bishoboka igihe ibipimo bizoba bimaze kumenyekana." Muri Uganda abategetsi batanguye gufata ivyo binyobwa.
amakuru-45433015
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-45433015
Leta ya Uganda yatangaje ko ibirego bw'iyicarubozo bya Depite Bobi Wine "nta gihamya bifite"
Leta ya Uganda yavuze ko ibirego by'iyicarubozo bya Depite Bobi Wine - umuhanzi wahindutse umunyapolitiki - "nta gihamya bifite" kandi "bitumvikana."
Mu gihe cyashize, Perezida Yoweri Kaguta Museveni wa Uganda yavuze ko ibyo birego by'iyicarubozo ari "inkuru z'ibihuha" Wine - ubundi izina rye ry'ukuri rikaba ari Robert Kyagulanyi - avuga ko yakorewe iyicarubozo ubwo yari afunzwe n'inzego z'umutekano za Uganda. Aregwa ibirego by'ubugambanyi - ibirego ahakana. Itangazo rya leta ya Uganda rivuga ko uwunganira mu mategeko Depite Wine "ari gukoresha amayeri yo kurangaza mu rwego rwo kumvikanisha ibirego bica igikuba, nubwo bwose bidafite gihamya, by'iyicarubozo." Iri tangazo rya leta ya Uganda rihamagarira Wine kujyana ibirego bye mu rukiko aho bishobora "gukorwaho iperereza rinyuze mu mucyo." Kuri ubu ari muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika aho yagiye kwivuriza ibikomere avuga ko yagiriye aho yari afungiye.
150213_hrt_cancer
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru/2015/02/150213_hrt_cancer
Imiti ya menopause ngo ishobora gutera cancer?
Abashakasahatsi bo kuri kaminuza ya Oxford basuzumye ibimenyetso batororokanije hirya no hino kw'isi, ku bagore bafata iyo miti ya menopause.
Umugore akuze Abo bashakashatsi basanze ku bagore 1000 bamaze imyaka itanu bafata imiti yo kugabanya ingaruka za menopause kuva ku myaka 50 y'amavuka, hiyongerako umwe ku bashobora kurwara cancer yo muri ovaire. Abo bashakashatsi basanze kandi iyo miti ihagaritswe, ivyago vyo gushobora gufatwa n'iyo cancer biragabanuka. Iyo miti bita HRT ifatwa n'abagore bageze mu myaka yo guca invyaro, baba bifuza kugabanya ingaruka baterwa n'igabanuka ry'imisemburo y'ubugore canke hormones, rishobora kubangamira ubuzima bwabo bwa minsi yose. Vyari bisanzwe bimaze kumenyekana ko iyo miti ya HRT ifitaniye isano no kwiyongera kw'ivyago vyo kwandura cancer yo mw'ibere.
amakuru-38768062
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-38768062
Al-Shabab yateye ikambi ya gisirikare ya Kenya muri Somalia
Umuhari wa Al-Shabab wavuze ko wateye ikambi ya gisirikare ya Kenya mu gihugu ca Somalia aho izo ngabo ziriko zirafanya n'abandi basirikare ba Amisom kugwanya uwo muhari.
al-Shabab iri mu ntambara na reta ishigikiwe n'amakungu Abo bagwanyi bavuga ko bishe abasirikare benshi muri ico gitero mw'ikambi ya Kulbiyow mu bumanuko bwa Somalia hagufi y'urubibe rw'ico gihugu na Kenya. "Mujahideen (abagwanyi) babiri batwaye amamodoka arimwo amabombe bayaturikiriza ku muryango w'iyo kambi yo mu gisagara ca Kulbiyow imbere y'uko abo bagwanyi binjira muri iyo kambi. Inyuma y'intambara ikomeye twashoboye gufata iyo kambi,"nk'uko umwe mu bavugizi ba al-Shabab, Sheikh Abdiasis Abu Musab yabibwiye Reuters. Uwo muvugizi avuga ko uwo muhari wishe abasirikare barenga 50 baca batwara imodoka n'inkoho vy'abo basirikare, inkuru umuvugizi w'igisirikare wa Kenya yahakanye. Col Paul Njuguna yabwiye Reuters: "Ni ububeshi. intambara ziracabandanya. Tubandanya kuronka ubutumwa." Al-Shabab ihanganye na reta ishigikiwe n'amakungu. Abasirikare ba Kenya hamwe n'abasirikare bo mu gihugu ca Djibouti, Uganda, Burundi na Ethiopia bari muri Amisom bafasha iyo reta ifise icicaro i Mogadishu kugwanya uwo muhari wa al-Shabab. Mu kwezi kwa mbere umwaka uheze, abo bagwanyi barateye ikambi y'abasirikare i el-Adde bica abasirikare benshi. Al-Shabab yavuze ko yishe abasirikare barenga 100, mu gihe igisirikare ca Kenya kitigeze kimenyesha igitigiri c'abasirikare bahasize ubuzima gushika ubu.
amakuru-47758440
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47758440
Umwana wo muri Portugali yavutse ku mugore ufite ubwonko bwari bumaze amezi atatu bupfuye
Hari kuba imihango yo gushyingura umugore w'imyaka 26 y'amavuko wabyaye umwana w'umuhungu ku wa kane w'iki cyumweru nubwo bwose ubwonko bwe bwari bwaratangajwe ko bwapfuye guhera mu kwezi kwa cumi na kabiri k'umwaka ushize wa 2018.
Uyu mwana yavutse afite ibibazo byo guhumeka, ariko biteganyijwe ko azemererwa gusezererwa mu bitaro mu byumweru bitatu biri imbere (ifoto yo mu bubiko) Umukinnyi mpuzamahanga Catarina Sequeira yatangajwe ko ubwonko bwe bwapfuye nyuma yo kurwara indwara yo mu myanya y'ubuhumekero ya asima (asthma) y'igikatu. Uyu mwana wiswe Salvador, yavutse ubwo inda ya nyina yari imaze ibyumweru 32. Ubu ari kwitabwaho mu bitaro byita ku bana. Abaye uwa kabiri ugaragaye muri Portugali uvutse ku mubyeyi ufite ubwonko bwamaze gupfa. Sequeira, wari intyoza mu gusiganwa mu bwato akaba yaranahagarariye igihugu cye mu marushanwa mpuzamahanga, yagize ikibazo cya asima kuva akiri umwana muto. Amaze ibyumweru 19 atwite, yagize ikibazo gikomeye cy'asima nuko ashyirwa muri koma (coma). Ariko amakuru avuga ko yakomeje kumererwa nabi, nuko hashize iminsi - ku itariki ya 26 y'ukwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka ushize wa 2018 - atangazwa ko ubwonko bwe bwapfuye. Mu gihe cy'iminsi 56, yashyizweho icyuma cyongera umwuka ngo gifashe umwana we wari ukiri mu nda kugira ngo akomeza kubaho. Yavutse gute? Abaganga bavuze ko bashakaga gutegereza kugeza ku munsi w'ejo ku wa gatanu ubwo uwo mugore yari kuba yujuje ibyumweru 32 atwite, ariko imyanya y'ubuhumekero ye irushaho kugira ibibazo, bituma bihutisha kumubaga (césarienne) babishyira ku wa kane. Abategetsi b'ibitaro bavuga ko ibyumweru 32 bifatwa nk'igihe umwana aba afite amahirwe menshi cyane yo kubaho. Filipe Almeida, ukuriye akanama k'imyitwarire muri ibyo bitaro, yasobanuye ko icyemezo cyo kugumisha uwo mwana mu nda ya nyina cyafashwe ku bwumvikane n'umuryango we kandi kubera ko uwo mugore atari yarigeze yikura mu buryo busanzwe bwo gutanga ingingo z'umubiri buteganywa n'itegeko ry'iki gihugu. Yabwiye urubuga rwo kuri interineti Observador ati: "Gutanga urugingo rw'umubiri si ugutanga umwijima cyangwa umutima cyangwa igihaha gusa, ahubwo ni no kuba wakwitanga kugira ngo umwana abeho". Se w'uwo mwana yashaka ko uwo mwana avuka, ndetse n'abandi bo mu muryango we ni byo bashakaga. Maria de Fátima Branco, nyina w'uwo mugore Sequeira, yabwiye televiziyo ya Portugali ko yasezeye ku mukobwa we ku itariki ya 26 y'ukwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka ushize wa 2018. Yongeyeho ko icyemezo cyo gutuma uwo mwana akomeza kubaho cyafashwe kubera ko Bruno, se w'umwana, yahoraga ashaka kuba umubyeyi. Amakuru avuga ko uwo mwana yavutse apima ikilo kimwe n'amagarama 700, bikaba biteganyijwe ko aba agumye mu bitaro yitabwaho mu gihe cy'icyumweru bitatu. Mu mwaka wa 2016, undi mwana wiswe Lourenço, yavukiye i Lisbonne mu murwa mukuru wa Portugali nyuma yo kumara ibyumweru 15 mu nda ya nyina wari warapfuye.
amakuru-42886961
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-42886961
Arsenal yazanye Pierre-Emerick ku mahera itari bwatange
Arsenal yapfunditse amasezerano n'umukinyi w'imbere Pierre-Emerick Aubameyang avuye Borussia Dortmund ku mahera itari bwigere itanga imiliyoni 56 z'amapawundi.
Pierre-Emerick Aubameyang yinjije ibitsindo 21 mu nkino 24 mu mahiganwa yose ya Dortmund uno mwaka Arsenal yavuze ko uwo mukinyi yabaye uwa mbere mwiza ku mugabane wa Afrika mu 2015, yiyunze n'uwo mugwi "ku masezerano y'igihe kirekire". Aubameyang yinjije ibitsindo 141 ku nkino 213 muri Dortmund kuva mu 2013, harimwo 21 mu nkino 24 uno mwaka. Yarahagaritswe n'uwo mugwi wo mu Budagi inyuma y'urukino rwabahuje na Wolfsburg itariki 14 z'ukwezi kwa mbere yasivye inama. Ntiyakinishijwe mu rukino rwa Hertha Berlin ariko akina mu rukino rwabahuje na Freiburg aho banganije 2-2. Aubameyang yinjiye muri Dortmund avuye muri Saint-Etienne yo mu Bufaransa mu 2013. Igihe yari mw'ihiganwa rya Bundesliga, yarafashije umugwi gutwara igikombe mu 2017. Yaragenywe ka mukinyi mwiza wa Bundesliga mu mwaka w'i 2016. Amaze gukinira umugwi w'igihugu ca Gabon inkino 56, yinjiza ibitsindo 23.
amakuru-46671200
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46671200
Abapolisi barashe ivyuka bikoroza amosozi mu gihe imyiyerekano iriko irakwiragira hensi muri Sudani
Igipolisi co muri Sudani carashe ivyuka bikoroza amosozi mubari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta yakwiragiye mu gihugu cose.
Imyiyerekano imaze imisi itanu muri Sudani Abantu amajana n'amajana bugaye ibarabara riri iruhande y'ikibuga c'umupira w'amaguru ku mugwa mukuru Khartoum ku musi w'Imana imbere yo gushwiragizwa n'igipolisi. Abatavuga rumwe na reta bavuga ko abantu 22 bishwe kuva ku wa gatatu, ariko abari ku butegetsi bavuga ko abapfuye badashika abo. Iyo myiyerekano yadutse inyuma y'aho hadugorijwe igiciro c'umukate n'igitoro. Mu mwaka uheze, ibiciro vy'ibintu bimwe bimwe vyaragwijwe na kabiri, amahera arata agaciro, hanyuma ibintu bimwe bimwe birabura ku masoko yo mu bisagara harimwo n'umugwa mukuru Khartoum. Bashir - yahora kugendera mugenzi we wa Syria Assad mu ntango z'uku kwezi - yavuze ko azova ku butegetsi mu 2020 Umugwi w'abaganga na wo nyene wamenyesheje ko abawugize bagiye guhagarika akazi kuva kuri uyu wa mbere mu ntumbero yo kotsa igitutu prezida Omar al-Bashir.
amakuru-50100421
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50100421
Uzi aho Illuminati yavuye? Kuki iha imbaraga abayibamo?
Ese Jay-Z aba muri Illuminati? Donald Trump, Katty Perry na Beyoncé abo bose bivugwa ko baba cyangwa bashyigikiye Illuminati. Umuryango w'ibanga bivugwa ko urimo abantu bakomeye cyane kandi bagenzura abatuye isi.
Niba waba utaranumviseho Illuminati, birashoboka ko waba warabonye ibimenyetso bavuga ko ari ibyayo. Mpandeshatu (triangle), n'ijisho bita ko ribona byose riboneka mu noti y'idorari rimwe rya Amerika. Mu mashusho y'indirimbo zimwe na zimwe, imirongo imwe y'abahanzi igaruka kuri Illuminati. Nko mu ndirimbo S&M ya Rihanna bamwe bagaragaza aho yerekana ko ari umuntu ukomeye muri uwo muryango. Kuki abahanzi bakunda gusetsa bavuga Illuminati? Umunyamakuru akaba n'umwanditsi w'ibitabo David Bramwell avuga ko muri macye ari ugusetsa. Hari benshi ariko batwarwa kandi bakemera izi nkuru. Jay-Z ni umwe mu bahanzi bakomeye ku isi bivugwa ko bari muri Illuminati, nawe ntabihakana David Bwamwell ati: "Ndibuka igihuha cyakwiriye mu 1966 ko Paul McCartney wo mu itsinda rya Beatles [ryari rigezweho cyane icyo gihe] yapfuye mu mpanuka y'imodoka atashye. "Kandi ko yahise asimburwa n'umu-DJ wo muri Canada basa neza neza wahise yiga vuba kuririmba no gucuranga guitar nka Paul". David Bramwell avuga ko Paul McCartney ubwe atigeze ahakana icyo gitekerezo. Kimwe na McCartney, Jay-Z, Beyoncé cyangwa Rihanna n'abandi, nabo ngo ntibajya bahakana ibyo bivugwa. Illuminati ni umuryango ugenzura isi mu ibanga? Illuminati, ubundi, wari umuryango w'ibanga koko wo muri leta ya Bavaria mu Budage mu kinyejana cya 18. Abawugize barwanyaga imigenzo yose, amategeko y'amadini ndetse n'ubutegetsi bw'igihugu. Banditse igitabo cy'itegeko ryabo ko intego yabo ari uguhagarika ibikorwa byose bibangamiye abantu, bakabaho nta kibagenga cyangwa kibagenzura. Ibiranga Illuminati bavuga bamwe babyishushanyijeho Ntabwo babigezeho, kandi uwo muryango wabo ntaho uhuriye na Illuminati ivugwa uyu munsi nk'uko David Bramwell abivuga. Igitekerezo cyayo kiriho ubu ni uko hari abemeza ko urugomo (violence) n'ituze byose ari bimwe. Bamwe mu babyemeraga batyo ni abitwa 'Discordian movement', bashinzwe mu 1965 mu biro by'ubutegetsi muri leta ya Texas muri Amerika. Greg Hill na Kerry Thornley, abahungu babiri bigaga kaminuza, bakoze inyandiko zo gushinga uwo muryango wabo mu buryo bwemewe. Iyo nyandiko ishimangira ingingo ko "urugomo narwo ari ingenzi kimwe n'ituze". Mu myaka ya 1960 na 70, iyo myumvire yarakwirakwiriye mu banyeshuri kuko gukwiza ibihuha n'amakuru atari yo byihutaga. Iyo ntego ariko bariya bahungu bombi baje kuyihakana. Umudage w'umuhanga muri filozofiya Johann Adam Weishaupt ni we wari warashinze umuryango wa Illuminati Bramwell avuga ko aba bahungu bombi biyemeje kwandika igitabo kirimo ibyo bitekerezo byose bacyita "igitabo cy'aba-illuminati" Bo batekerezaga ko byaba ari ibintu bishimishije gukwirakwiza urugomo n'amakuru y'ibinyoma ku bushake ku kitwa Illuminati, kandi babigezeho bandika inkuru zinyuranye bagaha ibinyamakuru. Bandikaga inyandiko nyinshi bitiriye abantu batabaho, bavuga ko Illuminati atari ukuri cyangwa ari ukuri cyangwa hari abayishidikanyaho. Icy'ingenzi kuri bo cyari uko icyo kiganiro kuri Illuminati buri wese yagombaga gukomeza kwibaza ikibazo ngo 'ese koko Illuminati iriho?' Igitekerezo cyakwiriye hose ku isi, igitabo banditse kandi cyarimo ibibazo bimwe nka 'Ni inde warashe John F.Kennedy?' Nubwo byinshi mu bitekerezo biri mu gitabo cyabo ari ibinyoma, byivangavanze n'amakuru amwe y'ukuri bituma hari ababyemera byose. Icyo gitabo cyarakunzwe cyane ku buryo cyageze aho gikinwamo amakinamico na cinema. Icyo gitabo n'izindi nyandiko bandikaga byinshi ubu ntibiboneka kuri Internet, ariko ibihuha kuri Illuminati byakomeje gukwirakwira uko abantu babiganira bamwe bakabyemera abandi bakabitangira ibimenyetso. Gusa amaherezo n'ubundi umwanzuro ni uwawe, kwemera niba Illuminati ibaho cyangwa itabaho.
amakuru-56717302
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56717302
US: Imigumiko inyuma y'aho umuporisi yiciye umwirabure Daunte Wright hafi ya Minneapolis
Igiporisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi gihagarika uruja n'uruza mw'ijoro kugira gicureshe imigumuko yadutse inyuma y'aho umuporisi arasiye umwirabure mu gisagara ca Brooklyn Center, hafi ya Minneapolis muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Abantu baharurwa mu majana bariyegeranije mw'ijoro ryo ku wa Mungu bakora imyiyerekano Umuryango w'uyu musore yagandaguwe uvuga ko azwi kw'izina rya Daunte Wright, akaba afise imyaka 20. Umukuru w'igisagara ca Brooklyn Center yaciye afata ingingo yo kubuza uruja n'uruza mu gisagara cose mu masaha y'ijoro gushika isaha cumi na zibiri z'agatondo mu masaha yo muri ako karere, asaba abanyagihugu "gutaha muhira ku mutekano wabo". Hari icuka kibi cane muri Minneapolis mu gihe urubanza rw'uwahoze ari umupolisi yagirizwa kwica George Floyd rubandanya. Buramatari wa Minnesota, Tim Walz avuga ko ariko arakurikiranira hafi ingene ibintu bimeze, yongera asengera umuryango wa Wright. None ibintu bimeze gute aho vyabereye? Ejo ku wa Mungu, abantu baharurwa mu majana bagenda baririmba izina rya Daunte Wright baciye biyegeranya hanze y'ibiro vy'igiporisi mu gisagara ca Brooklyn Center, ku birometero bike uvuye hagati mu gisagara ca Minneapolis uja mu buraruko. Icuka kibi cadutse igihe igiporisi cashirako umwambaro wo mu gihe co kurwanya imigumuko n'igihe imodoka zibiri zashika zigaca ziterwa amabuye, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters. Abari muri iyo myiyerekano banditse ivyandiko hasi n'ingwa bongera batsa n'amabuji, ariko igiporisi mu nyuma kikaba cabategetse kuvaho, ireresi ikerekana abo baporisi bariko batera vya vyuka bikoroza amosozi n'ama grenades yo gushwiragiza abari mu myiyerekano. Ibinyamakuru bikorera muri ako karere bivuga ko habaye n'ibikorwa vyo gusahura mu turere tutari duke, Mike Elliott arongoye igisagara ca Brooklyn Center agaca atangaza ingingo yo kubuza uruja n'uruza aciye ku rubuga rwa Twitter. Yanditse ati: "Dushaka ko umutekano w'abantu bose wubahirizwa. Ndasavye ko mwese muba mu mutekano kandi ndasavye ko mutaha muhira". Abari mu myiyerekano bariyegeranije imbere y'ibiro vy'igiporisi i Brooklyn Center, baririmba izina rya Daunte Wright Bamwe mu basirikare b'igihugu ba (Minnesota National Guard) bari basanzwe bararungitswe gucungera urubanza rwa Derek Chauvin yagirizwa urupfu rwa George Floyd, barungitswe mu gisagara ca Brooklyn Center. Brooklyn Center yugaye inyubakwa z'amashure yose ihagarika n'ivyigwa hamwe n'ibindi bikorwa kuri ayo mashure kuri uno wa mbere, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru bikorera muri ako karere. None ni ibiki vyashikiye Daunte Wright neza na neza? Mw'itangazo casohoye, igiporisi ca Brooklyn Center kivuga ko cahagaritse umugabo yari yarenze amategeko y'ibarabara ku muhingamo w'ejo ku wa Mungu, kandi ko yari asanzwe afise umutahe wo kumuhagarika. Igiporisi kivuga ko abaporisi bagerageje kumuhagarika yaciye asibimra mu modoka. Niho umwe mu baporisi yaca amurasa, ariko abandanya anyonga imodokari yiwe agenda aca ku zindi, imbere y'uko ayita ku yindi modoka. Mu nyuma niho yatangazwa ko yapfuye. Umugore yari muri iyo modoka yakomeretse buke buke. Igiporisi kivuga ko abo baporisi bari bambaye bafise camera zabo kandi ko na kamera y'imodoka nayo nyene yariko irakora. Nyina wiwe Katie avuga kpo umuhungu wiwe yamuhagamaye igihe imodoka yiwe yahagarikwa akamubwira ko yahagaritswe kubera "ibimotesho vyari kuri retroviseur". Avuga ko mu nyuma yumvise uruhagarara terefone ica iracika. "Haciye umunota, nahamagaye hanyuma umukunzi wiwe bari kumwe muri iyo modoka aca avuga ko yarashwe....umuhungu wanje yari aryamye hasi yapfuye". Avuga ko abo baporisi basize ikiziga c'umuhungu wiwe kiryamye hasi, yongerako ati: "Nta n'umwe azotubwira na kimwe. Nta n'umwe azotuvugisha...navuze nti ndabasavye mukure ikiziga c'umuhungu wanje hasi". Umukuru w'igisagara Elliott yavuze ko ivyabaye ari "agahomerabunwa", buramatari Walz nawe ati : "Reta yacu iragandariye uwundi mwirabure yishwe n'abajejwe kwubahiriza umutekano". Hari icuka kibi mu gihe harindiriwe kumenya ingene urubanza rw'uwagirizwa kwica George Floyd rwagenze, iyo modoka y'igiporisi yononekariye i Brooklyn Center Igisagara ca Minneapolis gisanzwe kirangwamwo icuka kibi inyuma y'urupfu rwa wa mwirabure George Floyd rwatumye haduka imyiyerekano mu gihugu,, ahanini yakozwe mu mahoro n'aho hari ahandi yabayemwo imigumuko, inyubakwa zimwe zimwe zirononekara.
amakuru-42903010
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-42903010
West Ham yahagaritse uwugena abakinyi muri iyo kipe
Umugwi wa Premier League mu Bwongereza, West Ham, wahagaritse mu mabanga vy'agateganyo umuyobozi ajejwe kugena abakinyi, Tony Henry, ku bivugwa ko umugwi utazosubira kugura abakinyi b'Abanyafrika.
West Ham ifise amanota ane imbere y'imigwi itatu ya nyuma yoca ija mw'ihiganwa ryo munsi Ikinyamakuru Daily Mail cavuze ko Henry yavuze ko abakinyi baturuka muri Afrika "batera akajagari" iyo badashizwe ku rutonde rw'abakina. Mw'itangazo, West Ham ivuga ko itazokwihanganira uburyo ubwaribwo bwose bw'ivangura ko "kurivyo ko yafashe ingingo uravye ubukomezi bw'ibirego". Henry yahagaritswe mu kurindira ikiva "mw'itohoza rirambuye". Iryo tangazo ribandanya rivuga riti: "Umuryango wa West Ham United ujamwo abantu bose, ata kuraba igitsina, imyaka, ububangutsi, urukoba, idini canke aho umuntu ahagaze ku vy'amabanga mpuzabitsina. "Umuntu wese ategerezwa kwiyumva ko yakiriwe neza kandi ko ari mu muryango. Nta yandi majambo umugwi uzoshikiriza gushika itohoza rirangire." Nta vangura Uwo mugwi uvuga ko abakozi bose bamenyerezwa ata nkunzi, uko batandukanye kwose, ataho umuntu ahengamiye. West Ham ifise abakinyi batandatu bafise amamuko yo muri Afrika: Cheikhou Kouyate, Pedro Obiang, Joao Mario, Angelo Ogbonna, Arthur Masuaku na Edimilson Fernandes. Umukinyi w'imbere aturuka muri Senegal, Diafra Sakho, yavuye muri uwo mugwi muri uku kwezi kwa mbere kwaraye guheze mu gihe c'isoko ry'abakinyi aja muri Rennes, umunya Ghana Andre Ayew nawe aja muri Swansea. West Ham iri mu kibanza ca 12 mw'ihiganwa Premier League, amanota ane gusa imbere y'imigwi yoca ija mw'ihiganwa ryo munsi (relegation zone).
amakuru-54655690
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54655690
Nagorno-Karabakh: Putin avuga ko abagera hafi ku 5,000 bamaze gupfira mu mirwano
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yavuze ko abantu bagera hafi ku 5,000 bamaze kwicirwa mu ntambara y'ingabo za Armenia n'iza Azerbaijan zipfa akarere ka Nagorno-Karabakh.
Abasirikare ba Armenia mu mirwano mu karere ka Nagorno-Karabakh Uwo mubare uri hejuru cyane ugereranyije n'uwatangajwe n'impande zombi. Bwana Putin yavuze ko buri munsi avugana n'impande zombi inshuro nyinshi, kandi ko nta ruhande azabogamiraho muri iyi ntambara. Yavuze ko Uburusiya butemeranya na Turukiya - ishyigikiye Azerbaijan - kuri iyo mirwano. Yanasabye Leta Zunze Ubumwe z'Amerika gufasha mu gushaka amahoro muri ako karere. Armenia na Azerbaijan bishinjanya kurenga ku masezerano y'agahenge agamije kwita ku mbabare mu karere ka Nagorno-Karabakh. Imirwano yongeye kubura mu kwezi gushize muri ako karere, kemewe ku rwego mpuzamahanga nk'akarere ka Azerbaijan ariko gategekwa n'abo mu bwoko bw'abanya-Armenia. Ni yo mirwano ya mbere ikaze ibayeho muri aka karere kuva harangira intambara yamaze imyaka itandatu yasojwe n'agahenge mu mwaka wa 1994. Putin yavuze iki nyirizina? Uburusiya bufitanye umubano mu bya gisirikare na Armenia ndetse bufite ikigo cya gisikare muri icyo gihugu. Ariko bunafitanye umubano wa hafi na Azerbaijan. Mu nama yanyuze kuri televiziyo, Perezida Putin yagize ati: "Hari abapfuye benshi ku mpande zombi, barenga 2,000 kuri buri ruhande". Yongeyeho ko umubare w'abapfuye "uri hafi kugera ku 5,000". Uyu ni umubare uri hejuru cyane ugereranyije n'amagereranya yabanje, umubare uheruka gutangazwa n'abategetsi bavugaga ko abapfuye bari munsi ya 1,000. Putin avuga ko nta ruhande azabogamiraho muri iyi ntambara Abategetsi b'akarere ka Nagorno-Karabakh bavuze ko abasirikare babo 874 n'abaturage b'abasivile 37 bapfuye kuva ku itariki ya 27 y'ukwa cyenda. Azerbaijan ivuga ko abaturage bayo 61 bamaze kwicwa, ariko ntiyatangaje umubare w'abasirikare bayo bapfuye. Bwana Putin yongeyeho ko "ahora" avugana na Minisitiri w'intebe wa Armenia Nikol Pashinyan na Perezida Ilham Aliyev wa Azerbaijan kandi ko nta ruhande azabogamiraho. Yagize ati: "Mvugana nabo kuri telefone inshuro nyinshi ku munsi". Bwana Putin yavuze ko atemeranya na Turukiya kuri iyi mirwano. Yongeyeho ko nubwo Perezida Recep Tayyip Erdogan "ashobora kugaragara nk'umunyamahane, ariko ni umunyapolitike wumvikana kandi ukorana n'Uburusiya wo kwizerwa". Turukiya yasezeranyije kohereza abasirikare no gufasha Azerbaijan mu bya gisirikare niramuka ibisabwe. Iyi ni yo mirwano ya mbere ikaze ibayeho hagati y'impande zombi kuva mu 1994 Bwana Putin yasabye Amerika "gukorera hamwe" n'Uburusiya mu kurangiza iyi mirwano. Biteganyijwe ko kuri uyu wa gatanu haba ibiganiro hagati ya Armenia na Azerbaijan i Washington, aho umunyamabanga wa leta ya Amerika Mike Pompeo ahura na ba minisitiri b'ububanyi n'amahanga b'ibihugu byombi. Amerika, Uburusiya n'Ubufaransa bifasha mu kuyobora itsinda ry'ubuhuza bw'ikigo OSCE Minsk Group, cyasabye ko habaho agahenge.
amakuru-50960050
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50960050
Angola: urukiko rwategetse ifatirwa ry'imitungo ya Isabel dos Santos, umukobwa w'uwahoze ari perezida
Urukiko muri Angola rwategetse ifatirwa ry'imitungo na konti za banki by'umukobwa w'uwahoze ari perezida wa Angola, José Eduardo dos Santos.
Isabel dos Santos w'imyaka 46, ubu aba mu mahanga Icyemezo cy'ifatirwa ry'iyi mitungo ni imwe mu ngamba zo kurwanya ruswa muri iki gihugu gikungahaye kuri peteroli. Ubutegetsi bwa perezida Joao Lourenço buri gushaka kugaruza akayabo ka miliyari y'amadolari (1.000.000.000) guverinoma ivuga ko umukobwa wa Bwana dos Santos, Isabel dos Santos n'abo bakorana bayifitiye. Yamye ahakana ibyo aregwa kuva se akiri ku butegetsi. Madamu Dos Santos ukunze kugugwa ko ari we mugore ukize ku mugabane wa Afurika, ikinyamakuru cyibanda ku by'imari, Forbes kigereraywa ko afite umutungo ungana na miliyari ebyiri na miliyoni magana abiri z'amadolari (2.200.000.000). Uyu mugore w'imyaka 46 y'amavuko, atuye mu mahanga, avuga ko yavuye muri Angola kubera ko ubuzima bwe bwari bwugarijwe. Afite ikigo gikomeye gifite imigabane mu bigo by'ubucuruzi muri Angola no muri Portigal aho ahifte n'imigabane mu kigo cya televiziyo Nos SGPS. Itangazamakuru rya leta rivuga ko urukiko rwategetse ifungwa rya konti za Madamu dos Santos n'ifatirwa ry'imigabane y'umutungo we mu bigo byo mu gihugu birimo nk'ikigo cy'ituymanaho gikomeye kitwa Unitel na bank Fomento de Angola (BFA). Mu butumwa yacishije ku rubuga nkoranyambaga rwa Twitter, Madamu Dos Santos ntiyavuze ku buryo butaziguye icyemezo cy'urukiko, ariko yavuze ko ngo "inzira ni ndende, ukuri kuzatsinda". Madamu Dos Santos yagize umwanya ukomeye cyane muri 2016 igihe se yamugiraga umuyobozi w'ikigo cya leta cya peteroli, Sonangol. Yirukanwe kuri uwo mwanya mu 2017 na perezida Lourenço, wanatoranyijwe na se wa Isabel kumusimbura ku butegetsi. Musaza we José Filomeno dos Santos ari mu rubanza rubera muri Angola, aregwa ibyaha bya ruswa. Ubushinjacyaha buvuga ko we n'abo baregwanwa bafashije kurigisa miliyoni 500 z'amadolari ya leta igihe Bwana Filomeno yari umuyobozi w'ikigo cya leta Sovereign Wealth Fund. Baburana bahakana ibyo bashinjwa.
48513451
https://www.bbc.com/gahuza/48513451
Bwa mbere ku irayidi Mufti w’u Rwanda yavuze ku butumwa bwa Vaticani
Mu nyigisho y'isengesho ribanziriza uyu munsi w'irayidi, Mufti w'u Rwanda yabwiye abaryitabiriye ku butumwa bohererejwe n'ubuyobozi bwa Kiliziya Gatolika i Vaticani.
Mufti w'u Rwanda Sheikh Salim Hitimana Mu ntangiriro z'igisibo gitagatifu cy'abayisilamu, umuyobozi w'inama ya Papa ishinzwe ibiganiro n'andi madini - yashyizweho n'umushumba wa Kiliziya Gatolika ku isi - yandikiye ibaruwa imiryango ya kisilamu ku isi ibabwira ko yifatanyije na bo muri iki gisibo. Ibaruwa y'iyi nama y'i Vaticani - BBC yabonye - ikubiyemo ubutumwa busaba ubufatanye, koroherana, guha abantu ubwisanzure mu guhitamo, ubwisanzure mu bitekerezo no kubitanga. Igira iti: "Kugira ngo abakristu n'abayisiramu - nk'abavandimwe - dukorere hamwe tugana ku cyiza". Mu nyigisho ya none kuri sitade ya Kigali, Mufti w'u Rwanda, Sheikh Salim Hitimana, yashimye iby'ubu butumwa bwa Vaticani busaba ubworoherane no kubana mu mahoro kw'abadahuje ukwemera. Ni ubwa mbere mu isengesho ry'umunsi nk'uyu w'irayidi i Kigali bari bagarutse ku butumwa bwa Kiliziya Gatolika. Nyuma y'isengesho, Mufti w'u Rwanda yabwiye BBC ati: "Mu byo navuze harimo ibyo nakuye muri ubu butumwa bwa nyirubutungane Papa bugendereye gusaba amadini atandukanye gufasha isi n'abantu kubona ituze no gusenga Imana batekanye". Abayisiramu bitabiriye isengesho ry'irayidi nubwo hagwaga imvura i Kigali Mu butumwa bwanditse, Zubel Sebarashi, umuyisiramu witabiriye iri sengesho i Kigali, yabwiye BBC ko we yatunguwe no kumva Mufti yigisha ku butumwa bwa Vaticani kuko ari ubwa mbere yari abibonye. Avuga ati: "Natunguwe, amadini ndabona bashaka kuzayahuza akaba rimwe". Musenyeri Antoine Kambanda, umuyobozi wa Kiliziya Gatolika mu Rwanda, avuga ko intambwe Papa Francis yateye yo guhuza amadini akaganira, yafunguye amarembo bituma ubu aya madini ari kunoza umubano.
48517067
https://www.bbc.com/gahuza/48517067
Amerika n’Ubwongereza 'mu bufatanye isi itigeze ibona'
Mu kiganiro n'abanyamakuru, ari kumwe na Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza, Theresa May, Perezida Donald Trump yavuze ko igihugu cye n'Ubwongereza "bifitanye ubufatanye isi itigeze ibona".
Bwana Trump na Madamu May mu kiganiro n'abanyamakuru kuri uyu wa kabiri Muri ibi bihe, Amerika iri mu ntambara y'ubukungu n'Ubushinwa. Ubwongereza buri mu kibazo cy'uburyo buzava mu bumwe bw'Uburayi nk'uko abaturage batoreye. Muri iki kiganiro, Perezida Trump yavuze ko yizeye ko Ubwongereza nibumara kuva mu muryango w'ubumwe bw'Uburayi - nkuko na we ngo abyifuza - buzagirana amazerano akomeye y'ubucuruzi na Amerika. Mbere y'iki kiganiro, aba bategetsi babanje kugirana inama yihariye, baganira ku bibazo binyuranye birimo no gucuruzanya na kompanyi y'ikoranabuhanga yo mu Bushinwa ya Huawei. Bwana Trump yatangaje ko Amerika izagirana n'Ubwongereza amasezerano y'ubucuruzi akomeye cyane. Yavuze kandi ko Abongereza bakwiye gushimira umuhate wa Madamu May - watangaje ko azegura - mu gushyira mu ngiro ugushaka kw'Abongereza ko kuva mu bumwe bw'Uburayi. Abajijwe niba adashobora kuzisubiraho ku cyemezo cyo kwegura, Madamu May yagize ati: "Oya, ndi umugore w'ijambo". Uruzinduko 'rudakwiriye' Abigaragambya mu Bwongereza bamagana Perezida Trump Mu mujyi wa London, no mu bindi bice by'Ubwongereza nka Birmingham, Stoke, Glasgow, Edinburgh, Leicester, Oxford n'ahandi, habaye imyigaragambyo yo kwamagana uru ruzinduko. Mu kiganiro n'abanyamakuru, Perezida Trump we yavuze ko ahenshi we yabonye bamweretse urukundo, ko "yabonye abantu bacye cyane" bamagana urugendo rwe. Polisi yo ivuga ko yashyize ku kazi abapolisi 3000 kubera uru ruzinduko. Jeremy Corbyn, umukuru w'ishyaka rya Labour ritavuga rumwe n'ubutegetsi mu Bwongereza, n'abandi banyapolitiki bamwe bagiye mu myigaragambyo yamagana Perezida Trump. Bwana Corbyn yanze kwitabira ubutumire bwo gusangira kw'abayobozi muri uru ruzinduko. Yanenze uru ruzinduko avuga ko rudakwiriye kuko abona politiki ya Perezida Trump idaha inyungu Ubwongereza.
amakuru-46385146
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46385146
U Burundi bwatumye inama y'abakuru b'ibihugu b'umuryango EAC yunguruzwa
Inama y'abakuru b'ibihugu b'Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko (EAC) yabera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya yungururirije ibikorwa vyayo ku rindi sango inyuma yaho igihugu c'u Burundi cankiye kuyitaba.
Abategetsi b'Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko bari bitavye inama i Arusha ku tariki 30/11/2018 Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni ari nawe arongoye EAC uno mwaka yamenyesheje ko iyo nama yungururirijwe mu mpera z'Ukwezi kwa 12, we na bagenziwe ba Kenya na Tanzania barangije kwivuna umusase ku ngoro y'umukuru w'igihugu ca Tanzaniya i Arusha. Perezida Museveni yavuze ko bafashe iyo ngongo bisunze amategeko agenga uwo Muryango wa Afrika y'Ubuseruko. Yagize ati: "Dufashe ingingo yo kwunguruza inama y'uno munsi kubera uko umwe muri twebwe ataje uwo nawe akaba ari u Burundi. Twungururije iyo nama kw'itariki ya 27 Ukwezi kwa 12, 2018 igihe twese tuzoba ariho turi, kubera ko amasezerano ya Afrika y'Ubuseruko avuga ibintu bibiri, kimwe nuko dutegerezwa gukora inama imwe isanzwe ku mwaka ari nayo y'uno munsi. "Ariko kandi ingingo yose yofatwa aruko abanyamuryango bose baba bahari, kuri ivyo iyo umwe atariho ari si vyiza kubandanya, biba bigiye kubiri n'amasezerano". Uretse Perezida Museveni asanzwe arongoye umuryango muri kino gihe, umukuru w'igihugu ca Tanzaniya John Magufuli hamwe n'uwa Kenya, Uhuru Kenyatta nibo bandi bategetsi bo hejuru bari bitavye. Igihugu c'u Rwanda cari caserukiwe n'umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Richard Sezibera yigeze kuba umunyamabanga mukuru wa EAC, igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko giserukigwa n'umushikiranganji w'ubudandaji Paul Aketch. Igihugu c'u Burundi catumye iyo nama yungururizwa ku rindi sango cari carasavye imbere y'igihe ko yokwungururizwa ku wundi munsi. Mw'ikete ubutegetsi bw'u Burundi bwarungikiye Perezida Yoweri Museveni bwavuze ko hari imvo butokwirengagiza zituma butokwitaba iyo nama.
amakuru-40593362
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40593362
Chuck Blazer, yahoze ari umutegetsi akomeye wa FIFA yapfuye afise imyaka 72
Umunyamerika yahoze ari umuntu akomeye mw'ishirahamwe FIFA, Chuck Blazer yapfuye afise imyaka 72 nk'uko bivugwa n'abamuburanira.
Blazer yabujijwe kuja mu bintu vyose biraba umupira w'amaguru ubuzima bwiwe bwse mu 2015 Blazer yabujijwe kuja mu bintu vyose biraba umupira w'amaguru ubuzima bwiwe bwose mu 2015, yari agwaye Cancer. Mu 2013, yaremeye icaha co kwakira ibiturire, kunyegeza amahera afise no kutariha ikori, kandi yemera gufasa mu matohoza yo kwerekana ivyerekeye igiturire mw'ishirahamwe Fifa. FIFA yaciye burundu Chuck Blazer Umwanya munini mu buzima bwiwe yawumaze arongoye yawumaze arongoye CONCACAF n'urwego rurongoye umupira w'amaguru muri Amerika. Inkuru Blazer yatanze zatumye uwahoze arongoye FIFA Sepp Blatter (hagati) ava muri ayo mabanga Inkuru yatanze zatumye hitwarirwa abantu 14 harimwo abakiri mw'ishirahamwe FIFA canke abaryirukanywemwo, akaba yaragize uruhara mw'iyirukanwa rya Sepp Blatter, yari arongoye iryo shirahamwe. "Turababajwe cane n'urupfu rw'uwo tuburanira akaba n'umugenzi, Chuck Blazer," ni ko itangazo ryatanzwe n'abamuburanira ryavuze. "Inyifato yiwe mbi, yemeye ku mugaragaro, ntikwiye gutuma hatibukwa uruhara nta ngere yagize mu mupira w'amaguru kw'isi." Uwo mutegetsi yagiye mu rwego rukuru rwa FIFA hagati ya 1997-2013, aho muri ico kiringo cose yakiriye imiliyoni n'imiliyoni z'amahera yabamwo nk'umuntu akomeye cane. Mu 2013, urwego rujejwe disipline muri CONCACAF rwavuze ko yakiriye imiliyoni zirenga 20.6 z'amadolari nk'igiturire avuye mu bikoresho canke atanzwe n'amashirahamwe hagati ya 1996 na 2011. Muvyo yayakoresha vy'ubwirasi, harimwo igorofa zibiri afise mu nyubakwa ya Trump Tower i New York, aho imwe irimwo inyabu ziwe.
amakuru-52969546
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52969546
Coronavirus: Magufuli yatangaje ko Covid-19 yashize muri Tanzania
Perezida John Pombe Magufuli wa Tanzania yatangaje ko iki gihugu "kitakirimo coronavirus" kubera amasengesho y'abaturage bacyo.
Perezida Magufuli yashimiye abaje gusenga kuko batambaye udupfukamunwa n'uturindantoki Mu rusengero mu mujyi wa Dodoma, Bwana Magufuli yabwiye abasenga ati:"Imana ishimwe ko icyorezo cya corona twagitsinze". Anabashimira ko nta dupfukamunwa n'uturindantoki bambaye. Ishami ry'umuryango w'abibumbye rishinzwe ubuzima ku isi (OMS/WHO) ryatangaje impungenge ritewe n'uburyo leta yitwara kuri iki cyorezo. Bwana Magufuli wakunze kuvuga ko iki cyorezo cyakabirijwe, yasabye abantu gukomeza kujya guterana mu nsengero n'imisigiti, ababwira ko "amasengesho azatsinda" iyi virus. Leta ya Tanzania yahagaritse gutangaza amakuru y'uko iki cyorezo gihagaze mu gihugu. Tariki 29 z'ukwezi kwa kane, umunsi Tanzania iheruka kuvuga amakuru kuri iki cyorezo, hari abayanduye 509 na 21 yishe. Gusa mu cyumweru gishize Bwana Magufuli yemeje ko mu bitaro byo muri Dar es Salaam hasigaye abarwayi bane gusa. Mu kwezi gushize, leta ya Tanzania yahakanye ibyavuzwe na ambasade ya Amerika ko muri Dar es Salaam hari "ibyango byinshi" byo kwandura iyi ndwara, kandi ibitaro byaho "byuzuriranye". Magufuli yavuze iki? Ejo ku cyumweru, yabwiye ikoraniro ry'abasenga i Dodoma ati: "Ndashaka gushimira abatanzania b'ukwemera gutandukanye. Tumaze igihe dusenga kandi twiyiriza kugira ngo Imana idukize icyorezo cyateye igihugu cyacu n'isi. Kandi Imana yaradusubije. "Nizeye, kandi nzi neza ko n'Abatanzania bizeye, ko icyorezo cya corona Imana yakivanyeho". Ibyo yavuze byarishimiwe cyane bikomerwa amashyi menshi. Bwana Magufuli yanashimiye abapadiri n'abaje gusenga ko nta dupfukamunwa n'uturindantoki bambaye ngo birinde iyo virus. Ibindi yavuze ni ibiki? Kuwa gatanu ushize, nabwo yavuze nk'ibi mu nama n'abarimu, aho yavuze ko "corona yarangiye". Yagize ati: "Minisitiri w'ubuzima yabwiye ko dusigaranye abarwayi bane muri Dar es Salaam nyamara ibi ntibizahagarika ibihuha. "Tugomba kwitonda kuko zimwe muri izo mpano batanga zo kurwanya coronavirus zishobora gukoreshwa mu kuyikwirakwiza. "Ndashaka gusaba Abatanzania kwanga impano z'udupfukamunwa, ahubwo mubwire abadutanga bajye kudukoresha bo n'abagore babo n'abana babo". Perezida wa Tanzania ari mu bategetsi benshi ba Afurika batumije umuti wa Covid-Organic leta ya Madagascar ivuga ko uvura Covid-19. Ntabwo bizwi neza niba warahawe abarwayi muri Tanzania. Nta byemezo bya siyansi biremeza ko uwo muti uvura, OMS/WHO yakomeje gusaba abantu kwirinda gukoresha imiti itarapimwe. Abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Tanzania bagiye banenga Bwana Magufuli kugira politiki zimwe zishobora gushyira mu kaga ubuzima bw'abaturage ba Tanzania. Elisha Osati ukuriye ishyirahamwe ry'abaganga mu gihugu, mu kiganiro aheruka kugirana na BBC yashyigikiye guverinoma avuga ko ibitaro bikora nk'uko bisanzwe kandi benshi mu barwayi ba coronavirus bafite ibimenyetso byoroheje. Bwana Magufuli yashinje abashinzwe ubuzima mu gihugu gukabiriza icyorezo cya coronavirus. Yananeguye kandi ingamba zikomeye zafashwe n'ibihugu bituranyi mu kwirinda iki cyorezo.
amakuru-56061439
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56061439
Rwanda: 'Nibakomeza kunyangira, nzasohoka mu buryo butemewe' – Kizito Mihigo 01/2020
Muri videwo nshya yasohotse, umuhanzi Kizito Mihigo watangajwe ku itariki ya 17/2/2020 ko yapfiriye muri kasho ya polisi, avuga ko yashakaga guhunga kubera yumvaga nta mutekano afite mu Rwanda.
Kizito Mihigo mu kiganiro n'umunyamakuru Benedict Moran mu kwezi kwa mbere mu 2020 Muri iyo videwo Kizito agira ati: "Nibakomeza kunyangira, mbikubwiye hagati yanjye nawe, nta yandi mahitamo nzagira atari ukugerageza gusohoka mu buryo butemewe". Ni videwo iri mu rurimi rw'Igifaransa, yatangajwe n'ikinyamakuru Mail&Guardian cyo muri Afurika y'epfo, ikubiyemo ikiganiro bivugwa ko yagiranye n'umunyamakuru Benedict Moran. Ubwo Kizito yafatirwaga mu karere avukamo ka Nyaruguru hafi y'umupaka n'u Burundi, ubugenzacyaha bw'u Rwanda (RIB) bwamushinje ibyaha birimo "kwambuka umupaka mu buryo bunyuranyije n'amategeko na ruswa". Muri iyo videwo bitangazwa ko ari iyo mu kwezi kwa mbere mu 2020, Kizito avuga ko yari arambiwe imibereho yo gushyirwa mu kato n'ubutegetsi bw'u Rwanda. Avuga ko umwuga we nk'umuhanzi atari agishoboye kuwukora uko bikwiye - ingingo anagarukaho mu gitabo cyasohotse nyuma y'urupfu rwe, avugamo ko kimwe mu byari bisigaye bimubeshejeho ari ukwigisha abana umuziki. Mu mwaka ushize, polisi y'u Rwanda yabwiye BBC ko ibivugwa muri icyo gitabo "atari ukuri", ko ari "propaganda [amakuru ayobya] y'umwanditsi". Muri iyo videwo, Kizito akomeza agira ati: "Nahitamo kubaho nabi mu bibazo aho kubaho ntisanzuye imbere muri jyewe, aho gukora ibyo bashaka ariko numva muri jyewe ari nkaho ndi ku ngoyi...ntari jyewe nyakuri". "Intego yanjye si iyo gusingiza ubutegetsi. Akazi kanjye nk'umuhanzi w'umukristu, kandi iteka nakomeje kubivuga, ni ukuririmba ubutumwa bwomora, bukiza imitima yakomeretse, butanga icyizere, ariko bunizeza ubwiyunge nyabwo". "...ubwo ni ubutumwa bw'umuhanzi utagomba kugengwa n'ishyaka runaka rya politike cyangwa ikigo [runaka]". "Ariko ibyo ndimo kukubwira, birabujijwe hano. Ntabwo umuntu ashobora kugira ukwishyira akizana. Ntanze nk'urugero, ntabwo umuntu ashobora gukora akuye inganzo mu kwemera kwe kwa gikristu ngo atange ubutumwa bugenewe bose". Mu kwezi gushize, Minisitiri w'ubutabera Johnston Busingye yabwiye inama y'umuryango w'abibumbye izwi nka 'Universal Periodic Review' (UPR) ko mu burenganzira bwubahirijwe mu Rwanda harimo ubwo gutanga ibitekerezo. Kizito atanga urugero rw'indirimbo yasohoye mu kwezi kwa gatandatu mu 2019 akayitura Papa Francis ngo kubera ukuntu ashishikariza abemera bo mu madini atandukanye kugirana ibiganiro. Kubera iyo indirimbo, avuga ko hari abamubwiye ko "agiye kurebwa nabi kubera kuririmba Papa aho kuririmba Perezida". Kizito agira ati: "Barabimbwira kenshi bati 'uzongera gukora mu bwisanzure ari uko perezida akuvuzeho ijambo ryiza'". Mu 2018 Kizito yari yafunguwe hamwe n'abandi bagera ku 2,000 ku mbabazi za Perezida Paul Kagame, nyuma yo gukatirwa igifungo cy'imyaka 10 ahamwe n'ibyaha birimo ubugambanyi, iterabwoba no gushaka guhirika ubutegetsi. Mu gitabo cye avuga ko yahatiwe kubyemera ngo aticwa, kandi ko ngo izo mbabazi zari ikinamico kuko yari amaze amezi yarazibwiweho. Bijyanye n'izo mbabazi, ntiyari yemerewe kuva mu gihugu kandi yagombaga kwitaba polisi mu buryo buhoraho. Ati: "Ntekereza ko nzagerageza nkareba uko nsohoka mu gihugu, wenda nyuze mu gihugu duturanye. Ndabizi ko bigoye cyane nta byangombwa mfite, ariko iyo nta yandi mahitamo umuntu afite, nemera ko ari cyo gisubizo nzaba nsigaranye". "Ariko reka twizere ko mu minsi micye iri imbere, nzumva inkuru nziza ko ibisabwa byavuyeho, nkashobora wenda kongera gutembera". "Hari igihe nibaza niba mfite umutekano, kuko nta kintu na kimwe kimbwira ko aba bantu nta migambi mibisha bakimfitiye". Kizito Mihigo - wamenyekanye mu ndirimbo zikanguria abantu amahoro, ubwiyunge n'imbabazi - yapfuye afite imyaka 38, mu rupfu rutavugwaho rumwe. Ubushinjacyaha bw'u Rwanda bwanzuye ko yapfuye yiyahuye - ibihakanwa n'imiryango imwe iharanira uburengenzira bwa muntu n'itsinda ry'abavuga ko barokotse Jenoside yo mu Rwanda baba mu mahanga, basabye ko hakorwa iperereza ryigenga.
50848829
https://www.bbc.com/gahuza/50848829
Inteko yemeje kweguza Trump: Agiye kujya mu rubanza imbere ya Sena
Donald Trump abaye perezida wa gatatu mu matera ya Amerika, Inteko y'abadepite yemeje ko yakweguzwa, urubanza rumutegereje muri Sena akaba ari rwo ruzagena niba aguma mu biro bye.
Bwana Trump ashinjwa gukoresha nabi ububasha bwe no kubangamira inteko Abadepite batoye ku byaha bibiri aregwa - gukoresha nabi ububasha bwe no kubangamira inteko. Itora ryabaye rishingiye ahanini ku mashyaka, hafi abademokarate bose bamuhamije ibyaha, abarepubulikani bose nabo batora ko ari umwere. Mu gihe iri tora ryabaga mu nteko, Bwana Trump yari mu bikorwa bihuje imbaga i Michigan. Yabwiye abari aho ati: "Mu gihe turi guhanga imirimo turwanira Michigan, abahezanguni bo mu nteko bari kuribwa n'urwango n'umujinya, murabona ibyo barimo". Ibiro bya perezida wa Amerika byasohoye itangazo rivuga ko "perezida yizeye neza ko azagirwa umwere n'urubanza rwa sena". Ahagana saa mbiri n'igice z'ijoro ku isaha yabo (Saa cyenda n'igice z'iki gitondo mu Burundi no mu Rwanda) nibwo inteko yatoye. Itora ku cyaha cya mbere cyo gukoresha nabi ubutegetsi ryatowe ku majwi 230 kuri 197, itora rya kabiri ku cyaha cyo kubangamira inteko ryatowe ku majwi 229 kuri 198. Kweguzwa n'inteko bitumye Bwana Trump aba perezida wa gatatu wa Amerika bibayeho nyuma ya Andrew Johnson na Bill Clinton - ibi bizashimangirwa cyangwa byangwe n'urubanza rwa Sena. Umuyobozi w'inteko ya Amerika Nancy Pelosi ejo kuwa gatatu agera kuri Capitol aho inteko ikorera Abarepubulikani bo mu ishyaka rya Bwana Trump nibo biganje muri Sena, hari amahirwe macye ko azeguzwa akava mu biro bye mu rubanza n'itora ryabo. Mu rubanza, abasenateri ba Amerika babanza kurahirira kuruca nk'abakemurampaka batabogamye. Trump ashinjwa gushyira igitutu kuri Ukraine ngo ikore iperereza rizashyira icyasha kuri Joe Biden, umukandida w'abademokarate uhabwa amahirwe yo kuba yatsinda amatora ya perezida mukwa 11 gutaha. Bwana Trump yakomeje guhakana ibyaha aregwa avuga ko nta bimenyetso bifatika bibihamya. Trump azava mu biro bye? Jon Sopel umwanditsi mukuru wa BBC muri Amerika ya ruguru asesengura ibyabaye nk'igikorwa kiguma mu mateka ariko gifite icyo gisobanuye ku matora ya perezida wa Amerika mu mwaka utaha. Ati: "Donald Trump azagirwa umwere. Ntabwo azasohorwa mu biro bye. Ariko se ni iki kizahinduka? Urebye Trump azajya mu bitabo by'amateka nk'ikintu kizakomeza kumubabaza. Mu 2020? Nubwo iki gikorwa kitarangije ikizere cye mu matora y'icyo gihe, ariko kizagarukwaho cyane mu guhatanira manda ya kabiri. Tuzareba mu kwa 11 niba ibyo yahamijwe n'abadepite bifite ishingiro". Uyu munsi wo kuwa gatatu muri Amerika waranzwe n'imyiyerekano ahanyuranye yo gushyigikira igikorwa cyo kweguza Trump n'abandi bamushyigikiye. Umugore agaragaza ko ashaka ko Trump yeguzwa Umugabo imbere ya Capitol ejo kuwa gatatu agaragaza ko ashyigikiye Trump Muri Sena bizagenda bite? Bwana Trump cyangwa abanyamategeko be ntibigeze bitaba iburanisha ry'inteko umutwe w'abadepite. Muri Sena, biteganyijwe ko naho hazaba iburanisha ku byaha biregwa Bwana Trump nyuma yaryo hakabaho itora. Ntibiramenyekana niba uruhande rwa Trump ruzitaba iryo buranisha. Sena ya Amerika igizwe n'abasenateri 100, babiri babiri bava muri buri leta 50 zigize Amerika. Sena ya Amerika iyobowe na visi perezida wa Amerika Mike Pence wo mu ishyaka ry'abarepubulikani. Sena ya Amerika ubu igizwe n'abasenateri 53 b'abarepubulikani na 45 b'abademokarate. Babiri ni abasenateri bigenga. Muri Sena, kugira ngo perezida wa Amerika yeguzwe bisaba ko 2/3 by'abayigize bamuhamya ibyo aregwa, batageze uwo mubare perezida aguma mu biro bye.
amakuru-55628537
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55628537
US - Capitol: FBI igabisha ko abanywanyi ba Trump bashobora guteza akandi kaguma
Ikigo kijejwe igendereza muri Amerika FBI kiragabisha ko hashobora kuba imyiyerekano irimwo ibirwanisho mu gihugu cose mu gihe hasigaye imisi mike ngo Joe Biden arahire nk'umukuru w'igihugu.
Umutekano warakomejwe ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika Capitol inyuma y'igitero co mu ndwi iheze cahitanye ubuzima bw'abantu batanu Hari amakuru avuga ko imirwi yitwaje ibirwanisho ishobora guhurira ku ngoro z'amakoraniro, Capitol, mu mareta yose 50 hamwe n'i Washington DC imbere y'ibirori vyo kurahira bitegekanijwe ku wa 20 z'uku kwa mbere. Ubu bwoba buje mu gihe hariko hafatwa ingingo ruhasha zo gucungera ibi birori. Ejo ku wa mbere, Biden yabwiye abanyamakuru ko ata bwoba afise bwo kurahirira hanze y'ingoro ya Capitol. Joe Biden na Kamala Harris bompi bitezwe kurahira hanze y'iyi nyubakwa, inyuma y'indwi zibiri gusa iyi ngoro habaye igitero c'abanywanyi ba Perezida Donald Trump biyamiriza ivyavuye mu matora. Inzego zijejwe umutekano zariyemeje ko ata gitero nk'icabaye ku wa 06 z'uku kwa mbere kizosubira - aho ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi ba Trump binjira ku nguvu muri iyo ngoro yari ikoraniyemwo abashingamateka n'abakenguzamateka kugira bemeze ivyavuye mu matora. Chad Wolf, umukuru mfatakibanza w'igisata kijejwe umutekano yategetse ko inzego zijejwe igendereza zitangura ibikorwa bidasanzwe vyo gucungera umutekano hasigaye iminsi itandatu ngo ivyo birori bibe, "zisunze ivyabaye mu ndwi iheze". Abategetsi bavuga ko ingabo z'igihugu (Garde Nationale) 15.000 ari zo zishobora gutegurwa kugira ngo zicungere iki gikorwa. Ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, Wolf yabaye uwundi mushikiranganji wa reta ya Trump atanze imihoho kuva hadutse akaguma kuri Capitol, akaba yakurikiye abandi babiri Betsy DeVos na Elaine Chao. Itanga ry'imihoho ryiwe ryateye ibibazo igisata yahora arongoye mu gihe kiriko kiriga ingene gikomeza umutekano w'irahira rya Biden. Mu ndwi iheze, Wolf yari yasavye Perezida Trump "kwiyamiriza bikomeye" iyo migumuko yabereye kuri Capitol. Wolf avuga ko ingingo yo gutanga imihoho yayifashe kubera "ibiherutse kuba", harimwo n'ingingo zagiye zifatwa na sentare zirwanya igenwa ryiwe. None ni iyihe migumuko yindi itegekanijwe? Abajejwe umutekano mu gihugu bavuga ko bariko bariga neza imigumuko ishobora kuba iriko irategurwa mu misi y'imbere y'uko Joe Biden ashikirizwa ubutegetsi. Inyandiko zicishwa ku mbuga ngurukanabumenyi n'imirwi y'abashigikiye Trump zibandanya zihamagarira imyiyerekano ku matariki atari make, harimwo n'ibitero vy'inkoho ku bisagara bitandukanye mu gihugu ku wa 17 z'uku kwa mbere, hamwe rero n'imytiyerekano i Washington DC ku musi nyezina w'irahira. Ikinyamakuru c'ikigo FBI, casubiwemwo n'ikinyamakuru ABC News hamwe n'ibindi binyamakuru, kiragabisha ko hari umurwi utegura "ibitero" ku nyubakwa z'amasentare ku rwego rw'uturere, rw'amareta n'igihugu, mu gihugu cose, mu gihe Trump yobogozwa imbere y'irahira rya Biden, hamwe no ku musi nyezina w'irahira mu gihe atobogozwa. Mu misi yakurikiye imigumuko yo mu ndwi iheze, abatari bake bo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi (Democrats) hamwe na bamwe mu ba Repubulika babandanya basaba ko Trump atanga imihoho, canke akirukanwa ku butegetsi, canke akabogozwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka. Inzego zijejwe umutekano w'igihugu zategetse inzego z'igiporisi z'uturere gukomeza umutekano ku nyubakwa nyobozi inyuma y'akaguma k'indwi iheze, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika. Itororokanirizo ry'amakuru Reuters risubiramwo umutegetsi wo mu nzego z'umutekano w'igihugu avuga ko FBI yamaze kugabisha amareta yose ko yorikanura kuva ku wa 16 gushika ku wa 20 z'uku kwa mbere, hamwe na Washington DC n'imiburiburi imisi itatu imbere y'umusi w'irahira. N'aho havuzwe cane ivyabereye kuri iyi ngoro nkuru y'igihugu yonyene mu ndwi iheze, hari n'iyindi migumuko isa n'iyo yabaye mu tundi turere tw'igihugu muri ico gihe nyene. Umutekano uteguwe gute ku musi w'irahira? Ubunyamabanga bujejwe umutekano muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika buvuga ko buzotangura ibikorwa vy'umutekano bidasanzwe vy'igihugu (NSSE) kuva ejo ku wa gatatatu hasigaye imisi itandatu ngo ibirori bibe. Muri ibi bikorwa, inzego zitandukanye zijejwe umutekano zizokorera hamwe mu gushira mu ngiro ingingo zidasanzwe z'ugucungera umutekano, nko kuzibira amayira no gukingira akarere kazoberamwo ibirori. Iri tangazo rije inyuma y'aho umukuru w'igisagara ca Washington DC, Muriel Elizabeth Bowser, asabiye ko umutekano wokomezwa inyuma y'ico yise "igitero c'iterabwoba kitari bwabeho" kuri, Capitol, mu ndwi iheze. Asaba kandi n'Abanyamerika kwirinda ingendo i Washington DC mu ntumbero yo kwubahiriza umutekano w'ibi birori. Kuva kera, ibirori vyo kurahira vyari bisanzwe bikoranya ibihumbi amajama n'amajana mu mabarabara y'umugwa mukuru, ariko ikiza karanda ca coronavirus cari caramaze kubuza aya mahirwe imbere y'uko hanaduka n'ikibazo c'umutekano. Umukuru w'ibiro bijejwe umutekano w'igihugu, Jenerali Daniel Hokanson, avuga ko abasirikare 10.000 bazoba bamaze gushikanwa i Washington DC gushika mu mpera z'iyi ndwi, kandi ko n'abandi 5.000 bashobora kurungikwa mu burere mu gihe ababurongoye bobisaba. Mu bindi bisa n'ibi, ikigo kijejwe ibigo vy'amaratiro (National Park Service) gitangaza ko cugaye icibutso ca Washington inyuma y'aho kironkeye "amakuru yo kwizera" ku hashobora kwaduka akandi kaguma. Mw'itangazo ico kigo casohoye ejo ku wa mbere, kivuga kiti: "Imirwi yateye imigumuko yo ku wa 06 z'ukwa mbere kuri Capitol ibandanya igabisha ko izovyonga ibirori vy'irahira bigira 59 bitegekanijwe ku wa 20 z'ukwa mbere". Yongera ko y'uko hari n'ibindi bigo vy'ivyibutso bishobora kwugarwa . Mw'ijambo ryiwe yashikirije igihe yariko ahabwa urucanco rugira kabiri rwa Covid-19, Joe Biden yavuze ko "ata bwoba" afise bwo kurahira hanze y'iyo nyubakwa n'aho hari ubwoba bw'uko umutekano ushobora guhungabanywa. Mu gihe yariko ahabwa urucanco rugira kabiri rwa Covidi, Biden avuga ko yamaze kuvugana na bamwe mu bakenguzamateka ku bijanye n'ingingo yo kubogoza Donald Trump Abajejwe gutegura ibirori vy'irahira ryiwe batangaza ko ivyo birori bizoba bishingiye ku civuga ngo "Amerika yunze Ubumwe". Ahejeje kurahira nk'umukuru w'igihugu, bitegekanijwe ko azokwifatanya n'abandi bahoze barongoye ico gihugu, Barack Obama, George W Bush na Bill Clinton, mu birori vyo gushira urugori rw'amashurwe mu kibanza categuwe, kugira ngo bafashe gushimangira ubutumwa bwiwe bw'ubumwe. Donald Trump yaramaze gutangaza ko atazokwitabira ivyo birori - akaba azoba abaye umukuru w'ico gihugu wa mbere atitabiriye ivyo birori inyuma y'imyaka irenga 150.
amakuru-49957213
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49957213
David de Gea: Imikinire ya Manchester United si iyo kwihanganirwa
Umunyezamu David de Gea wa Manchester United avuga ko imikinire y'iyi kipe muri uyu mwaka w'imikino "idakwiye" kandi ko iki ari cyo gihe "kimukomereye cyane kurusha ibindi" byabayeho mbere kuva yayigeramo.
David de Gea, umunyezamu wa Manchester United Ku munsi w'ejo ku cyumweru, Manchester United yatsinzwe igitego 1 - 0 na Newcastle United, ikomeza ugutangira nabi shampiyona kwa mbere kubi igize mu myaka 30 ishize. Ubu iri ku mwanya wa 12 ku rutonde rw'agateganyo rwa shampiyona ya Premier League, ikaba ifite amanota abiri uvuye ku murongo utukura aho amakipe aba ashobora kumanuka mu cyiciro cyo hasi. De Gea, Umunya-Espanye w'imyaka 28, yagize ati: "Umukino [wacu] si uwo kwihanganirwa". "Uyu mwaka w'imikino wose si uwo kwihanganirwa kuri twe". Amanota icyenda Manchester United ifite kugeza ubu mu mikino umunani ya shampiyona, ni yo macye cyane ifite mu mikino umunani ibanza ya shampiyona guhera mu mwaka w'imikino wa 1989 - 1990 Aganira na televiziyo Sky Sports, de Gea yongeyeho ati: "Ntabwo twigeze turema amahirwe n'amwe agaragara yo gutsinda ibitego. Dufite byinshi byo kuvugurura. Ntabwo nzi icyo navuga". "Dufite abavunitse, ariko ibyo si urwitwazo. Turi Manchester United. Ducyeneye gukora imyitozo cyane tugakomeza guhatana tukongera tugasubira mu bihe byo gutsinda imikino". De Gea avuga ko kuva yagera muri Manchester United avuye muri Atletico Madrid mu 2011, iki ari cyo gihe kimukomereye cyane kurusha ibindi. Amanota icyenda Manchester United ifite kugeza ubu mu mikino umunani ya shampiyona, ni yo macye cyane ifite mu mikino umunani ibanza ya shampiyona guhera mu mwaka w'imikino wa 1989 - 1990.
amakuru-41195809
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-41195809
Rwanda: abantu 7 batawe muri yombi na Polisi
Igipolisi cy'U rwanda cyatangaje ko cyataye muri yombi abantu 7 barimo uwungirije umukuru w'ishyaka FDU -Inkingi ritemerewe gukorera mu Rwanda Bwana Boniface Twagirimana.
Boniface Twagirimana, wungirije umukuru w'ishyaka FDU -Inkingi FDU Inkingi ni ishyaka ryashinzwe na Victoire Ingabire ubu uri mu nyururu nyuma yo gushinjwa ibyaha birimo guhungabanya umutekano w'igihugu. Itangazo ryasohowe n'igipolisi cy'URwanda ryemeza ko cyataye muri yombi abantu 7 barimo umugore umwe bashinjwa ibikorwa byo gushakisha urubyiruko rwinjizwa mu mitwe yitwaje intwaro. Bane muri aba ngo bafashwe kuri uyu wa gatatu, nyuma y'isaka ryabaye mu mujyi wa Kigali mu ngo z'abayoboke b'ishyaka FDU Inkingi. Abandi batatu ngo bafashwe mu ntangiro z'icyumwe mu ntara y'uburengerazuba, ubwo bari mu nzira berekeza mu gihugu cy'amahanga kitavuzwe izina. Ifatwa ry'aba batatu ngo ni ryo ryatumye bagenzi babo 4 batabwa muri yombi. Umubare w'abantu bamaze kwinjizwa muri iyi mitwe ntuvugwa, igipolisi kikavuga ko kitashyira ahagaragara ibintu biri mu iperereza. Bwana Boniface Twagirimana, umukuru mu bafashwe yakunze kumvikana mu bihe bitandukanye anenga ubutegetsi buriho mu Rwanda. Mu myaka ishize hakunze kumvikana abantu bafatwa bagafungwa baregwa gushyigikira umutwe wa FDLR cyangwa se ishyaka rya RNC rikorera mu buhungiro. Victoire Ingabire yakatiwe imyaka 15 Gusa inshuro zose abararegwa bahakanye kuba muri iyi mitwe ahubwo bagashimangira ko ibikorwa biri mu mugambi w'ubutegetsi wo gucecekesha amajwi abunenga. Umukuru w'ishyaka FDU Inkingi Victoire Ingabire na we warezwe ibyaha nk'ibi yakatiwe igifungo cy'imyaka 15 mu mwaka wa 2013, gusa abatari bake bakavuga ko iki gifungo gihishe inyungu za politiki.
amakuru-38980194
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-38980194
Aba républicains bemeje ko haba amatohoza kuri Michael Flynn
Aba républicains bagiye hamwe n'abandi banyepolitike basaba ko hokogwa amatohoza ku nyifato ya Michael Flynn, yohora ari umuhanuzi w'igihugu mu vy'umutekano, yagirizwa kugirana n'Uburusiya imigenderanire yo mu kinyegero.
Michael Flynn yatanze imihoho ku munsi wa mbere Michael Flynn yatanze imihoho ku munsi wa mbere bitewe nuko yoba yaravuganye n'ubutegetsi bw'Uburusiya, ku bijanye n'ibihano Amerika yabufatiye, imbere yuko Donald Trump aja mu mabanga. Ku munsi wa kabiri, umuvugizi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu yavuze ko Bwana Trump yaramaze indwi amenye ko hari ibibazo bikwezwe n'uguhamagara mu Burusiya. Bamwe mu ba républicains ntibashaka kwumva ko hoba umurwi ataho wegamiye wokora itohoza. Ibintu vyagiye hejuru inyuma yaho itororokanirizo ry'amakuru "New York Times" ritangiye amakuru avuga ko abari mu murwi w'iyamamaza rya Trump hamwe n'abo bakorana, bagiranye imigenderanire kuri telefone hamwe n'abategetsi bo hejuru bo mu kigo c'iperereza c'Uburusiya mu mwaka wakurikiye amatora. Ariko ngo ntacemeza ko umurwi w'iyamamaza rya Trump woba warakoranye n'Uburusiya mu kwabura umurwi "Democratic National Committee" canke mu kwivanga mu vy'amatora. Iruhande y'itohoza rya FBI, inama nkenguzamateka hamwe n'umurwi w'inama nshingamateka ujejwe iperereza, bariko bararabira hamwe ingene Uburusiya bwoba bwarivanze mu matora. Ntawuzi ko bino birego bishasha biri mu vyo bazokurikirana. Kubera iki Bwana Flynn yatanze imihoho? Yakinjuye ku birego bivuga ko yavuganye mu kwezi kwa 12 n'uwuserukira igihugu c'Uburusiya ku bijanye n'ibihano Amerika yabufatiye, imbere yuko Bwana Trump yinjira mu mabanga. Uwo mubonano ngo wabaye igihe prezida w'ico gihe Barack Obama yariko arafatira ingingo Uburusiya, kubera amakuru yavugwa ko bwoba bwashatse guhindukiriza amatora ku ntsinzi ya Bwana Trump. Bwana Flynn ngo yoba yarenze itegeko bita "Logan Act" mu gushira imigenderanire ya Amerika mu minwe y'umunyagihugu asanzwe, imbere yuko agenwa kuba umuhanuzi w'igihugu mu vy'umutekano.
amakuru-52847075
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52847075
Burundi: Umukandida Dieudonné Nahimana asaba CENI kwemera ko amatora yabayemwo utunenge
Uwitoje nk'uwigenga mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu matora aheruka mu Burundi, Dieudonné Nahimana, asaba umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira amatora kwemera ko ayo matora yabayemwo utunenge.
Dieudonne Nahimana yaronse amajwi ari munsi ya 1% Ivyo yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu aho yari aramutse ashikiriza ingene abona ku kungene amatora yagenze. Dieudonné Nahimana yaronse amajwi adashika 1%, ariko akamenyesha ko n'aho hari ibitagenze neza, abona ko atavyinshi afise vyotuma yitura sentare ijejwe kwubahirizwa ibwirizwashingiro. Umurwi CENI wowo uvuga ko amatora yagenze neza. Muri ico kiganiro, Bwana Nahimana, avuga ko bashoboye kurungika ababahagararira muri ayo matora barenga ibihumbi bitandatu, akaba yari afise babiri babiri muri buri komine. Mu tunenge avuga twibonekeje, hariho ko bamwe mu babaserukira bankirwa abandi bakabatevya kwinjira mu biro vy'amatora kandi bari bafise amakete abemerera kumuserukira yatanzwe n'umurwi CENI. Avuga ko we nyene ubwiwe yihahamagariye abajejwe amatora, bakamwishura ko batari bazi ko abigenga bafise uburenganzira bwo kurungika abaserukira ku biro vy'amatora. Ati: "Vyari bitangaje kuko mu bintu CENI yamye yigisha, baramenyesha y'uko uwitoza wese afise uburenganzira bwo kuronka uwumuserukira kandi yaba afise urupapuro ruvyerekana rwatanzwe na CENI". Avuga kandi ko hari ahandi wasanga bamwe mu ntwaro biha ububasha nk'ubwo abakozi ba CENI mu gihe amatora yariko araba, akavuga ko wasanga harimwo cane cane abacamanza, abasitanteri, eka mbere na ba buramatari. Akandi kanenge Bwana Nahimana yerekana avuga ko hariho abandi wasanga bagenda batera ubwoba abantu bagiye gutora bakabategeka gutora uyu canke uwundi. Abandi nabo banaherekeza abagiye gutora mu bwiherero kugira ngo babategeke gutora uwo bobo bashaka babeshe ko bagiye kubereka ingene bazinga ikarata y'amatora. Hari kandi ibice bimwe bimwe mu gihugu aho abajejwe intwaro batoye mu kibanza c'abanyeshure nk'uko abivuga. Aravuga kandi ko hari abantu wasanga hari abatoreye abandi ariko ugasanga ni benshi canke ugasanga batwaye amakarata yo gutora menshi arengeye ayo bafitiye impapuro zibaya uburenganzira. Mu gihe avuga ko utunenge twababayeko tudashobora kumutuma yitura sentare yubahiriza ibwirizwashingiro, Dieudonné Nahimana asaba ko twozokosorwa muri kazoza kugira ngo ntihazohave haba abahakana ibizoba vyavuyemwo bisunze utwo tunenge. Ati: "Twashaka gusaba CENI ko yokwemera ko hariho bimwe bitagenze neza mu matora aheruka kandi bakagerageza kubikosora". Asaba abatangajwe na CENI ko batsinze amatora abandi nabo ko batsinzwe, ko botahura ko ikintu nyamukuru ku gihugu ari umutekano hagati y'Abarundi, rero ko ata murundi yopfa canke yogirirwa nabi azira ico ari canke azira ico yiyumvira. Evariste Ndayishimiye yaserukiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD niwe yatangajwe n'umurwi CENI ko yatahukanye intsinzi muri ayo matora ku bice 68%, akurikirwa na Agathon Rwasa wo mu mugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi wabonye 22%. Umugambwe CNL umenyesha ko ayo matora yabayemwo utunenge twinshi n'ubusuma, mbere ukemeza ko ari wo watahukanye intsinzi ku bice birenga 58%. Ejo ku wa kane Agathon Rwasa yashikiriza ibirego muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro, iyi nayo ikaba itegerezwa gushikiriza ibiharuro ntabanduka ku wa 04 z'ukwezi kwa gatandatu, ni ukuvuga ku wa kane w'indwi iza.
amakuru-53237450
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53237450
Trump yarahawe amakuru y'uko Uburusiya bwafashije kwica Abanyamerika muri Afghanistan
Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika, Maison Blanche, biriko bitegekwa gusigura ingene ubutegetsi bwafashe amakuru yerekna ko Uburusiya bwahaye amafaranga aba Talibani kugira ngo bice abasirikare ba Amerika.
Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko amakuru y'ibitero ku banyamerika muri Afhganistani bifashijwemwo n'Uburusiya adatomotse Abategetsi babandanya bashimangira ko Perezida Donald Trump "we ubwiwe" ata makuru yahawe ku nteguro mbi muri Afghanistan mu 2019. Hagati aho, amakuru avuga ko Perezida Trump yahawe urwandiko rwerekana izo nteguro mu ntango z'uno mwaka. Hari amakenga ko Trump yoba yarahawe amakuru y'integuro mbi ku basirikare ba Amerika ariko akaba yayafashe minenerwe. Aya makuru yoba yagiye ahabona mu gihe Amerika yariko igerageza kurondera ibiganiro vyo kurangiza intambara imaze imyaka 19 muri Afghanistani, kandi Trump nawe akaba ariko arondera kunagura imigenderanire n'umukuru w'igihugu w'u Burusiya Vladimir Putin. Amakuru atangazwa n'ibinyamakuru New York Times, Washington Post na Wall Street Journal, asubiramwo abategetsi ba Amerika batavuzwe amazina, bavuga ko igisata kijejwe igendereza mu gisirikare c'Uburusiya coba carahaye amahera abarwanyi begamiye aba Talibani kugira ngo bice abasirikare ba Amerika muri Afghanistan. Uburusiya burahakana aya makuru mu gihe Abatalibani bavuga ko ata masezerano bigeze bagiriranira n'igendereza ry'Uburusiya. Aya makuru kandi aje mu gihe Bwana Trump ariko arondera kwitoreza ikiringo kigira kabiri mu matora ategekanijwe mu kwa cumi na rimwe uno mwaka. None igishasha muri ivyo ni igiki? Ejo ku wa mbere, ikinyamakuru New York Times casubiyemwo amakuru y'abategetsi babiri ba Amerika kitavuze izina, aho bavuga ko muri raporo y'umunsi ihabwa umukuru w'igihugu yatanzwe mu kwa kabiri uno mwaka harimwo ayo makuru. Ibinyamakuru CNN na Associated Press navyo vyandika ko umukuru w'igihugu yahawe ayo makuru mu ntango z'uyu mwaka. Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche, Kayleigh McEnany, ntiyishuye ku kibazo cabajijwe n'abanyamakuru nimba Perezida Trump yarahawe icegeranyo kirimwo ayo makuru, akaba yavuze gusa ko Bwana Trump "we ubwiwe ata makuru yahawe". Umupfasoni McEnany avuga kandi ko "abajejwe kwegeranya amakuru y'igendereza batashoboye guhuriza hamwe" ku vyerekeye ayo makuru. Hagati aho, abahoze ari abategetsi mu gisata c'igendereza babwiye ibinyamakuru vya Amerika ko, mu butegetsi bwo mu myaka iheze, amakuru nk'aya akomeye yategerezwa gushikirizwa umukuru w'igihugu, n'aho ata vyemezo vyaba bihari. Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko 'we ubwiwe' ata makuru yahawe Abashingamateka umunani bo mu mugambwe w'aba Repubulika bari bitavye inama ejo ku wa mbere mu biro vy'umukuru w'igihugu yari irongowe na John Ratcliffe arongoye igendereza mu gihugu, Mark Meadows umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, hamwe na Robert O'Brien umuhanuzi mukuru mu vyo umutekano. Bamwe bateye akamo basaba ko hofatwa ingingo ku Burusiya n'umukuru w'ico gihugu Vladimir Putin mu gihe bosanga ayo makuru akiriko arihwezwa vyoboneka ko ari ay'ukuri. Abashingamateka Adam Kinzinger na Michael McCaul ari mu murwi ujejwe imigenderanire mu nama nshingamateka, basohoye itangazo bavuga bati: " Mu gihe vyoboneka ko aya makuru ari ay'ukuri, dusaba dushimitse ko ubutegetsi bufatira ingingo ruhasha ubutegetsi bwa Putin". Ingene vyagenze Abo bategetsi batavuzwe amazina basubiwemwo n'ikinyamakuru New York Times bavuga ko ibigo bijejwe igendereza vya Amerika haciye amezi vyerekanye neza ko igisata kijejwe igendereza mu gisirikare c'Uburusiya carondeye guhungabanya ibihugu vy'abakeba mu gutanga amahera ku bitero vyakorwa ku ngabo mpuzamakungu. Ico kinyamakuru kimenyesha ko bizwi ko abarwanyi b'idini rya isilamu, canke imirwi y'inkozi z'ikibi zegamiye abo barwanyi bahawe amahera muri iyo ntumbero. Abanyamerika bashika 20 barishwe muri Afghanistan mu 2019, ariko New York Times ivuga ko bitaboneka neza aboba bishwe muri uwo mugambi. Abo bategetsi basubiwemwo na New York Times bavuga ko abahanuzi mu vyo umutekano mu biro vy'umukuru w'igihugu bariko bihweza ico bokora, harimwo no gufatira ibihano Uburusiya. Inkuru y'ico kinyamakuru yo ku wa gatanu w'indwi iheze ivuga ko Perezida Trump yahawe ayo makuru mu kwa gatatu uno mwaka. Hagati aho, Bwana Trump arahakana ko atavyo yabwiwe. Abicishije kuri Twitter ku wa Mungu, aho yandika avuga ko yaba we canke icegera ciwe Mike Pence batigeze babwirwa "ibijanye n'ivyo bitero vy'Abarusiya ku ngabo zacu muri Afghanistani".
amakuru-40312647
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40312647
Cuba yamaganye icyemezo cya Trump
Leta ya Cuba yamaganye icyemezo cya Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, cyo guhindura politiki ya Amerika kuri Cuba.
Abategetsi ba Cuba bongeyeho ko bafite ubushake bwo gukomeza gukorana na Leta zunze ubumwe za Amerika muri gahunda yo gutsura umubano hagati y'ibihugu byombi. Bavuze ariko ko igikorwa cyose cyo kugerageza kubangamira ubusugire bw'igihugu cyabo cyangwa se kukizanamo ku ngufu amahinduka yo mu rwego rwa politiki n'ubukungu ntacyo gishobora kugeraho. Mbere yaho, Perezida Trump yari yatangarije i Miami ko yafashe icyemezo cyo guhindura bimwe mu masezerano yari yarashyizweho umukono na Barack Obama ku birebana na Cuba ngo kubera kutubahiriza uburenganzira bw'ikiremwa muntu. Obama na Perezida wa Cuba, Raul Castro, muri 2016 Trump avuga ko politiki ye igamije gukaza amategeko yerekeranye n'ingendo ndetse no kohoreza amafaranga muri Cuba. Mu itangazo ubutegetsi bwa Cuba bwavuze ko bubabajwe n'icyo bwise igikorwa cyo gusubiza inyuma ibyagezweho. Bwanavuze kandi ko Leta zunze ubumwe za Amerika nta burenganzira zifite zo guha amasomo Cuba ku byerekeranye ko kubahiriza uburenganzira bw'ikiremwamuntu.
amakuru-43389494
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-43389494
Uganda baridoga kubera umushingamateka yagize ati "kubita abagore"
Umushingamateka wo muri Uganda aheruka guhimirizwa gusaba ikigongwe abahohoterwa mu ngo, nyuma y'aho abwiriye abagabo ko bari bakwiye gukubita abagore babo.
Onesimus Twinamasiko avuga ko bikwiye gukubita umugore Onesimus Twinamasiko yavugiye kuri televiziyo yo muri Uganda, NTV, ati "nk'umuntu w'umugabo utegerezwa guha indero umugore wawe. "Utegerezwa kumukorako gato, ukamutega umuteaho, ukamukubita kugira umushire ku murongo." Ivyo yavuze vyariyamirijwe cane ku mbuga hwaniro, umwe mu bakomeye baharanira agateka k'abagore muri Uganda avuga ko uwo mushingamateka yari akwiye kwivuza. Guhohotera abagore Diana Kagere wo mu kigo kirwanira agateka k'abagore, CEDOVIP, yabariye BBC ati "Bwana Twinamasiko yari akwiye gusaba ikigongwe ku mugaragaro abagore bose bahohoterwa." "Yari akwiye gukora ibikwiye agasubira kw'ijambo yavuze. Birababaje cane kubona umushingamateka yemanga guhohotera abagore nk'uku. Iki ni icaha." Abagore barenga umwe kuri batanu bafise imyaka iri hagati ya 15-49 baramaze guhohoterwa muhira canke bagashurashuzwa ku nguvu muri Uganda, nk'uko bivugwa mu cigwa ca leta co mu mwaka uheze. Abakoresha imbuga hwaniro bariyamirije cane video ngufi yacanacanyeko ku mbuga, ivuye ku munyamakuru wa NTV.
imikino-46815423
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-46815423
Ibinugwanugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi n'abandi ku wa Kane
Umukinyi wo hagati wa Arsenal na Pays de Galles, Aaron Ramsey w'imyaka 28, yemeye amasezerano yo kuja muri Juventus mu kwezi kwa Gatandatu. (Guardian)
Aaron Ramsey yinjiye muri Arsenal avuye mu mugwi Cardiff City mu kwezi kw'i Ndwi mu 2008 Atletico Madrid iri mu bariko bararondera umukinyi w'imbere wa Chelsea na Espagne, Alvaro Morata 26, ikamwipfuza ku mukopo. Vyaravuzwe ko Morata yoba yipfuza kuja muri Séville. (Goal) Chelsea izorega Bayern Munich kuri Fifa niyaronka ivyemezo ko uwo mugwi warondeye mu mpisho umukinyi w'imbere ku ruhande w'Ubwongereza (U-19), Callum Hudson-Odoi w'imyaka 18. (Mail) Bayern yiteguye guha Hudson-Odoi umupira wo kwambara nomero 10, iyo nomero ikazoboneka mu mpera za rino higanwa Arjen Robben agiye. (Sun) Real Madrid yiteguye kugwanira na Manchester United umukinyi w'inyuma akina muri Naples, Kalidou Koulibaly w'imyaka 27 aturuka muri Senegal, mu gutanga imiliyoni 90 z'amapawundi. (Il Mattino, via Talksport) Kuva aho umumenyereza Jose Mourinho yirukaniwe, United yarahagaritse kurondera umukinyi w'inyuma wa Fiorentina na Serbie, Nikola Milenkovic w'imyaka 21. (ESPN) Burnley yashize imiliyoni 50 z'amapawundi ku mukinyi w'inyuma w'Ubwongereza James Tarkowski w'imyaka 26, naho Liverpool imurondera ku mukopo. (Sun) Manchester City yipfuza kuzana umukinyi wo hagati wa West Ham na Irlande, Declan Rice w'imyaka 19, ngo asubirire umukinyi aturuka muri Brésil, Fernandinho w'imyaka 33. (Sun) Umumenyereza wa Manchester United, Ole Gunnar Solskjaer yabwiye umukinyi w'imbere w'Ubwongereza, Marcus Rashford w'imyaka 21, ko ari we musatirizi wa mbere w'umugwi. (Star) Perezida w'umugwi Barcelone Josep Maria Bartomeu yemereye umukinyi wo hagati Denis Suarez w'imyaka 25 arondegwa na Arsenal, ko ashobora kuva i Nou Camp. (Marca) Unai Emery yemereye umugwi Arsenal guha akazi kuno kwezi umubiligi akina imbere ku ruhande, Yannick Carrasco w'imyaka 24, azoba avuye mw'ihiganwa ryo mu Bushinwa, Chinese Super League, mu mugwi Dalian Yifang. (Foot Mercato) Sadio Mane yinjije igitsindo ca gatatu bahura na Manchester City itariki 14 Ukwezi kwa Mbere 2018 Liverpool yitguye kurangiza amasezerano y'umukopo y'umukinyi w'imbere ku ruhande Ben Woodburn w'imyaka 19 yakina muri Sheffield United, munyuma itohoze ku bivugwa n'imigwi Blackburn Rovers, Brentford na Hull City yoba imwipfuza. (Goal) Umukinyi w'imbere wa West Ham n'Ubwongereza, Andy Carroll w'imyaka 30, yipfuza kuguma London Stadium, mu gihe amasezerano yiwe y'akazi arangira mu mpera za rino higanwa. (Sky Sports) Umukinyi w'inyuma w'umunya Hollande, Timothy Fosu-Mensah w'imyaka 21, yipfuza kwanka amasezerano y'umukopo yomukura muri Manchester United amujana muri Fulham, akigira mu wundi mugwi muri kuno kwezi kwa mbere. (Times) Newcastle yabwiwe ko itegerezwa kwongera amahera ni yaba yipfuza kugura umukinyi wo hagati wa Atlanta United na Paraguay, Miguel Almiron w'imyaka 24. (ABC Cardinal, via Guardian) Arsenal yahinduye ingingo yo mu masezerano ngo ishobore kugumya gushika mu mpera ry'ihiganwa ryo mu mwaka uza, umukinyi w'inyuma aturuka muri Espagne, Nacho Monreal w'imyaka 32. (ESPN) Sunderland iriko irarondera umukinyi w'imbere wa Wigan na Irlande du Nord, Will Grigg w'imyaka 27. (Northern Echo) Newcastle iriko irihuta ngo irabe ko yogura umukinyi wo hagati wo muri Turukiya, Abdulkadir Omur w'imyaka 19. (Karadeniz)
amakuru-56591879
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56591879
Kenya: Hari amashirahamwe asaba ihagarikwa ry'amategeko yo gukumira Covid
Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri politike muri Kenya yakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza amategeko yo gukumira ikiza Covid-19.
Mu ndwi iheze, prezida Uhuru Kenyatta yarahagaritse uruja n'uruza mu ntara zitanu zivugwa ko zirimwo ibitigiri binini vy'abantu bandura iyo ngwara harimwo n'igisagara ca Nairobi. Iyo ngingo ikaba ari iyo guhagarika ikwiyongera kw'ikiza Covid-19. Prezida Kenyatta kandi yarahagaritse ububare bw'inzoga muri utwo turere twashizwemwo umukwabu, anategeka ko abafise amazu y'uburiro badandaza indya abantu batahana muhira gusa. Amashirahamwe Bunge la Mwananchi na Muungano wa wananchi wa Citizen Alliance avuga ko izo ngingo zigira ingaruka mbi ku banyagihugu basanzwe, mu gihe ibikorwa vya politike ari vyo vyatumye ico kiza "gikwiragira".
amakuru-47758169
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47758169
Abigaragambya babarirwa mu bihumbi amagana basabye Perezida Bouteflika wa Algeria kwegura
Abigaragambya babarirwa mu bihumbi amagana ku wa gatanu bigabije imihanda mu bice bitandukanye bya Algeria basaba ko Perezida Abdelaziz Bouteflika yegura.
Amagereranya amwe avuga ko abantu bagera kuri miliyoni bitabiriye imyigarambyo mu murwa mukuru Alger wa Algeria Amagereranya amwe avuga ko abantu bagera kuri miliyoni bitabiriye imyigarambyo mu murwa mukuru Alger wa Algeria. Ubaye umunsi wo ku wa gatanu wo ku nshuro ya gatandatu yikurikiranya w'imyigaragambyo mu bice bitanduaknye by'iki gihugu yo kwamagana Bwana Bouteflika. Mu ntangiriro y'iki cyumweru, Liyetona Jenerali Ahmed Gaed Salah, umukuru w'igisirikare cya Algeria, yasabye ko Perezida Bouteflika yegura. Ariko amashyaka atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Algeria yavuze ko ibyo bitizeza ko amatora azabamo ubwisanzure. Umunyamakuru wa BBC Mohamed Arezki Himeur uri mu murwa mukuru Alger avuga ko polisi yarashe imyuka iryana mu maso mu gutatanya abigaragambya bageragezaga kugera ku biro bya perezida. Perezida Bouteflika w'imyaka 82 y'amavuko, ari ku butegetsi guhera mu mwaka wa 1999 Uku kongera gusaba ko ubutegetsi buhinduka muri Algeria kubaye hashize iminsi gusa Liyetona Jenerali Ahmed Gaed Salah asabye ko Bwana Bouteflika atangazwa ko atagishoboye gutegeka iki gihugu. Polisi yarashe imyuka iryana mu maso mu gutatanya abigaragambya bageragezaga kugera ku biro bya perezida Imyigaragambyo yo kwamagana Bwana Bouteflika yatangiye mu kwezi gushize kwa kabiri nyuma yaho uyu perezida usigaye uboneka gacye cyane mu ruhame kuva yarwara indwara y'imitsi yo mu bwonko mu mwaka wa 2013, atangarije ko aziyayamariza indi manda. Iyi myigaragambyo yatumye nyuma aza gutangaza ko atakiyamamaje kuri manda ya gatanu mu matora yirimije, kuri ubu yabaye asubitswe. Ariko ibyo ntibyanyuze abigaragambya, bavuga ko ari amayeri ya Bwana Bouteflika yo kugerageza kuguma ku butegetsi amazeho imyaka 20.
amakuru-49303666
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49303666
Korea y’Uburaruko yasubiriye kugerageza ‘za misire ziterwa hafi’
Korea y'Uburaruko yateye ibisasu vya missile bibiri mu nyanza, rikaba rigize gatanu ico gihugu kigerageza ivyo birwanisho kuva mu ndwi nke ziheze.
Korea y'ubumanuko ivuga ko izo missile za Koreay y'Uburaruko zidashika kure Igisirikare ca Korea y'Ubumanuko kivuga ko izo misre zarashwe ejo ku wa gatanu ari izidashika kure. Mu gihe vyokwemezwa, iryo geragezwa ryoba rihonyanze ingingo zishika11 z'akanama ka ONU kajejwe amahoro kw'isi. Iryo geragezwa kandi ribaye inyuma y'aho umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika amenyeshereje ko "yaronse ikete ryiza cane" arungikiwe na Kim Jong-un arongoye Korea y'Uburaruko. Avugana n'abamenyeshamakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche, Perezida Donald Trump yavuze ati: "Ryari ikete ryiza cane rwose. Nibaza ko turi mu gusubira kubonana. N'ukuri yanditse ikete ryiza cane ry'impapuro zitatu - ryiza cane kuva hejuru gushika hasi". Bwana Trump avuga ko Bwana Kim atishimiye imyimenyerezo ya gisirikare ihuza ibihugu vya Amerika na Korea y'ubumanuko. Bitegekanijwe ko imyimenyerezo nyayo izotangura ejo ku wa 11 z'uku kwa munani, mu gihe imyiteguro yoyo igeze kure. Ubutegetsi bwa Korea y'Uburaruko buvuga ko iyo myimenyerezo iteye kubiri n'ivyo bumvikanye na Bwana Trump be n'umukuru w'igihugu ca Korea y'Ubumanuko Moon Jae-in. Korea y'Uburaruko imaze gutera ibisasu vya missile n'amaroketi atari make kuva Bwana Trump na Bwana Kim bemeranije kuvyura ibiganiro vyerekeye umugambi wa Korea y'Uburaruko w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara mu kwezi kwa gatandatu kw'uyu mwaka. Ibisasu vyatewe ku wa 25 z'ukwezi kw'indwi guheze - vyashitse ku birometero 690 - vyari ivya mbere kuva Bwana Trump na Bwana Kim babonaniye mu karere kagabura ibihugu vya Korea y'Uburaruko n'Ubumanuko mu kwa gtandatu kw'uyu mwaka.
amakuru-52990659
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52990659
'Nta coronavirus iri muri Malawi' - Joyce Banda wahoze ari Perezida
Joyce Banda wahoze ari Perezida wa Malawi yabwiye imbaga y'abitabiriye ibikorwa byo kwiyamamaza kwe ko iki gihugu nta murwayi wa coronavirus ukirimo ndetse ashinja leta "guhimba" imibare, nkuko ibitangazamakuru byaho bibivuga.
Mu mezi atatu ashize, Madamu Banda yashinjaga leta ya Malawi guhisha ko hari abarwayi ba coronavirus muri icyo gihugu Abanyapolitike bari kwiyamamaza mbere y'isubirwamo ry'amatora ya perezida riteganyijwe kuba ku itariki ya 23 y'uku kwezi kwa gatandatu, nyuma yaho kongera gutorwa kwa Perezida Peter Mutharika mu mwaka ushize guhinduwe impfabusa n'inkiko. Ibikorwa byo kwiyamamaza byitabirwa n'imbaga y'abantu, byirengagije ingamba zo kwirinda ikwirakwira ry'ubwandu bwa coronavirus zirimo nko kutegerana no kwambara agapfukamunwa. Ikusanyabitekerezo riheruka gukorwa rigaragaza ko 81% by'abaturage ba Malawi badafite ubwoba bwa coronavirus ahubwo bahangayikishijwe kurushaho n'inzara. Urubuga rw'amakuru rwa Malawi24 rutabogamiye kuri leta rusubiramo amagambo ya Madamu Banda ejo ku wa kabiri ari mu mujyi wa Nkhata Bay abwira abamushyigikiye ati: "Kubw'ibyo, turasaba ko amafaranga yose y'inkunga yahawe Malawi mu izina ryo kurwanya Covid-19 ahabwa ba nyirayo b'ukuri agakoreshwa mu mishinga y'amajyambere". Mu mezi atatu ashize, Madamu Banda yashinjaga leta ya Malawi guhisha ko hari abarwayi ba coronavirus muri icyo gihugu. Mu matora aheruka, uyu wahoze ari Perezida yari yashyigikiye Lazarus Chakwera utavuga rumwe n'ubutegetsi. Kugeza ubu, leta ya Malawi imaze kwemeza ko abantu 455 banduye coronavirus, bane muri bo yarabishe naho 55 barayikize.
amakuru-55702298
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55702298
CHAN2021: u Rwanda na Uganda byanganyije mu mukino wa mbere mu itsinda C
Amavubi n'Imsambi ya Uganda zaguye miswi zinganya ubusa ku busa mu mukino wa mbere mu itsinda C mu irushanwa rya CHAN riri kubera muri Cameroun.
Jacques Tuyisenge, rutahizamu w'Amavubi agerageza gutera mu izamu rya Uganda Amavubi yakinnye umukino mwiza ndetse mu gice cya mbere yabonye uburyo bwo gutsinda bwinshi kurusha Imisambi ya Uganda. Mu gice cya kabiri nta gusatirana gukomeye kwabayeho, amakipe yombi yarangije iki gice nta irebye mu izamu ry'iyindi. Mu wundi mukino wabaye muri iri tsinda, Maroc yatsinze Togo igitego kimwe ku busa. Mu mikino itaha muri iri tsinda, kuwa gatanu u Rwanda ruzahura na Maroc naho Uganda ikine na Togo. Amakipe ya Uganda n'u Rwanda mu myaka ibarirwa kuri 20 ishize ni abakeba mu mupira w'amaguru, benshi ariko babona ko birenze ibya 22 bajya mu kibuga ahubwo bifata n'imibanire ya politiki y'ibihugu byabo. Mu kwa gatandatu 2003, Perezida Paul Kagame yari uwa mbere mu mbaga y'abaje kwakira nk'intwari abakinnyi b'Amavubi bari batsindiye Imisambi i Kampala. Icyo gihe, ubukeba bw'aya makipe yombi sibwo bwari bugitangira ahubwo bwari bumaze igihe gito butangiye gukomera. Hari hashize imyaka micyeya ingabo z'u Rwanda n'iza Uganda zirwaniye inkundura i Kisangani muri DR Congo, inzobere muri politiki y'akarere zivuga ko ari imirwano yahinduye byinshi mu mibanire y'ibi bihugu. Umutoza Johnathan McKinstry wa Uganda, yari ahatanye n'umutoza Vincent Mashami w'Amavubi bakoranye amwungirije mu 2015-2016, ubwo uyu mwongereza yari umutoza w'Amavubi. Mu mupira, amakuru n'amateka byahaga amahirwe Uganda Amakuru yerekana ko umubano wa politiki utaraba mwiza hagati y'u Rwanda na Uganda nyuma y'amakimbirane yagaragaye cyane kuva mu 2018. Perezida Paul Kagame niwe gusa wo muri aka karere kugeza ubu utaratangaje, kumugaragaro, gushimira mugenzi we Yoweri Museveni ku ntsinzi mu matora yabaye mu cyumweru gishize. Nubwo mu mwaka ushize habayeho ibikorwa bikomeye byo kunga abategetsi bombi bikozwe n'amahanga, haracyaboneka ibimenyetso ko umubano w'ibi bihugu ukirimo agatotsi. Mu kwezi kwa kabiri umwaka ushize Paul Kagame na Yoweri Museveni bahanye ikiganza i Gatuna/Katuna mu muhate wo kwiyunga Mu mupira w'amaguru ku isi henshi byagiye biboneka ko ubukeba bw'ibihugu bituranyi muri politiki butera guhangana gukomeye iyo aya makipe ahuye mu mukino nk'uyu. Mbere y'uyu mukino, impuzamashyirahamwe CAF yerekana ko Imisambi ya Uganda n'Amavubi y'u Rwanda bimaze gukina imikino igera kuri 32 kuva mu 1986, imisambi yatsinze imikino 14, Amavubi 10, zinganya imikino 8. Imikino itanu Uganda Cranes iheruka gukina n'ibihugu bitandukanye yatsinze ine(4) itsindwa umwe(1), Amavubi yo yatsinzwe itatu(3) inganya ibiri(2). Mu irushanwa rya CHAN riba buri myaka ibiri kuva mu 2009, Amavubi kure yageze ni muri 1/4 aho yatsindiwe na DR Congo, mu 2016 ubwo ryari ryabereye mu Rwanda. Naho Imisambi ntirarenga amatsinda nubwo imaze gusiba muri CHAN inshuro imwe muri esheshatu imaze kuba, mu gihe Amavubi amaze kuyijyamo inshuro enye.
amakuru-45142353
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-45142353
Ikigo gishinzwe ibidukikije muri Kenya cyasenye inzu y'ubucuruzi izwi cyane i Nairobi
Ikinyamakuru Daily Nation cyatangaje ko ikigo gishinzwe kubungabunga ibidukikije muri Kenya, cyasenye inzu y'ubucuruzi izwi cyane mu murwa mukuru Nairobi kivuga ko yubatswe mu gishanga.
Bivugwa ko iyi nyubako yari ifite agaciro ka miliyoni 9 z'amadolari y'Amerika Iyi nzu ya Ukay Centre - yari isanzwe igizwe n'iduka rinini ryo guhahiramo ndetse n'andi maduka matomato - yarambitswe hasi n'ibimodoka bya tingatinga. Iki kinyamakuru cyongeyeho ko ba nyir'iyi nzu bari bitabaje urukiko ngo ruburizemo iki gikorwa ariko ntibyabashobokera. Cyanditse ko yari ifite agaciro ka miliyoni 9 z'amadolari y'Amerika. Kavit Shah, umwe mu bakoreraga muri iyi nzu, yabwiye iki kinyamakuru ko yatekerezaga ko ku wa kabiri w'icyumweru gitaha ari bwo bari gusabwa kuyivamo. Inyubako zigera ku bihumbi 4 ni zo ziteganyijwe gusenywa Iki kinyamakuru cyasubiyemo amagambo ye agira ati: "Twari twabwiwe ko ku wa kabiri ari bwo tuzava hano ariko babihinduye mu gitondo cy'uyu munsi ubwo tingatinga zageraga hano. Turindiriye ko zisenya hanyuma zarangiza tukareba niba hari icyo turamura." Bamwe mu bandi bayikoreragamo nabo bavuze ko batunguwe kuko n'ibyinshi mu bicuruzwa byabo byari bikiri muri iyi nyubako. Ikigo cya Kenya gishinzwe kubungabunga ibidukikije cyatangaje ko ba nyir'iyi nzu bari bahawe igihe cy'amezi atatu ngo babe bayivuyemo - iki gihe kikaba cyararangiye ku cyumweru gishize. Iki kinyamakuru Daily Nation cyanditse ko inyubako zigera ku bihumbi 4 ari zo ziteganyijwe gusenywa kubera ko abategetsi bavuga ko zubatse ku mugezi cyangwa zikaba zubatse ku butaka bwagenewe kubakwaho ibikorwa rusange nk'imihanda. Ikigo cya Kenya gishinzwe kubungabunga ibidukikije kivuga ko ibi bikorwa bijyanye no kuvugurura igishushanyo-mbonera cy'umujyi wa Nairobi.
amakuru-37632875
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-37632875
Uburundi buravavanuye na ICC
Inama nshingamateka y’Uburundi ihejeje kwemeza ko ico gihugu gikuye akarenge mu bihugu vyashize umukono ku masezerano ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku majwi 94 kw’ijana na cumi bari bitavye ico guikorwa.
Abashingamateka 94 ku 110 ni bo bemeje kuvavanura na ICC Abashingamateka ata co barivuzeko ni cumi na bane, babiri na bo babihakanye. Umushikiranganji w'ubutungane, Kanyana Aimee Laurentine ni we yari yagiye mu nama nshingamateka gusigura iyo nteguro y'itegeko. Umushikiranganji w'ubutungane Kanyana Aimee Laurentine ni we yari yagiye gusigura iyo nteguro y'itegeko Mu ndwi iheze, inama nshikiranganji yari yakoranye yemeza ko Uburundi bukwiye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye, ICC, yaramenyesheje mu kwezi kwa kane umwaka 2016, ko yatanguye intambwe ya mbere y'itohoza ku bwicanyi bwabaye mu Burundi kuva Prezida Nkurunziza atangaje kwitoza kurongora Uburundi mu kiringo kigira gatatu mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015. Umushikirizamanza wa ICC, Fatou Benshida, yavuze ko havuzwe amakuru y'ubwicanyi, kubura kw'abantu, kuboreza igufa hamwe no gusambanya ku nguvu. Mu cegeranyo c’abahinga ba Onu giherutse gusohoka, na bo baremeza ko ivyo vyaha vyakozwe. Ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu biherutse kwemeza irungikwa mu Burundi ry’umugwi womara umwaka wose utohoza amabi yakozwe kuva mu 2015. Reta y’Uburundi yararahiye irarengwa gukorana n’uwo mugwi, mbere ikaba iherutse gusohora itangazo rivuga ko ibaye irabangira gukorana n’ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu. Sentare ya ICC irongowe na Fatou Bensouda yari yamenyesheje mu kwezi kwa kane mu 2016 kigiye gutangura intambwe ya m bere y'amatohoza mu Burundi. Abahinga batatu bakoze icegeranyo ku Burundi na bo, bategetswe kudazosubira guhonyoza ikirenge muri ico gihugu. Onu ivuga ko imidurumbanyo yagutse kuva mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015 bivuye ku mpari y’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza imaze guhitana abarenga 500, abandi barenga 270.000 bahungira mu gihugu bibanyi.
amakuru-47600918
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47600918
Umukobwa wo muri Amerika agiye kurokora ubuzima bw'umugabo wamureze amuha impyiko
Umugore wo muri leta ya North Carolina muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika agiye gufashisha impyiko ye umugabo wamureze mu myaka 27 ishize arokore ubuzima bwe, mu gisa nk'inkuru itangaje ya ya mvugo ngo ineza yiturwa indi.
DeLauren McKnight avuga ko yatangajwe no kumenya ko impyiko ze zihuye n'iza Billy Houze wamubereye se, nubwo bwose nta sano y'amaraso bafitanye. Mu mwaka wa 2016, ni bwo impyiko za Bwana Houze zatangiye kugira ikibazo. Nuko abaganga bamubwira ko mu gihe ataba atewemo indi mpyiko, atarenza imyaka itanu akiriho. Nta n'umwe mu bandi bo mu muryango w'uyu mupasiteri w'imyaka 64 y'amavuko wari ufite impyiko zihuye n'ize. Mu kiganiro Good Morning America cya televiziyo ABC cyo ku wa gatanu, Bwana Houze, se w'abana batanu, yavuze ko ashimishijwe cyane n'umukobwa we. Yagize ati: "Yarambwiye ati, 'Papa, wibwiraga ko uri kurokora ubuzima bwanjye igihe wankuraga mu kigo narererwagamo, ariko mu by'ukuri wari urimo kurokora ubuzima bwanjye kugira ngo nanjye nzarokore ubwawe nyuma yaho'". Uyu mupasiteri wo mu idini ry'ababatista yatangiye kugira ikibazo cy'impyiko kuva yabagwa agasabo k'indurwe mu mwaka wa 2016. Bimaze kugaragara ko nta muntu wo muryango we bahuje impyiko, abaganga bamubwiye ko byatwara igihe cy'imyaka irindwi ngo ayibone. Nuko, mu kwezi gushize kwa kabiri, bapima Madamu McKnight - Bwana Houze n'umugore we bareze mu mwaka wa 1992 - basanga impyiko zabo zihuye neza neza. Ubwo Madamu McKnight yamubwiraga iyo nkuru atari yiteze, Madamu McKnight yavuze ko se yahise aturika ararira kubera ibyishimo. Yabwiye ikiganiro Good Morning America ati: "Mwita umugabo w'akataraboneka. Nta kintu na kimwe kuri iyi si ntamukorera kugira ngo aryoherwe n'ubuzima ngo akomeze kumba inyuma". Biteganyijwe ko Bwana Houze na Madamu McKnight babagwa mu byumweru biri imbere kugira ngo bahane impyiko.
amakuru-56484226
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56484226
Covid: Bolsanaro wa Brazil yise abakuru b'intara 'abanyagitugu' kubera ingingo za guma mu rugo
Umukuru wa Brezil Jair Bolsonaro yise "abanyagitugu" abakuru b'intara n'ibisagara bafashe ingingo z'umukwabu wo kutava mu ngo kugira bahagarike ikwirakwira rya coronavirus.
Jair Bolsonaro yaraneguwe cane ku buryo yafashe ikibazo c'ikiza ca coronavirus Ashikiriza ijambo abayoboke biwe mu birori vyo guhimbaza isabukuru ry'amavuko yiwe, yavuze ko reta yiwe yakoze ivyo ishobora vyose ko hageze rero ko imirimo y'ubutunzi isubira gukorwa. Ku ndwi iheze, ikigo ca mbere mu bijanye n'amagara y'abantu Fiocruz cagabishije kivuga ko igisata co kwitaho amagara y'abantu muri Brezil cananiwe ku rugero rutari bwigere ruboneka. Cavuze ko ivyumba vyo mu bitaro vyakira abaremvye cane vyarengewe. Prezida Bolsanaro, yakwije imyaka 66 ku wa mungu, yagumye yanka ingingo zo kuguma mu rugo, avuga ko ingaruka zazo ku butunzi zoba mbi cane kurusha ingaruka z'iyo ndwara ubwawo. Mu minsi iheze uwo mukuru w'igihugu yabwiye abanyaBrezil ''kureka kuboroga" kubera ico kiza. Uburyo Bolsonaro yitwara ku kibazo c'indwara ya corona bwatumye anegurwa cane mu gihugu no mu mahanga. Ivyumba vyo kwakira abaremvye cane muri Brezil birasugerejwe n'iyongerekana rishasha ry'abarwayi Mu yindi nkuru itandukanye ariko ijanye n'iyo, ubushikiranganji bwa Brezil bujejwe amagara y'abantu ku wa mungu bwakuyeho ingingo yategeka kubika 50 kw'ijana y'incanco kugir zizoterwe abamaze kuronka urwa mbere. Umushikiranganji yahahora Eduardo Pazuello yavuze ko intumbero ari ukugira igitigiri kinini gishoboka c'abantu baronke nibura urucanco rwa mbere vuba hashoboka, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP. Brezil iriko irita ku rutare kugira hatangwe incanco muri ico gihugu kinini cane. Gushika ubu hakoreshwa incanco za Oxford-AstraZeneca na CoronaVac rwo mu Bushinwa, zompi zikenera ko umuntu aziterwa kabiri. Brezil yanatumyeko kandi incanco za Pfizer-BioNTech, Johnson & Johnson na Sputnik V. Brezil iza ubwa kabiri kw'isi mu bihugu bifise impfu nyinshi zifatiye kuri Covid-19 - inyuma ya reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abantu barenga 294.000 baramaze guppfa kuva ico kiza giteye, abamaze kwandura iyo ndwara gushika ubu ni miriyoni 12, hakurikijwe ibiharuro bitororokanywa na kaminuza ya Hopkins yo muri Amerika. Muri rusangi muri Brezil hapfa abantu 2.200 ku munsi kubera Covid. Umurindi wa vuba wo kwandura bivugwa ko watewe n'ubwoko bushasha bw'uwo mugera bwandukira cane. Fiocruz kivuga ko intara 27 za Brezil havuyemwo zibiri gusa, zose zimaze kuja hejuru ya 80% y'ubushobozi bwo kwitaho abarwaye Covid-19. Muri Rio Grande do Sul, ico kigo kivuga ko ata gitanda na kinwe cari gisigaye co kwakira abaremvye cane.
amakuru-44857018
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44857018
Perezida Trump yanenzwe kubera amagambo ye ashyigikira Uburusiya ku bivugwa ko bwivanze mu matora yo muri Amerika
Habayeho kunenga Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe z'Amerika nyuma yaho ashyigikiye Uburusiya ku bivugwa ko bwivanze mu matora yo muri Amerika yo mu mwaka wa 2016.
Trump na Putin hari byinshi badahuza muri politike y'isi Mu nama na Perezida Putin w'Uburusiya yaberaga mu murwa mukuru wa Finlande, Helsinki, Bwana Trump yavuguruje inzego z'ubutasi z'Amerika, avuga ko Uburusiya nta mpamvu n'imwe bwari bufite yo gutuma bwivanga mu matora yo muri Amerika. Paul Ryan, umurepubulikani ukuriye abandi muri kongere y'Amerika akaba n'umuvugizi w'iyi kongere, yavuze ko Bwana Trump agomba kubona ko "Uburusiya atari inshuti yacu." Bwana Trump na we ni uwo mu ishyaka ry'abarepubulikani. Ukuriye ubutasi bw'Amerika na we yihakanye Bwana Trump ku mugaragaro. Mu itangazo yasohoye, Dan Coats ukuriye ubutasi bw'Amerika yavuze ko Uburusiya ari bwo buri inyuma y'"ibikorwa bikomeje kandi byinshi bigerageza" gukoma mu nkokora demokarasi y'Amerika. Bwana Putin ahakana ibi bivugwa. Mu nama yabo yabaye ku wa mbere, ba Perezida Trump w'Amerika na Putin w'Uburusiya bagiranye ibiganiro byamaze hafi amasaha abiri batari kumwe n'abajyanama babo. Perezida Trump yavuze iki? Mu kiganiro n'abanyamakuru nyuma y'inama, Bwana Trump yabajijwe niba yizera ibyo inzego z'ubutasi z'Amerika zivuga cyangwa niba yizera Perezida w'Uburusiya ku bivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora y'Amerika yo mu mwaka wa 2016. Bwana Trump yasubije ati: "Perezida Putin avuga ko atari Uburusiya [bwabikoze]. Simbona impamvu bwaba ari bwo." Bwana Trump yananenze ubutegetsi bw'Amerika bwo mu gihe cyashize. Yavuze ko ari bwo bwo kubazwa kuba umubano hagati y'Amerika n'Uburusiya utameze neza. Ko atari Uburusiya bwo kubibazwa.
amakuru-43774844
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-43774844
Abagwanyi biyitiriye Onu mu kugaba igitero muri Mali
Igitero ca roketi n'ibombe yatezwe mu modoka ku basirikare b'abafaransa ba Onu cahitanye umuntu umwe abandi benshi barakomereka muri Mali.
Abasirikare ba Onu bacungereye umutekano kw'ihoteli i Bamako mu 2015 Abo bagwanyi bari bambaye nk'abasirikare ba Onu bafasha kugarukana amahoro muri Mali, bari bafise inkofero za Onu, imodoka barimwo ikaba yarishushanijweko ikiranga Onu, imbere yuko batera ibirindiro bibiri hafi y'ikibuga c'indege ca Tombouctou. Umugwi wa Onu warungitswe gutsimbataza amahoro muri Mali, wemeje ko umwe mu basirikare bawo bishwe. Abandi cumi na bangahe barimwo abasirikare b'abafaransa bakomeretse, nkuko leta yabishikirije. Mw'itangazo ryasohowe, umushikiranganji ajejwe umutekano yavuze ko abo bagwanyi bateye roketi nyinshi bambaye inkofero za Onu. Ngo hari n'imodoka zibiri zirimwo ibisasu biturika. Imwe muri izo modoka ngo yaturitse, iyindi yari ifise ikimenyetso ca Onu irahagarikwa, nkuko uwo mushikiranganji yavuze. Uwo mushikiranganji avuga ko naho abantu batanu bakomeretse, ko ingwano yarangiye kandi ko ibintu vyasubiye mu buryo. Ibitero ku basirikare ba Onu hamwe n'aba leta biramenyerewe muri ico gihugu ca Mali, cahora gikoronizwa n'Ubufaransa, muri kino gihe bugifasha mu vya gisirikare. Ikigo kijejwe umutekano cabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP, ko igitero cabaye kitari bwigere kiboneka i Tombouctou. "Ntitwari bwigere tubona igitero nk'iki," niko umwe mu bari mu butegetsi bw'i Tombouctou yavuze. Umugwi w'abasirikare ba Onu bafasha kugarukana amahoro muri Mali watwawe muri ico gihugu mu 2013, igihe aba Tuareg bagumukiye. Abasirikare 11000 nibo bariyo hamwe n'abapolisi 1741, umurimo barimwo uri mu ya mbere ivugwa ko iteye ubwoba. Imbere y'igitero ca roketi co ku munsi wa Gatandatu, abakozi 162 ba Onu nibo bamaze kwicwa mu myaka itanu irangiye. Uno mwaka abasirikare indwi bafasha gutsimbataza amahoro muri Mali nibo bamaze gupfa.
57282188
https://www.bbc.com/gahuza/57282188
Mozambique: Cassien Ntamuhanga watorotse gereza mu Rwanda yafatiwe i Maputo
Cassien Ntamuhanga watorotse gereza yo mu Rwanda mu 2017 yafatiwe muri Mozambique nk'uko byemezwa n'abo mu ishyaka rye rya politiki.
Mu 2014 ubwo Cassien Ntamuhanga yerekwaga abanyamakuru hashize igihe gito aburiwe irengero Itangazo ryasohowe n'ishyaka Rwandan Alliance for the National Pact - Abaryankuna, Ntamuhanga ari mu barishinze, rivuga ko yafashwe na polisi ku cyumweru i Maputo muri Mozambique. Leonel Muchina, umuvugizi wa polisi mu mujyi wa Maputo, yabwiye BBC ko azayisubiza mu nyandiko, kugeza ubu ntarasubiza. BBC yagerageje kuvugana na ambasade y'u Rwanda i Maputo n'ubushinjacyaha bw'u Rwanda, ntibyashoboka kugeza ubu. Abanyarwanda babiri baba i Maputo batifuje gutangazwa imyirondoro babwiye BBC ko bamenye amakuru y'uko Ntamuhanga yafashwe muri 'weekend' ishize, ariko batazi niba ari ho agifungiye. Constance Mutimukeye uvuga ko ari mu bayobora ishyaka ry'Abaryankuna, yabwiye BBC ko Ntamuhanga yafashwe, ubu bari kwamagana ko yoherezwa mu Rwanda. Mutimukeye avuga ko bari gukurikirana uko amerewe aho afungiye ariko ko nta makuru arambuye babitangazaho kugeza ubu. Ashakishwa nk'uwacitse ubucamanza Mu 2015, mu rubanza yaregwagamo n'abarimo umuhanzi Kizito Mihigo wapfiriye muri kasho ya polisi mu kwa kabiri 2020, Ntamuhanga yakatiwe gufungwa imyaka 25. Yaje gutoroka gereza ya Mpanga mu Rwanda mu kwezi kwa 11/2017 akoresheje imigozi, nk'uko byavuzwe n'urwego rushinzwe imfungwa n'abagororwa mu Rwanda. Muri uku kwezi kwa gatanu, Cassien Ntamuhanga yongeye gukatirwa gufungwa imyaka 25 mu rundi rubanza yarezwemo adahari aho we n'abandi bagabo 12 barezwe ibyaha by'iterabwoba, bamwe muri bo bagizwe abere. Ntamuhanga, ari mu bantu bashakishwa n'u Rwanda kuko bacitse ubucamanza. Baramagana ko yoherezwa mu Rwanda Constance Mutimukeye avuga ko bafite impungenge ko yoherejwe mu Rwanda yagirirwa nabi, ko kandi gufatwa kwe no kumwohereza byose binyuranyije n'amategeko. Ati : "Afatwa mu 2014, yafashwe igihe kimwe na Kizito [Mihigo], na Gérard Niyomugabo uyu waburiwe irengero kugeza ubu. "Biraboneka ko ibyo babareze byari ibihimbano bazira ko batangije urugaga rugamije impinduramatwara gacanzigo. Barabafunze ngo bace umutwe iyo 'organisation'. "Igihe yari muri gereza barumuna be batatu baburiwe irengero kuva mu kwa 10/2016 kugeza ubu." Kizito Mihigo na Cassien Ntamuhanga mu rukiko mu 2015 Yongeraho ati : "Kuba kandi yari impunzi ibyo byonyine birahagije ko tuvuga ngo ntajyanwe mu Rwanda." Kohererezanya abakekwaho ibyaha hagati y'u Rwanda na Mozambique ni ikibazo kireba amategeko cyangwa ubwumvikane bwashingira ku bucuti ibihugu bigirana. Cassien Ntamuhanga ni inde? Ntamuhanga w'imyaka 39, yavukiye i Kigali, yize muri Kaminuza y'u Rwanda, yamenyekanye mu biganiro bitandukanye ku maradiyo, bivuga kuri politiki n'iyobokamana. Mu 2009 yagizwe ukuriye radiyo ya gikristu yitwa Amazing Grace - ubu yafunze mu Rwanda. Mu kwezi ka kane 2014 yaburiwe irengero, nyuma y'iminsi polisi imwerekana hamwe na Kizito Mihigo, Jean Paul Dukuzumuremyi na Agnès Niyibizi baregwa gutegura ibikorwa by'iterabwoba. Uretse Kizito, aba bandi icyo gihe bahakanye ibyaha baregwaga. Ntamuhanga yari amaze igihe yumvikana kuri radiyo atanga ibitekerezo bya politiki bitavuga rumwe na leta. Yongeye kuvugwa cyane mu kwa 11/2017 ubwo yatorokaga gereza ya Mpanga hagati mu Rwanda akabasha kugera mu mahanga, byavuzwe ko yakoresheje imigozi kandi hari abamufashije. Mu myaka micye ishize yagaragaye avuga ko we n'urundi rubyiruko rw'abanyarwanda bashinze ishyaka bise Rwandan Alliance for the National Pact - Abaryankuna.
amakuru-54851593
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54851593
Amatora muri US 2020: Biden avuga ko yizeye intsinzi
Joe Biden yongeye kuvuga ko yizeye intsinzi mu gihe bigaragara ko ari kwegereza gutsinda Donald Trump mu matora ya perezida w'Amerika yabaye ku wa kabiri.
Biden na Kamala Harris biyamamazanya wamubera visi perezida aramutse atsinze aya matora Uyu mukandida w'abademokarate amaze kugira amajwi y'intumwa zitora (electoral votes) 253 mu gihe haba hacyenewe 270 ngo umukandida atsindire kuba perezida. Bwana Trump afite amajwi nkayo 214 kugeza ubu. Bwana Biden ari n'imbere mu majwi amaze kubarurwa muri leta z'isibaniro za Georgia, Nevada, Pennsylvania na Arizona. Intsinzi ya Biden yaba ivuze ko Bwana Trump mu kwezi kwa mbere yava mu biro bya White House amaze imyaka ine akoreramo. Biden yavuze iki nyirizina? Mu ijambo ejo ku wa gatanu nijoro yagejeje ku bamushyigikiye ari mu mujyi wa Wilmington muri leta ya Delaware, ari ho cyicaro cy'ibikorwa bye byo kwiyamamaza, yagize ati: "Tugiye gutsinda aya matora". Yumvikanye mu mvugo nk'umuntu wifitiye icyizere kurushaho, mu gihe amajwi amaze kubarurwa agaragaza ko akomeje kurushaho gusiga Donald Trump. Ubwo yavugaga iryo jambo, yari ari kumwe na Kamala Harris, senateri wa leta ya California, biyamamazanya nk'uwamubera visi perezida atsinze aya matora. Yavuze ko ari hafi gutsindira amajwi 300 y'intumwa zitora, avuga ko abantu benshi cyane batoye kwiyamamaza kwe - abarenga miliyoni 74 - kurusha undi mukandida-perezida uwo ari we wese wabayeho mu mateka y'Amerika. Bwana Biden yavuze ko Abanyamerika bamuhaye inshingano zo kurwanya icyorezo cya coronavirus, guhangana n'ubukungu butifashe neza, imihindagurikire y'ikirere ndetse n'irondabwoko ryabaye akarande. Uyu mukandida w'abademokarate wiyamamaje nk'ushaka ubumwe bw'Abanyamerika, yavuze ko igihe kigeze ngo "imvugo isesereza ive muri politike" ndetse habeho "gutanga ibitekerezo mu bwubahane". Ati: "Dushobora kuba tutavuga rumwe ariko ntabwo bivuze ko turi abanzi, turi Abanyamerika". Ntiyigeze avuga Bwana Trump, mukeba we w'umurepubulikani. Iri jambo rya Bwana Biden ubundi ryari ryarateganyijwe nk'ijambo ryajyaga kuba iryo kwishimira intsinzi, ariko yahisemo ahubwo kurivugamo uko ibintu bihagaze ubu muri rusange mu matora, mu gihe televiziyo zo muri Amerika zigengesereye zikaba ziretse kumutangaza ko yatsinze. Bwana Biden yavuze ko yizeye ko kuri uyu wa gatandatu aza kugeza irindi jambo ku Banyamerika. Nta kigaragaza ko Trump yabyemera abaye atsinzwe Bwana Biden - mbere y'ubu wari wariyamamarije kuba perezida mu mwaka wa 1988 no mu 2008, ntabigereho - yaba abaye perezida wa mbere ushaje ubayeho mu mateka y'Amerika mu gihe yaba arahijwe mu kwezi kwa mbere, ku myaka 78. Naramuka atangajwe muri iyi mpera y'icyumweru ko ari we watsinze amatora, biteganyijwe ko itsinda rye ritangira ubutegetsi bw'inzibacyuho (cyangwa bw'imfatakibanza mu Kirundi) ku wa mbere. Urwego rushinzwe gucungira umutekano abategetsi bakuru b'Amerika rwohereje muri leta ya Delaware abo kongerera imbaraga abarinda Bwana Biden. Urwego rw'indege za gisivile narwo rwagabanyije ingendo zemerewe kuba hejuru y'ikirere cyo mu mujyi wa Wilmington wo muri iyo leta, aho Bwana Biden ari. Ariko, nta kigaragaza ko mu gihe kigufi kiri imbere Bwana Trump azemera kumuha ubutegetsi biramutse bibayeho agatsindwa aya matora. Ejo ku wa gatanu nyuma ya saa sita z'amanywa, Bwana Trump yanditse kuri Twitter ati: "Joe Biden ntakwiye kwiyitirira umwanya wa Perezida mu buryo butari bwo. Nanjye nshobora gukora nk'ibyo. Ibikorwa byo mu rwego rw'amategeko ubu biratangiye!" Bwana Trump amaze iminsi avuga - nta gihamya atanga - ko habayeho uburiganya muri aya matora. Byatumye bamwe mu barepubulikani bagenzi be bavuga ko iyo mvugo ikwiye guhagarara.
amakuru-54136602
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54136602
Coronavirus: Oxford igiye gusubira gutangura rwa rucanco rwari rwabangiriwe
Igerageza rw'urucanco rwa Covid-19 ruriko rutunganywa n'uruganda rw'imiti AstraZeneca n'ishure kaminuza ya Oxford rigiye kubandanya inyuma yo kubangirwa inyuma y'aho bivugiweko hari uwo rwagizeko ingaruka mbi.
Ku wa kabiri w'iyi ndwi, AstraZeneca yavuze ko iri gerageza ryari ribaye rirahagarikwa mu gihe hariko hakorwa amatohoza kugira barabe nimba ivyabaye kuri umwe mu bantu bariko barugeragerezwako bifitaniye isano. Ariko nijoro ku wa gatandatu, kaminuza ya Oxford yatangaje ko uru rukingo ata ngorane rufise, ko rero rushobora kubandanya. Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, Matt Hancock, yakiriye n'igishika cinshi iyi nkuru imenyesha ko igeragezwa ry'uru rucanco rigiye kubandanya. "Iyi ngingo yo kubangira yerekana ko twitwararitse ubuzima bwa muntu imbere ya vyose. Tuzoshigikira abahinga bacu kugira no bashobore kuduha urucanco nyarwo vuba bishoboka". Itangazo ryasohowe n'iyi kaminuza rivuga ko vyari "vyitezwe" ko bamwe "mu bariko bageragerezwako uru rucanco bashobora kubona ingaruka mbi" mu magerageza manini cane nk'iri. Ryongerako y'uko ubu bushakashatsi bushobora kubandanya bisunze impanuro bahawe n'umurwi wigenga ujejwe kwihweza ibijanye n'imiti, hamwe n'ikigo c'igihugu kijejwe kugenzura imiti n'ibijanye n'ubuvuzi. Ntiyategerezwa gutanga amakuru yerekeye umurwayi ku mpamvu z'ibanga, ariko ikinyamakuru New York Times carashoboye kumenya ko umwe mu bitanze kugeragerezwako mu Bwongereza yagize ibibazo vy'ubushe ku ruti rw'umugongo. Ishami rya ONU rijewe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO rivuga ko hafi incanco 180 ari zo ziriko zirageragezwa mu mpande zitandukanye z'isi, ariko ko gushika ubu ata na rumwe rurashobora kurangira. Hari icizere kinini ko uru rucanco rushobora kuba mu za mbere zishobora gutangura gukoreshwa, inyuma y'aho rugeragerejwe ku ncuro ya mbere n'iya kabiri bikagenda neza. Iri gerageza ryo ku ncuro ya gatatu ririko rikorerwa ku bantu bashika 30.000 muri Amerika co mu Bwongereza, Brezili na Afrika y'Epfo. Incuro ya gatatu kenshi ijamwo abantu baharurwa mu bihumbi kandi igashobora no kumara imyaka itari mike. Ku wa gatatu, umuhanuzi wa leta mu bijanye n'ubuhinga mu Bwongereza, Sir Patrick Vallance, yabwiye abanyamakuru ko ivyashitse muri rino gerageza ririko rikorwa na Oxford ari ibintu bitari bimenyerewe.
51172558
https://www.bbc.com/gahuza/51172558
Wilson Irategeka: Uyu muyobozi w’inyeshyamba yaba yishwe n’ingabo za DR Congo?
Hari amakuru atandukanye avuga ko Laurent Ndagijimana, uzwi ku mazina ya Wilson Irategeka na Rumbago yaba yiciwe mu mirwano y'ingabo za DR Congo n'inyeshyamba ayobora za CNRD-FLN.
Wilson Irategeka mu 2014 ubwo yari akiri umurwanyi mu nyeshyamba za FDLR Kapiteni Dieudonné Kasereka umuvugizi w'ingabo za DR Congo muri Kivu y'Epfo yabwiye BBC Gahuzamiryango ko mu minsi micye ishize barasanye n'abarwanyi ba CNRD-FLN. Kapiteni Kasereka avuga ko iyi mirwano yebereye ahitwa Mwenda muri Kivu y'Epfo aho yemeza ko hishwe inyeshyamba nyinshi, ntavuga niba hari ingabo za leta zahaguye. Ati: "Mu gace ka Kalehe muri Kivu y'Epfo twakurikiranye izi nyeshyamba ahitwa Kabare, duheruka kurasanira nazo ahitwa Mwenda. "Ku rupfu rwa Wilson Irategeka ntabwo ubu nahita mbyemeza turacyagenzura imirambo y'abishwe kuko ni benshi barashwe, tuzabyemeza nyuma y'igenzura mu gihe gikwiye. "Icyo nakwemeza ni uko uyu mutwe wa CNRD-FLN tumaze kuwusenya ku kigero cya 90%". Kuva mu kwezi kwa gatandatu gushize impuzamashyaka MRCD-Ubumwe yatangaje ko ishyaka rya CNRD - Ubumwe riyoborwa na Wilson Irategeka ariryo riyoboye iyi mpuzamashyaka kuri manda isimburanwaho y'umwaka umwe. MRCD - Ubumwe ari nayo ifite umutwe wa FLN ntacyo iratangaza ku makuru y'iyicwa rya Wilson Irategeka. Wilson Irategeka yahoze ari umurwanyi mu nyeshyamba za FDLR aza kuyivamo ashinga ishyaka rye, bivugwa ko ibi byabaye hagati ya 2015 na 2016. Mu kwezi kwa karindwi Perezida wa DR Congo ari i Beni yatangaje ko hagiye gutangira ibitero bikomeye by'ingabo za leta bigomba kurandura imitwe yitwaje intwaro mu burasirazuba bwa DR Congo. Mu kwezi kwa cumi, ingabo za DR Congo zatangiye ibyo bitero, muri iyo mitwe y'inyeshyamba harimo irwanya ubutegetsi bw'u Rwanda nka FDLR na FLN. Hari amakuru yavuzwe ko ingabo z'u Rwanda zaba ziri gufatanya n'iza Congo muri ibi bitero, aya makuru yahakanywe n'impande zombi. Muri ibi bitero, abasirikare bakuru mu nyeshyamba za FDLR zikorera muri Kivu ya ruguru jenerali Sylvestre Mudacumura yarishwe, Juvénal Musabyimana alias Jean-Michel Africa aricwa naho koloneri Nshimiyimana Asifiwe Manudi arafatwa. Mu nyeshyamba za CNRD - FLN zikorera muri Kivu y'Epfo, abarwanyi bawo benshi baheruka gufatwa boherezwa mu Rwanda barimo umuvugizi w'uyu mutwe Herman Nsengimana.
amakuru-39034542
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-39034542
Abagore ntibarekuriwe gufata ingendo bonyene muri Libya
Ingingo yo kubuza abagore bo muri Libya kwijana mu mahanga ngo iri mu nzira yo kubungabunga umutekano w'igihugu, ariko ataho bihuriye n'ivyiyumviro vy'idini, nk' uko bimeneyshwa n'abategetsi ba gisirikare.
Abagore bagiye imbere mu guharanira amahinduka bashobora gufata iyi ngingo nko gusubira inyuma Iyi ngingo ngo ishobora kuzogira ingaruka ku ngenzi zica muri Libya zirengana zerekeza mu karere ko mu buseuko, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC ari mu muji wa Tripoli. Leta yo mu buseruko bwa Libya, ifise icicaro al-Beyda, iryo tegeko rikaba ryatanguye gushigwa mu ngiro mu kibuga c'indege ca Labraq. Umuvugizi w'ibiro bikuru vya gisirikare muri Libya, Abdulrazzak al-Naduri, yemereye BBC ko iyo ngingo yafashwe koko. Utugwi tugwi nitwo ducungera ibice vya Libya Yavuze ko abagore baserukira amashirahamwe yigenga bakunze kuja mu mahanga, ahanini bakoreshwa mu busumyi bw'urusaku n'ibihugu vyo hanze. Kubona iryo tegeko ritatowe n'inama nshingamateka ariko rija ryamaze gutangura gukurikizwa, vyerekana gucanamwo kuri mu banya politike ba Libya, aho bamwe ku ruhande rwabo bashiraho amategeko bashaka mu karere bagenzura. Libya yiziziwe n'akajagari kuva mu ingabo zishigikiwe na OTAN zikuye umukuru waco colonel Muammar Gaddafi mu mwaka wa 2011. Agace k'ubuseruko bayobowe na commandant Khalifa Hafter ayaboye intambara yo kugwanya umugwi Islamic State.
56657675
https://www.bbc.com/gahuza/56657675
Rwanda: Faustin Twagiramungu avuga ko hari abambuwe uburenganzira bwo kwibuka
Mu gihe u Rwanda rutangira iminsi 100 yo kwibuka jenoside, ishyaka RDI-Rwanda Nziza rivuga ko igihe inyito y'ibyabaye mu Rwanda mu 1994 itarahinduka nta bumwe nyabwo buzaba mu Banyarwanda.
Mu 2018 Umuryango w'Abibumbye wanzuye ko tariki 07 z'ukwezi kwa kane buri mwaka ari "umunsi mpuzamahanga wo gutekereza kuri Jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda". Mu kiganiro n'abanyamakuru, ishyaka RDI-Rwanda Nziza ritavuga rumwe n'ubutegetsi bw'i Kigali rikorera mu mahanga ryavuze ko inyito ya jenoside yagiye ihindurwa mu nyungu z'abafashe ubutegetsi (FPR-Inkotanyi). Faustin Twagiramungu wabaye Minisitiri w'intebe nyuma ya jenoside, ukuriye iryo shyaka, yavuze ko iyo nyito yahinduwe "ku bwumvikane bw'abantu bamwe na bamwe, babijyana muri ONU irabyemera." Yagize ati: "Guverinoma yagiyeho [nyuma ya jenoside] yize ikibazo cy'ibyari byabaye, bavuze ko habayeho itsembatsemba n'itsembabwoko. Byagiye bihindurwa ku nyungu za FPR." Twagiramungu yavuze ko ubundi bwicanyi bwabaye bwakorewe Abahutu butavugwa mu Rwanda, ko abiciwe ababo muri ubwo bwicanyi "bambuwe uburenganzira bwo kubibuka". Leta y'u Rwanda ishimangira ko hateguwe hakanashyirwa mu bikorwa jenoside yakorewe Abatutsi, kuvuga ibinyuranyije n'ibyo hari abagiye babihanirwa nk'icyaha cyo gupfobya jenoside. Faustin Twagiramungu asaba ko inyito "jenoside yakorewe Abatutsi" isubirwamo Mu kwibuka uyu mwaka, Komisiyo yo kurwanya jenoside ivuga ko uyikuriye Jean-Damascène Bizimana yateguye ubushakashatsi buzatangazwa mu minsi 100 kuva uyu munsi, buri mu majwi mu buryo bwa Podcast, buvuga ubwicanyi bwabaye muri iyo minsi. Twagiramungu avuga ko mu ishyaka RDI bemera ko habaye "Jenoside y'Abanyarwanda" kuko ngo hari "Abatutsi bishwe n'interahamwe z'Abahutu, n'Abahutu bishwe n'inkotanyi". Yagize ati: "Igihe cyose abantu bazavuga ko ari Abatutsi gusa bapfuye hari abazakomeza kugira ipfunwe ariko ntibazibagirwa ababo biciwe muri Congo n'abiciwe mu Rwanda". Yongeraho ati: "Guverinoma nireke habeho igihe cy'urwibutso, buri wese agire uburenganzira bwo kwibuka abe, niba bitagenze bityo nta bumwe nyabwo buzigera bubaho". "Twahinduye umuvuno" Mu 2019, Faustin Twagiramungu yumvikanye asaba urubyiruko gukoresha intwaro no gufatanya n'inyeshyamba za FLN kuvanaho ubutegetsi buriho mu Rwanda. Mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa kabiri abajijwe niba agikomeje ibyo yavuze, yavuze ko bahinduye ibitekerezo ubu bashaka intambara y'amahoro no kubanisha abantu mu mahoro. Yagize ati: "Twahinduye umuvuno kuko twasanze ibyo dutangiye noneho ari byo bizatuma Abanyarwanda batsinda kandi bakabana mu mahoro… Abashaka kurwana bumva bazakoresha ibikoresho byo kwica rubanda, abo ntabwo ari abanjye." Twagiramungu avuga ko ibyabaye mu Rwanda bitazakemurwa n'inkiko gusa "ahubwo no kubabarirana…kugira ngo abato bazabeho mu mahoro". Mu 2020, Amerika n'Ubwongereza byavuze ko bifite impungenge ku nyito ikoreshwa ya "jenoside yakorewe Abatutsi", bivuga ko itagaragaza byuzuye ubukana bw'ubwicanyi bwakorewe andi moko. Mu gusubiza ibyo bihugu icyo gihe, Valentine Rugwabiza uhagarariye u Rwanda muri ONU yavuze ko bijyanye n'igisobanuro cya jenoside cyemejwe na ONU mu mwaka wa 1946, uyu muryango w'abibumbye wemeje ko ubwicanyi bwabaye mu Rwanda mu 1994 buhuye neza n'icyo gisobanuro. Impungenge z'Amerika n'Ubwongereza ku nyito ya Jenoside yo mu Rwanda zishatse kuvuga iki?
amakuru-51589782
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51589782
U Rwanda na Uganda vyumvikanye guhanahana inkozi z'ikibi mu nama i Gatuna
Inama yo kunagura umubano hagati y'ibihugu vya Uganda n'u Rwanda yabera ku rubibe rwa Gatuna irangiye hashizwe umukono ku masezerano yo guhanahana inkozi z'ikibi.
Prezida Paul Kagame na Yoweri Museveni bamaze umwaka urenga batarabana ryiza Iyo nama yari iyigira gagatu yo ku rwego rwo hejuru hagati ya Prezida wa Uganda Yoweri Museveni, n'uw'u Rwanda Paul Kagame. Iyi nama y'uno munsi i Gatuna, co kimwe na zibiri zayibanjirije mu mwaka uheze no mu ntango z'uno mwaka zabereye i Luanda muri Angola, zatumweko n'abakuru b'ibihugu vya Kongo na Angola mu ntumbero wo kwumvikanisha u Rwanda na Uganda. Nk'uko vyagenze mu nama zibiri ziheruka, ba Prezida João Lourenço wa Angola na Etienne Tshiseke wa Kongo, bari bitavye nk'abahuza. Prezida Paul Kagame na Yoweri Museveno bashize umukono ku maserano yo guhanahana impfungwa, ikintu nyamukuru capfunditswe muri iyi nama. Uganda yiyemeje gukora itohoza ku vyagiriji vy'u Rwanda vy'uko hari abarwanya ico gihugu batse indaro muri Uganda, iryo tohoza rikaba ryarangiye mu kwezi kumwe. Muri ico gihe Uganda izoca ishirikiriza icegeranyo umugwi uzoshingwa, uwo nawo ushikirize ivyo washitseko kuri abo bakuru b'ibihugu bane. Nyuma y'iminsi 45 hazoba iyindi nama izoba igamije kwihweza kwugurura urubibe rwa Gatuna/Katuna. Kwitana ba mwana Umubano hagati y'u Rwanda na Uganda umaze ikiringo kirenga umwaka waratosekaye, kubera ukwinubana hagati y'ibi bihugu bibanyi. Prezida wa Angola João Lourenço (wa kabiri uvuye i buryo) na Etienne Tshisekedi wa Kongo (wa mbere uvuye i buryo) nibo bumvikanisha Uganda n'u Rwanda U Rwanda rwagiriza Uganda gufata no gufunga abanyarwanda ata caha kigaragara bagirizwa, hamwe no guha icumbi imigwi y'abarwanyi ifise umugambi wo gutera u Rwanda. Uganda nayo yagiriza u Rwanda kuba rurungika abasumyi b'urusaku bagacengera mu nzego nyinshi z'ico gihugu. Ukwo kwinubana kwahavuye kuvamwo kwugara urubibe vyagizwe n'u Rwanda, leta y'ico gihugu ica inaburira abanyagihugu kudasubira muri Uganda ngo kuko "bahohoterwa". Kwugara uwo mupaka vyagize ingaruka ku banyagihugu baba hakurya no hino, kuko bazera uburamuko mu bikorwa bakorera hirya no hakuno ya buri gihugu.
amakuru-52586811
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52586811
Tanzania: Polisi yahamagaje abadepite banze kwitabira imirimo y'inteko batinya coronavirus
Polisi yo mu mujyi wa Dar es Salaam muri Tanzania yatumije abadepite b'ishyaka ritavuga rumwe n'ubutegetsi kuza kubazwa nyuma y'uko banze kwitabira imirimo y'inteko kuko bafite ubwoba bwo kuhandurira coronavirus.
Mu cyumweru gishize, ishyaka Chadema rikomeye mu atavuga rumwe n'ubutegetsi, ryasabye abadepite baryo kwishyira mu kato iminsi 14 kandi ntibagere ku ngoro y'inteko ishinga amategeko iri i Dodoma. Bafashe iki cyemezo nyuma y'urupfu rw'abadepite batatu mu gihe cy'ibyumweru bibiri - nubwo izo mfu zitahujwe na coronavirus. Iri shyaka rifite abadepite 62 muri 383 bagize inteko ya Tanzania, hafi ya bose bumviye ishyaka ryabo ntibitabira imirimo y'inteko iri kwiga ku ngengo y'imari ya leta ya 2020/21. Benshi mu banyapolitiki muri Tanzania baba i Dar es Salaam. Ukuriye inteko ya Tanzania agerutse kuvuga ko aba badepite banze kwitabira inteko bazafarirwa ibihano. Yavuze ko bafashe icyo cyemezo baramaze kwishyurwa "agahimbazamusyi k'ubwitabire" bw'inama z'abadepite k'ibyumweru bibiri, kangana n'amadorari $48,000. Uyobora inteko, kuwa gatatu yagize ati: "Mu magambo macye ni ubujura". Komiseri Paul Makonda utegeka polisi mu mujyi wa Dar es Salaam mbere yari yahaye amasaha 24 abo badepite ba Chadema kuva muri uyu mujyi cyangwa bagafungwa. Yavuze ko ibyabo azabikemura nk'uko mu gihe cyashize yakemuye ikibazo cy'abacuruza imibiri yabo. Benshi muri aba badepite bahise bamukabiriza ngo aze abafunge. Muri Tanzania, imibare iheruka gutangazwa kuwa kane ushize, ivuga ko kugeza ubu habonetse abantu 480 banduye coronavirus, 167 bayikize na 16 yishe.
amakuru-55204925
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55204925
Ethiopia: Umwe mu baba Tigray ati 'Sinibaza ko Tigray yari bwigere iba mu bigeragezo nk'ibi'
BBC yarashoboye kuvugana na bamwe mu bantu baba hagati mu gisagara ca Mekelle, umugwa mukuru w'intara ya Tigray muri Ethiopia, ubwa mbere kuva umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed atangaje ko intambara yari imaze indwi zine irangiye.
Kuva ku wa 04 z'ukwa cumi na rimwe, ingabo za Ethiopia ziri mu ntambara n'ingabo za TPLF Umwe mu baba muri ico gisagara, n'umwiheburo mwinshi, ati: "Bitareye ubwoba. Ni ukuri ntivyoroshe na gato. Sinibaza ko Tigray yari bwigere iba mu bigeragezo nk'ibi". BBC yari imaze igihe igerageza kuvugana n'abantu baba muri ico gisagara gisanzwe kibamwo abantu bangana hafi igice c'umuriyoni. Amaterefone yaraciwe, eka n'amatara yama acikagurika, vyumvikana ko n'itumatumanako ritoroshe. Ariko BBC yashoboye kuganira n'abantu babiri baba muri ico gisagara ku wa gatatu no ku wa kane, bashoboye gusigura ibibera muri ico gisagara. Ku mvu z'umutekano wabo, amazina yabo ntavugwa. Umugwa mukuru wa Tigray Mekelle, utuwemwo n'abantu bashika 500.000 Kuva ku wa 04 z'ukwa cumi na rimwe, bari mu ngorane zo kuronka ivya nkenerwa mu buzima. Aba bantu babiri bavuga ko ata kiragenda kuva aho ingabo za Ethiopia zinjiriye muri Mekelle, haraciye indwi irenga. Umwe muri bo ati: "Gushika ubu nta muyagankuba, nta mazi, amabanki ntakora". "Muri iki gisagara nta butegetsi buriyo". Yongera ko y'uko abasirikare ba reta ya Ethiopia baboneka mu bibanza bimwe bimwe, kandi ko kubera atagiporisi kiriyo canke abajejwe umutekano, ubusuma nibwo bwiraye. Hagati aho, ibinyamakuru vyegamiye reta bitangaza ko iki gisagara "kiriko kirasubira mu buzima busanzwe". Imboneshakure ya Ethiopia (ETV) yerekana ko ibintu bimeze neza i Mekelle Umunyagihugu yavugiye ku mboneshakure ya Ethiopia (ETV) yavuze ati "abantu baratembera, amaduka aruguruye kandi...turaja no gusenga. Ibintu bimeze nk'uko ubobona, amahoro arasasagaye". ETV yerekana amasanamu y'abantu batembera mu mabarabara ataco binona. Ariko gusa hari ibintu bitandukanye vyerekana ingaruka y'igitero kuri ico gisagara. Mu ndwi iheze, imbere y'uko ingabo za Ethiopia zinjira i Mekelle, yabanje guterwa amabombe mbere n'abanyagihugu bamwe bahungira hanze y'iki gisagara bahunga ibi bibombe. 'Amazu yarasambuwe ' Ku wa mbere, umushikiranganji Abiy yashikirije ijambo abashingamateka i Addis Ababa aho yababwiye ko "ata musivire n'umwe yishwe" mu gihe ingabo za reta zatera ico gisagra. Hagati aho, aba bantu babiri baba i Mekelle bavuganye na BBC bavuze ko biboneye abasivire bapfuye abandi bakomeretse mu bitaro vy'iki gisagara inyuma y'ibibombe vyatewe ku wa gatandatu w'indwi iheze. Umwe muri aba yerekanye isanamu y'inzu yasambuwe na bombe mu karere kari gatuwemwo n'abanyagihugu kitwa Ayder Edaga Begie, mbere kinahitana n'umuryango wayibamwo. Umwe mu bavuganye na BBC yerekanye isanamu y'inzu yasambuwe na bombe mu karere ka Ayder Edaga Begie, mbere kinahitana n'umuryango wayibamwo Yishura kuri ibi bivugwa n'aba bantu, umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe intwaro rusangi Zadig Abraha yashigikiye umushikiranganji wa mbere ku vyo yavuze, maze abwira BBC ati: "Ku ruhande rwacu, twarashoboye gukora uburyo bwose abasivire ntibahasiga ubuzima". Mu ndwi iheze, ishirahamwe International Committee of the Red Cross (ICRC) ryatangaje ko ibitaro bikuru vya Mekelle "vyariko birarengerwa ku buryo buteye ubwoba" kubera ubukene bw'ibikoresho mu gihe vyabandanya bivura abakomerekeye muri iyo ntambara muri ico gisagara. Hagati aho, ICRC, ntiyatanze igitigiri na kimwe c'abantu boba baraguye canke bakomerekeye muri iyo ntambara. Eka nta n'uko yamenyesheje nimba abapfuye canke abakomeretse bari abasivire canke abasirikare. BBC kandi yarashoboye kuvugana n'umwe mu baba mu gice co mu burengero bwa Tigray, ahabereye intambara zikomeye mu ntango z'ukwezi guheze. Muri ako karere, itumatumanako ryarasubiye gukora buke buke. Uyu avuga ko abantu bagitekewe n'ubwoba muri ako karere, akavuga ko abarwanyi bo mu ntara ya Amhara ihana urubibe na Tigray bica, bagahohotera kandi bakirukana abo mu bwoko bw'aba Tigray. Ati: "Naragerageje guhungira muri Sudani, ariko baratuzibiye. Turi mu bihe bidasanzwe. Bisa n'uko dupfunzwe. Hari abantu bataronka n'utwo bashira ku munwa iyo binyegeje mu mashamba". "Umusi wose tuba twinyegeje mw'ishamba. Ntitugira uwudukingira. Twarataye imirima yacu. Ibitungwa vyirirwa biriyerereza mu mirima". Mu kwezi guheze, umurwi wa Ethiopia ujejwe agateka ka zina muntu watangaje ko abantu bashika 600 bishwe mu gisagara ca Mai-Kadra. Wavuze ko abo mu bwoko bw'aba Amhara ari bo batewe n'urwaruka rw'aba Tigray rufashwe mu mugongo n'abategetsi b'umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF), ibishobora gufatwa nk'ivyaha vyo mu ntambara. TPLF irahakana ko ata ruhara ibifisemwo. Aba banyagihugu babiri baba i Mekelle babwiye BBC kandi ko intambara zari zikibandanya hafi y'igisagara ku wa gatatu no ku wa kane. Ariko umushikiranganji Zadig yavuze ati"nta ntambara ihari", yongerako y'uko TPLF "ata bushobozi isigaranye bwo kubandanya intambara", ko ahubwo ingabo za reta ziriko zirondera guhagarika abayirongoye. TPLF yoyo ibandanya ivuga ko intambara ibandanya, ikavuga ko ihanganye n'abateye akarere kayo.
amakuru-52662458
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52662458
Coronavirus: 'Miss Rwanda' mu banini, wayikize ni we wari urembye kurusha abandi
Vivine Uwizeye uzwi cyane ejo kuwa gatatu yavuye kwa muganga nyuma yo gupimwa inshuro enye mu byumweru bibiri ngo hemezwe neza ko yakize coronavirus nk'uko abivuga.
Viviane Uwizeye avuga ko bamwe mu bo babana bakiyirwaye nabo yizeye ko bazakira Uyu ni umuntu wanduye coronavirus mu Rwanda wamenyakana bikavugwa cyane ku mbuga nkoranyambaga. Yabwiye BBC ko ari we wahamagaye abashinzwe ubuzima ubwo yari amaze iminsi afite bimwe mu bimenyetso bya Covid-19 birimo inkorora n'umutwe kugira ngo bamusuzume. Avuga ko bamusanze iwe mu rugo tariki 16/04/2020 bagafata ibipimo, bakamubwira ko ibisubozi abibona hagati y'amasaha 24 na 48. Ati: "Bavuye mu rugo uwo munsi nimugoroba naje kuremba ntangira kubura umwuka, nibwo baje kunjyana kwa muganga CHUK banshyira ku mwuka, bareba ko wenda naba mfite izindi ndwara ariko ntibazibona". Umunsi wakurikiyeho nibwo yamenyeshejwe ko basanze yaranduye coronavirus. Avuga ko yari inkuru iteye ubwoba. Minisiteri y'ubuzima ivuga ko kugeza ejo kuwa gatatu mu Rwanda hamaze kuboneka abantu 287 banduye coronavirus, muri bo 164 bamaze kuyikira ntawe irica. Mu minsi irindwi ishize habonetse abantu 19 bashya banduye Covid-19, iyi minisiteri ivuga ko muri bo batatu(3) ari bo bayanduriye imbere mu gihugu, abandi biganjemo abashoferi b'amakamyo yambukiranya imipaka. Tariki 18/04/2020 Madamu Uwizeye, umubyeyi w'abana babiri, yajyanywe ku ivuriro rya Kanyinya riri hanze gato y'umujyi wa Kigali, aho bakurikirana abrwaye coronavirus mu Rwanda. Icyo gihe minisiteri y'ubuzima yatangaje ko ari we murwayi bafite urembye, Viviane Uwizeye nawe yabwiye BBC ko koko muri iryo vuriro icyo gihe ariwe murwayi wari urembye. Ati: "Nitaweho cyane, bakoresheje imbaraga zishoboka bampa imiti ishoboka itsinda ry'abaganga ryarazaga rikareba icyo rigomba kunkorera. Ni njyewe wari urembye kuri urwo rwego". Vivine Uwizeye (wambaye ingofero) ajya akora ibikorwa byo kumurika imideri Madamu Uwizeye yabwiye BBC ko mu 2011 yatowe nka Miss Rwanda mu marushanwa y'abagore n'abakobwa babyibushye. Nta yandi marushanwa araba nk'ayo bityo avuga ko akiri Miss Rwanda muri iki kiciro. Nubwo ari munini nta ndwara zikunze kugendana n'umubyibuho kwa muganga bamusanzemo nk'uko abivuga, yemeza ko biri mu byafashije umubiri we gusohora iyi virus mu mubiri. Avuga ko abaganga bavura ibimenyetso by'iyi ndwara umubiri nawo ukarwana n'iyi virus, maze bitewe n'ubwirinzi bwawo ukabasha kuyitsinda. Ku kigo yavurirwagaho i Kanyinya, avuga ko abarwayi bahura n'abaganga b'indwara zo mu mutwe babafasha kutagira ihungabana kubera ibyo bari kumva ko iki cyorezo kiri kwica abantu benshi. Serivisi zose abariyo bahabwa avuga ko nta kiguzi baca umurwayi , akavuga ko abona ko leta yabyiteguye neza. Ibyumweru bibiri nyuma yo gukira Mu ntangiriro z'uku kwezi nibwo ibipimo bya mbere byagaragaje ko yakize iyi ndwara. Ati: "Icyo gihe uba winjiye mu kindi kiciro cyo gupima neza ko wakize. Madamu Uwizeye avuga ko kuva icyo gihe kugeza ejo tariki 13/05/2020 asezererwa mu bitaro yasuzumwe inshuro enye (4) kugira ngo bemeze neza ko yakize. Uwizeye avuga kuri Covid-19 ati: "Utayivuje kare yaguhitana, ariko nanone nkurikije uko nari ndembye mpamya ko uwagera kwa muganga wese hakiri kare yahava yakize". Uwizeye avuga ko iyi ndwara igoranye mu rwego rw'uburyo yandura kuko atazi neza uko yayanduye, gusa akeka ko yayanduye akoze ahantu iyi virus iri nawe akiyanduza. Avuga ko nubwo yayikize, kwa mugana bamubwiye ko akomeza akirinda ko yakongera kuyandura. Miss Vivy nk'uko bakunze kumwita, avuga ko mu babana nawe mu rugo harimo abanduye Covid-19 bakiri kuvurwa kandi yizeye ko nabo bazakira.
imikino-36190460
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-36190460
Leicester City yatwaye igikombe nyuma y'uko Tottenham inganyirije na Chelsea 2-2
Leicester City yegukanye igikombe cya shampiyona y'umupira w'amaguru mu Bwongereza mu buryo butangaje mu mateka yo mu rwego rw'imikino.
Umukinnyi wa Leicester Jarmie Vardy Kunganya kwa Tottenham na Chelsea2-2 mu ijoro ryakeye ku wa Mbere, byashimangiye ku buryo budasubirwaho amateka y'ikipe itozwa na Cladio Ranieri. Leicester yatangiye shampiyona iri ku gipimo cy'amahirwe ya 5.000-1 yo gutwara igikombe, mbere y'uko habuze gato ngo isubire mu cyiciro cya kabiri mu mwaka ushize. Abakinnyi bane ba Leicester- Jamie Vardy, Riyad Mahrez, N'Golo Kante na Wes Morgan batoranyijwe mu kinpe y'umwaka muri shampiyona y'Ubwongereza Ariko bamaze gutsindwa imikino itatu gusa mu buryo busobanurwa nk'inkuru itangaje y'ibihe byose mu mateka y'umukino ukinwa nk'ikipe. Amakipe yari ahanganye na Leicester Spurs, Arsenal, Manchester City na Manchester United ndetse na Chelsea yatwaye iki gikombe umwaka ushize, zose zananiwe kugera ku rwego rw'imikinire ya Leicester. Abakinnyi bose b'ikipe ya Leicester baguzwe amafaranga ari hasi y'ayagurwa umukinnyi umwe muri imwe mu makipe akomeye bari bahanganye. Lineker nta cyizere yari afite ku buryo mu kwezi kwa 12 yasezeranyije gutangaza ikiganiro cy'imikino akora kuri BBC cyitwa Match Of the Day yambaye ikariso gusa, Leicester nitwara igikombe. Ndetse naMinisitiri w'Intebe David Cameron yacyeje Leicester agira ati : "biratangaje, igikombe cya shampiyona y'Ubwongereza baragikwiye mu buryo bwose". Mark Selby afite impamvu zirenze imwe zo kwishima nyuma yo gutwara igikombe cya biyari (Snooker cyangwa Billard) Abafana bateraniyehanze y'inzu ya Vardy bishimira gutwara igikombe Utubari twari twuzuye abafana bari buzuye ibyishimo Benshi mu bafana bafashe iy'umuhanda bishimira igikombe cya Leicester City
51194719
https://www.bbc.com/gahuza/51194719
Burundi: Basaba ko ingingo yo gukata umushahara w'abigisha ibangira
Umurwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH usaba ko ingingo yo gukata intererano ku mishahara y'abigisha ihagarara kuko yafashwe abo vyega batagishijwe inama.
CNIDH ivuga ko abigisha bafise uburenganzira bwo kwinjira mw'ishirahamwe canke kutaryinjiramwo Urunani rw'amasendika y'abigisha COSSESONA yarafashe ingingo y'uko kuva muri uku kwa mbere 2020 buri mwigisha, yaba uwuri muri sendika canke atarimwo, azokatwa amafaranga 500 mu ntumbero yo gushigikirana hagati y'abigisha. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Sixte Vigny Nimuraba arongoye CNIDH asaba urwo runani guhagarika igikorwa cose co gukata ayo mafaranga y'intererano. Avuga ko barindira urutonde rushasha rw'abanywanyi bazoba binjiye mu wo mugambi. Abarongoye ama sendika SYGEPEBU na SEPEDUC barapfunzwe kuva ku wa 08 z'uku kwezi inyuma y'aho biyamirije iyo ngingo ya COSSESONA bavuga ko abayirongoye bashaka kwiba abigisha izuba riva. Muri ico kiganiro, Bwana Nimuraba avuga ko umurwi CNIDH ushigikiye umugambi wo gufatana mu nda wiyumviriwe n'urunani COSSESSONA, kuko ujanye n'itegeko ry'umukuru w'igihugu rishirasho umunsi wahariwe ugufatana mu nda. Hagati aho, avuga ko CNIDH inegura amasezerano yashizweko igikumu mu Kayanza ategekanya gutaka amafaranga ku mishara y'abigisha bose, abari mu ma sendika n'abatari muri yo. Ati: "Ntiyakurikije amategeko y'igihugu hamwe n'amategeko mpuzamakungu", akavuga ko ari uguhonyanga uburenganzira bwabo. "Ingingo yafashwe yo gukata umushahara abakozi batagishijwe inama ari uguhohotera uburenganzira bwo ku mutungo wabo". Emmanuel Mashandari, icegera c'urunani COSSESONA yabwiye BBC ko ingingo yo gukata abigisha bose yafashwe kubera ko nabo nyene iyo hari ivyo basavye bakavyemererwa, nabo nyene babironkako. Ati: "Twabigize kubera y'uko na twebwe iyo tugiye gusaba ivyo dusaba, bigashika mbere n'umushahara bakawudukata kubera tuba twahagaritse akazi, ivyo tuzanye barabironkako". "Duca tugira tuti rero ko amasendika arinda arwanira ivyo arwanira hanyuma akazana kandi bakaronkako bose, no kuri iki ciyumviro co gufashanya bategerezwa kuyatanga bose". CNIDH yo ivuga ko COSSESSONA yategerezwa "kubanza kuja inama n'ingingo n'abigisha ikabasigurira inyungu zo kwinjira muri uwo mugambi imbere y'uko babakata intererano ku mishahara yabo". Bwana Nimubara ati: "N'aho CNIDH ishigikiye umugambi w'igihugu wo gushigikirana, ugukata imishahara y'abakozi biba inyuma y'uko abantu bagishijwe inama kandi bikagaragarira mu rwandiko ruriko umukono nk'uko bigenda mu ntererano zindi zitangwa mu ma sendika". "Kireste uburenganzira leta ihabwa n'amategeko agenga igihugu n'ibindi bimwe bimwe bishobora kurekurwa n'ayo mategeko, umushahara nta n'umwe ashobora kuwihagira". Bwana Mashandari aragiriza Antoine Manuma arongoye SYGEPEBU hamwe na Gérard Niyongabo arongoye SEPEDUC ko bifatiye mu gahanga abarongoye COSSESONA mu kubatuka baciye ku mbuga ngurukanabumenyi. CNIDH iranegura iyo ngendo, igahamagarira ahubwo abegwa n'ayo matati gushira imbere ibiganiro aho kwama batyozanya. Isaba ko iyo ngingo yo gukata amahera ku mishahara iba irahagaze kugira abigisha bavyiyumvamwo babanza kuvyiyemeza bo nyene ubwabo, batarinze guterwa ubwoba. Isaba kandi igipolisi kurekura "abari mu mashirahamwe aharanira inyungu z'abigisha bapfunzwe bariko baharanira amateka yabo kugira ngo hashirwe imbere umwumvikano hagati y'abari mu matati". Iyo ngingo yo gukata amafaranga yafashwe inyuma y'ayandi mafaranga yakaswe ku mishahara y'abigisha mu 2017 na 2019. Bwana Nimuraba asaba urunani COSSESONA kwerekana ku mugaragaro ingene ayo mafaranga yakoreshejwe kugira ngo buri mwigisha wese abikeneye abimenye. Ati: "Ivyo vyotuma haba umuco no mu kwumvisha abigisha ikoreshwa ryiza ry'amafaranga bakaswe". COSSESONA (Coalition Spéciale des Syndicats des Enseignants pour la Solidarité Nationale) ni urunani rw'amasendika atandukanye y'abigisha rwatangujwe mu 2017.
amakuru-48335381
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48335381
Perezida Trump w'Amerika avuga ko intambara yaba 'ivuze kurangira kwa Irani'
Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe z'Amerika yaburiye Irani bikomeye, avuga ko Irani yahita isenyuka ibihugu byombi biramutse birwanye.
Ubushyamirane bwariyongereye ku butegetsi bwa Perezida Hassan Rouhani wa Irani na Donald Trump w'Amerika Mu butumwa yatangaje ku munsi w'ejo ku cyumweru ku rubuga nkoranyambaga rwa Twitter, Bwana Trump yagize ati: "Niba Irani ishaka kurwana, ibyo bivuze kurangira kwayo". Yongeyeho ati: "Ntuzahirahire na rimwe ushyamirana n'Amerika ukundi!" Mu minsi ya vuba ishize, Amerika yohereje ubundi bwato n'indege by'intambara mu karere k'ikigobe. Ariko ubu butumwa bwa Bwana Trump bwo ku rubuga rwa Twitter, bwahinduye imvugo yari imaze igihe igaragaza ko intambara hagati y'ibihugu byombi idashoboka. 'Nta ntambara impande zombi zishaka' Mu kiganiro cyatangajwe na televiziyo Fox ejo ku cyumweru, Bwana Trump yasezeranyije ko atazareka Irani icura intwaro kirimbuzi za nikleyeri, ariko avuga ko nta ntambara na Irani ashaka. Yagize ati: "Ntabwo ndi umuntu ushaka intambara, kuko intambara izahaza ubukungu, [kandi] intambara ihitana abantu by'umwihariko..." Irani na yo yacubije impungenge zuko haba intambara, mu gihe ubushyamirane bukomeje gukara. Ku wa gatandatu, minisitiri w'ububanyi n'amahanga wa Irani yavuze ko iki gihugu kidafite amashyushyu y'intambara. Mohammad Javad Zarif yabwiye ibiro ntaramakuru Irna bya leta ya Irani ati: "Nta ntambara izaba kuko ntituyishaka kandi nta n'undi muntu uwo ari we wese ushobora kurota ko yahangara Irani muri aka karere". Kuri uyu wa mbere, Bwana Zarif yavuze ko mu butumwa bwe bwo kuri Twitter Bwana Trump "yari afite icyizere cyo kugera ku byo ibindi bikomerezwa nka Alexander [the Great], Genghis [Khan] n'abandi bashotoranyi bagerageje kugeraho bikabananira". Yongeyeho ko icyashobokera Amerika ari "ukugerageza kubaha" Irani.
amakuru-53708037
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53708037
Lebanon - Beirut: Abigaragambya barubiye binjiye muri minisiteri y'ububanyi n'amahanga
Abigaragambya babarirwa muri za mirongo binjiye muri minisiteri y'ububanyi n'amahanga ya Liban, mu myigaragambyo migari barimo kubera iturika rikaze ryo ku wa kabiri ryishe abantu batari munsi ya 158.
Abigaragambya bamwe bateye amabuye polisi nayo ibarasaho imyuka iryana mu maso Ababarirwa mu bihumbi bigabije imihanda mu myigaragambyo migari yateganyijwe, ariko habaye ibikorwa by'urugomo, polisi irasa imyuka iryana mu maso ku bigaragambya bayiteye amabuye. Hari n'amakuru yuko amasasu arimo kumvikana rwagati muri Beirut mu gace kazwi nka Martyrs' Square. Abanya-Liban benshi bafite umujinya utewe nuko iryo turika ry'ikinyabutabire cya 'nitrate d'ammonium' (nitrate ammonium), gipima toni 2,750, ritaburijwemo. Uko guturika ko ku cyambu cyo mu murwa mukuru Beirut kwangije ibice by'uyu mujyi, kubyutsa uburakari bwari busanzweho bw'icyo benshi babona nk'ubutegetsi budashoboye kandi bwamunzwe na ruswa. Leta ya Liban yasezeranyije ko ababigizemo uruhare izabashaka ikabibaryoza. Ariko hari ukutizera ubutegetsi kwinshi muri Liban, aho mu kwezi kwa cumi mu mwaka ushize hatangiye imyigaragambyo yo kwamagana leta, yatewe n'izahara ry'ubukungu ndetse no guta agaciro kw'ifaranga. Mu minsi micye ishize, abaminisitiri babiri bagerageje gusura ibice byangijwe bikomeye n'uko guturika bamaganiwe kure n'abaturage. Fares Halabi, impirimbanyi ifite imyaka 28 y'amavuko, yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ati: "Nyuma y'iminsi itatu yo gusukura, gukuraho ibisigazwa no gukomba ibisebe byacu... igihe kirageze ngo uburakari bwacu tubusohore ndetse tubahane [abategetsi]". Uko guturika kwangije ingo mu bice bitandukanye by'umujyi wa Beirut Polisi yarashe imyuka iryana mu maso ku bigaragambya batera amabuye, bagerageje kurenga ikizibira umuhanda polisi yari yashyizeho kibuza kugera ku nyubako inteko ishingamategeko ikoreramo. Uretse kugaragaza uburakari bwabo, uru rugendo rw'abigaragambya runagamije kwibuka abazize iryo turika, ryakomerekeje abagera ku 6000, nkuko imibare ihari kugeza ubu ibigaragaza. Abarenga 300,000 basigaye iheruheru, ntaho bafite ho kuba. Abigaragambya babarirwa muri za mirongo binjiye muri minisiteri y'ububanyi n'amahanga i Beirut Perezida Michel Aoun wa Liban yanze ubusabe bw'iperereza mpuzamahanga kuri iryo turika ryo ku wa kabiri. Yavuze ko abategetsi ba Liban ubwabo bazagenzura niba uko guturika kwaratewe no "kwivanga guturutse hanze", nk'urugero igisasu cya bombe. Uko guturika ko ku wa kabiri kwashegeshe agace icyambu giherereyemo
amakuru-53373041
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53373041
Burundi: Uko Charlotte na Gabin basezeraniye mu bitaro
Uwagusaba gutanga urutonde rw'ibishobora gukorerwa kwa muganga, ushobora kubitondekanya ari byinshi, ariko nta gushidikanya ko ubukwe butaba buri kuri urwo rutonde.
Nyamara kuri Charlotte Mukantwari na Gabin Ndayizigiye bo mu ntara ya Kirundo mu majyaruguru y'u Burundi, nta gisibya yagombaga kubaho ku rukundo rwabo - kabone niyo byaba ari mu bitaro. Nyuma yaho Gabin akoreye impanuka mu ntangiriro y'icyumweru gishize ari nacyo cy'ubukwe bwabo, yibajije byinshi. Yabwiye BBC ati: "Maze kubona ngize iyo 'accident' [impanuka]..., nashoboye kwibaza nti, 'Ni Shitani idashaka ko uwo munsi uba?' Numvaga nyine ko uwo munsi w'itariki ya kane [y'uku kwezi kwa karindwi], ari umunsi wanjye mu buzima,..twateguranye na we, ugomba kuba". "Utabaye nari kumva ari nkaho Imana yantereranye". No kuri Charlotte kandi na we ngo iyo gahunda y'ubukwe bwabo ntiyari gusiba. Ati: "Jyewe ukuntu mukunda, ni ukuri nubwo hari haciyemo ibyo bibazo bya 'accident', ariko nakomezaga mbona ko bitasibira". Mu gusezerana kwabo mu bitaro, Charlotte avuga ko yasezeranyije umugabo we Gabin kuzamukunda iteka, yaba arwaye cyangwa ari muzima. Gabin na we amusezeranya ko bazabana mu byiza cyangwa mu bibi, yaba arwaye cyangwa ari muzima. Byageze aho gute? Gabin avuga ko we na Charlotte bari bamaze imyaka bakundana kandi bariyemeje kubana nk'umugore n'umugabo. Nuko habura iminsi ine ngo ubukwe butahe, Gabin akora impanuka agongwa n'imodoka bimuviramo kuvunika ukuguru. Ati: "Nisanze ndyamye mu muferege, ukuguru kubyimbye, abari bandwaje batinya no kubimubwira [Charlotte], ko yabimenya ko nababaye cyane nk'uko, ariko bageraho barabimubwira ahita aza". Charlotte avuga ko yari yakomeje kumutelefona ngo amubaze niba yageze imuhira nyuma yuko bari bahuye, telefone ya Gabin igacamo ariko ntihagire uyitaba. Nyuma yo kubimenya Charlotte yamugezeho, afatanya n'abamurwaje. Gabin avuga ko yabonaga ko ari nkaho ubukwe bwabo butakibayeho, ariko atangazwa n'ibyo Charlotte yamubwiriye mu bitaro. Ati: "Yakomezaga kubona aho ndyamye, akabona ukuguru kwamaze gucika, ariko agakomeza kunganiriza akambwira [ati], 'Nk'ubu Imana yaguha koroherwa, ntitwareba ko iyo gahunda ishoboka?'" "Yarabimbajije nk'uko turi kumwe turi babiri, biranantangaza cyane mu gihe abandi bakobwa ashobora kuba abona ko mbaye nk'ikimuga, ko bidakwiye ko yanguma i ruhande". Nyuma Gabin ngo yagejeje icyo gitekerezo kuri padiri mukuru wo muri paruwasi yabo mu Kirundo, amubwira ibyabaye by'iyo mpanuka, undi amubwira ko amategeko ya Kiliziya Gatolika yemera ko n'aho bahasezeranira. Nuko ubuyobozi bw'ibitaro butegura icyumba cyo gusezeraniramo kwabo, butegura n'akagare k'abarwayi ko kumufasha kuva ku gitanda cyaho arwariye. Gabin avuga ko byabaye nk'igitangaza ku bantu bari bari kuri ibyo bitaro. Nubwo padiri yari yabahishe isaha nyirizina yo gusezeraniraho, mu kwirinda akavuyo kashoboraga guterwa n'imbaga yahururiye ubwo bukwe bwabo, ngo ntibyabujije ko nubundi ubukwe bwabo bwitabirwa n'imbaga. Ati: "...Umunsi mukuru ugenda neza, baduha umugisha, twambikana impeta, duhita dusubira haruguru mu cyumba ndwariyemo". Charlotte avuga ko umunsi Gabin yakize bazashimira Imana cyane, ariko ko nta bundi bukwe buzabaho kuko nta wusubiramo ubukwe. Kuri Gabin we, ateganya ko nibabona urubyaro, igihe umwana wabo azaba yabatijwe ari wo mwanya bazahuza imiryango yabo. Ati: "... Tuzabyibukiranya byose, ube umunsi mukuru umeze neza, n'imiryango yose batubone twese turi hamwe dukomeye".
49516184
https://www.bbc.com/gahuza/49516184
Ebola yongeye kugaragara muri Uganda, umwana bayisanganye yamuhitanye
Inkuru yavuguruwe 10h00(GMT) Abashinzwe ubuzima muri Uganda bemeje ko umwana w'imyaka icyenda basanzemo indwara ya Ebola ejo kuwa kane avuye muri DR Congo yamwishe ari mu kigo ivurirwamo muri Uganda.
Gushyingura umuntu wishwe na Ebla bikorwa mu buryo bwihariye Bavuga ko ubu bari gukorana na bagenzi babo bo muri Congo kugira ngo umubiri w'uyu mwana ushyingurwe uko bikwiriye iwabo. Uyu mwana yapfuye mu gihe hari hariho ibiganiro byo kureba niba asubizwa muri Congo kuba ariho avurirwa. Nyina w'uyu mwana arashyirwa mu kato, anasubire iwe muri DR Congo aho akurikiranwa. Uyu mwana w'umukobwa w'imyaka icyenda yari yavanye na nyina muri DR Congo kuwa gatatu w'iki cyumweru baje kwivuza. Kasese muri Uganda ni agace kari kuri 140Km uvuye mu mujyi wa Beni cyangwa uwa Butembo muri DR Congo. Ibizamini by'amaraso byagaragaje ko uyu mwana afite Ebola ejo kuwa kane. Uyu mwana yari yaketsweho iyi ndwara ubwo ku mupaka wa Mpondwe bapimaga abambuka bakamusangana umuriro ukabije no kuva amaraso mu kanwa. Ubu yashyizwe mu bitaro bya Bwera mu ishami rishinzwe kuvura Ebola nk'uko umunyamakuru wa BBC muri Uganda abivuga. Mu kwezi kwa gatandatu muri aka gace ka Uganda hagaragaye abantu babiri bafite Ebola. Umugabo w'umunya-Uganda n'umugore we w'umunye-Congo bapfushije abana babo babiri bafashwe na Ebola bagiye hakurya muri Congo. Ebola muri DR Congo imaze gufata abantu 3,000 kuva mu kwezi kwa munani umwaka ushize, abarenga 1,800 yarabahitanye nk'uko bivugwa n'ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima. Hashize iminsi hari imiti iri kwifashishwa mu kuvura Ebola, abahanga bavuga ko ivura neza ku kigero cya 90%. Hari kandi uruingo rw'iyi ndwara ariko rudahagije kuri bose. Ibihugu by'u Rwanda n'u Burundi byafashe ingamba zikomeye mu gusuzuma abambuka umupaka wabyo na DR Congo birinda ko iyi ndwara ibageraho.
amakuru-46008238
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46008238
Vichai Srivaddhanaprabha, nyir'ikipe ya Leicester City, 'yari muri kajugujugu yakoze impanuka'
Inshuti ya hafi y'umuryango wa nyir'ikipe ya Leicester City ikina muri shampiyona ya Premier League mu Bwongereza, yabwiye BBC ko Vichai Srivaddhanaprabha yari muri kajugujugu yahanutse ikitura hasi ku wa gatandatu.
Umuherwe Vichai Srivaddhanaprabha, ukomoka muri Thailand akaba atunze abarirwa muri za miliyari, yaguze Leicester City amapawundi miliyoni 39 mu mwaka wa 2010 Iyo ndege ya kajugujugu ya nyir'ikipe ya Leicester City, yakoze impanuka ahagana ku isaha ya saa mbiri n'igice z'ijoro ku isaha yo mu Bwongereza. Yaguye ahahagarikwa imodoka hanze y'ikibuga cy'iyi kipe ubwo yagurukaga iva ku kibuga nyuma y'umukino wa Premier League. Umwe mu babonye iyo mpanuka iba, yavuze ko yabonye umunyezamu Kasper Schmeichel wa Leicester yiruka ava mu kibuga agana aho iyo mpanuka yabereye. Nta mubare uzwi w'abantu bari muri iyo kajugujugu. Umwe mu babonye iyi mpanuka iba yavuze ko yumvise "ikintu kinini cyitura hasi" nuko abona "inkongi y'umuriro" Muri uwo mukino, Leicester yakiniraga ku kibuga cyayo cya King Power yanganyije na West Ham United igitego 1-1. Ni umukino watangiye ku isaha ya saa kumi n'imwe n'igice urangira habura hafi nk'isaha imwe mbere yuko iyo kajugujugu ihaguruka. Aha hari nyuma gato yuko iyi kajugujugu ya Bwana Srivaddhanaprabha yari imaze guhaguruka ku kibuga cya Leicester Mu gihe cya Bwana Srivaddhanaprabha, ni bwo Leicester City yatwaye igikombe cya Premier League mu mwaka wa 2016. Muri uwo mwaka w'imikino, yari yatangiye shampiyona ihabwa amahirwe agerwa ku rushyi yo kuba yakwegukana icyo gikombe. Bamwe mu bafana ba Leicester bakomeje kugenda bashyira indabo ku kibuga King Power cy'iyi kipe Bwana Srivaddhanaprabha - se w'abana bane - yatangajwe n'ikinyamakuru Forbes Magazine ko aza ku mwanya wa gatanu mu bantu bacyize cyane iwabo muri Thailand.
amakuru-53853759
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53853759
Mali: Abaturage babarirwa mu bihumbi bahuriye i Bamako bishimira ihirikwa ry'ubutegetsi
Abantu babarirwa mu bihumbi baraye bigabije imihanda yo mu murwa mukuru Bamako wa Mali bishimira ihirikwa ku butegetsi rya Ibrahim Boubacar Keïta.
Ababarirwa mu bihumbi bigabije imihanda y'i Bamako bishimira ihirikwa ry'ubutegetsi Abayoboye iyo 'coup d'État', ku wa kabiri bataye muri yombi Bwana Keïta bamutegeka kwegura ku butegetsi - icyo amahanga yamaganye. Ariko Bwana Keïta yari amaze igihe yamaganwa n'abaturage mu myigaragambyo na mbere yuko ahirikwa, ndetse benshi muri Mali barabyishimiye. Abantu babarirwa mu bihumbi bateraniye mu gace k'i Bamako kitiriwe ubwigenge, bavuza za 'vuvuzela', benshi bavuga ko ari "intsinzi" kuri uwo wari perezida. Ibiro ntaramakuru AFP byasubiyemo amagambo ya Mariam Cissé, ushyigikiye abatavuga rumwe n'ubutegetsi, agira ati: "Ibyishimo byandenze, twatsinze. Twaje hano gushimira abaturage bose ba Mali kuko ni intsinzi y'abaturage". Ousmane Diallo, wahoze ari umusirikare, yagize ati: "IBK [Ibrahim Boubacar Keïta] yatsinzwe. Abaturage batsinze". Ariko, yaburiye agira ati: "Ubu abasirikare ntibakwiye kuba batekereza ko bashobora kuguma ku butegetsi". Benshi bavuze ko iryo hirikwa ry'ubutegetsi ari "intsinzi" Abategetsi b'ibihugu byo mu burengerazuba bw'Afurika basabye ko Bwana Keïta asubizwa ku butegetsi, ndetse umuryango w'abibumbye (ONU/UN) usaba ko abategetsi bafunzwe barekurwa. Ariko abasirikare bayoboye ihirikwa rye bavuga ko bari kugirana ibiganiro n'amashyaka atavuga rumwe n'ubutegetsi ku gushyiraho perezida w'inzibacyuho, ushobora kuba ari umusivile cyangwa umusirikare. Mu butayu bwo mu majyaruguru ya Mali hari imitwe myinshi y'intagondwa zigendera ku mahame akaze ya kisilamu, kandi hari ubwoba ko ishobora kungukira muri iri hirikwa ry'ubutegetsi, igafatirana iki gihe ikongera ibikorwa byo guhungabanya umutekano. Iyo mitwe y'intagondwa yarabikoze mbere, ubwo igisirikare cyigaruriraga ubutegetsi mu mwaka wa 2012. Abayoboye ihirikwa ry'ubutegetsi ku wa kabiri bizeje gukurikiza amasezerano mpuzamahanga ajyanye no kurwanya izo ntagondwa. Abasirikare b'Ubufaransa, abo mu bihugu bimwe by'Afurika n'aba ONU bose hamwe babarirwa mu bihumbi, basanzwe bari muri Mali aho barwanya izo ntagondwa. Bwana Keïta ari hehe? Ubutumwa bwa ONU muri Mali buvuga ko itsinda ryabwo rishinzwe uburenganzira bwa muntu ryamusuye, ndetse n'abandi bategetsi bafunzwe n'abahiritse ubutegetsi muri iki cyumweru. ONU ivuga ko bagifungiye mu kigo cya gisirikare cya Kati, kiri hanze y'umurwa mukuru Bamako, aho ihirikwa ry'ubutegetsi ryatangiriye. Ariko ONU nta yandi makuru yatanze. Mu mwaka wa 2018 Ibrahim Boubacar Keïta yatsinze amatora kuri manda ya kabiri Igisirikare cya Mali kivuga ko babiri muri abo bafunze bamaze kurekurwa. Abo ni minisitiri w'imari ndetse n'uwari umunyamabanga wihariye w'uwo wahoze ari perezida. Cyongeyeho ko abandi 17 bagifunze. Ni bande bayoboye ihirikwa ry'ubutegetsi? Col Assimi Goita w'imyaka 37 y'amavuko, yitangaje ko ari we mukuru w'agatsiko gashya ka gisirikare kafashe ubutegetsi kiyise ko ari akanama kagamije umukiro wa rubanda, Comité National pour le Salut du Peuple (CNSP). Col Assimi Goita yakoze amahugurwa ya gisirikare muri Amerika, Ubufaransa no mu Budage Col Goita yari umukuru w'abasirikare kabuhariwe (special forces) ba Mali. Mu 2015, yayoboye ibikorwa bya gisirikare byo kurwanya intagondwa zari zateye kuri hoteli ya Radisson Blu i Bamako. Amakuru avuga ko yahawe amahugurwa ya gisirikare mu Bufaransa, mu Budage, na Leta Zunze Ubumwe z'Amerika. Ndetse yagiye mu butumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro i Darfour muri Sudan. Abandi bari mu bagize ako kanama ka gisirikare barimo Col Malick Diaw, ari na we visi perezida w'akanama CNSP. Harimo kandi na Col Ismaël Wagué, wungirije umugaba mukuru w'ingabo zirwanira mu kirere.
amakuru-38115651
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-38115651
Ivyaranz'ubuzima bw'uwari perezida wa Cuba Fidel Castro
Fidel Castro yari umukuru w'igihugu wa mbere yaburambiyemwo kw'isi kandi aruta abandi mu myaka, kandi naho leta zunze umwe za Amerika zagerageje kumukurako, impera n'imperuka, yaramvye ku butegetsi kurusha abakuru b'igihugu cumi ba Amerika.
Fidel Castro yayoboye Cuba mu ntwaro y'umugambwe umwe, kumara imyaka hafi 50 Yari icibutso c'uko naho politike y'igi communiste yaranduwe hose kw'isi, yari ikiriho kandi ikibazo hafi yabo. Castro yavutse mu 1926, avukira mu muryango w'umutunzi Angel María Bautista Castro y Argiz, yari afise ubutaka bwinshi ariko aba umuntu aharanira amahinduka amaze kubona ubudasa buri hagati y'ubuzima bwiwe bwiza n'abandi benshi b'abakene. Batista yari ashigikiwe na Amerika Yiyemeje gutembagaza ubutegetsi bwa Batista, bwari bwamunzwe n'igiturire, gufata ibintu minenerwe hamwe n'ubudasa bw' ikimanga kinini hagati y'abakire n'abakene. Cuba yari icibare c'abatunzi bashaka kwinezereza, ikaba yari itwawe n'inkozi z'ikibi zisuganije. Ubumaraya, akamari hamwe n'ibiyovyabwenge nivyo vyaharangwa. Castro na bagenzi biwe baharanira amahinduka, bateguye intambara y'abarwanyi bari mu misozi ya Sierra Maestra. Ku tariki zibiri z'ukwa mbere 1959, igisirikare c'abarwanyi binjiye umuji wa Havana. Ingabo za Castro zinjiye muri Havana mu 1959 Castro yaratsinze, Batista arahunga, Cuba iramutswa leta nshasha, irimwo umunye Argentine Ernest "che" Guevara. Abatwara Cuba bemeye kuzosubiza ubutaka abanyagihugu no kurwanira uburenganzira bw'abakene. Ariko haciye igihe gito, leta yashizeko ubutegetsi bw'umugambwe umwe, abantu benshi bashirwa mw'ibohero canke inkambi z'ibikorwa vy'agahato nk'impfungwa za politike. Ibihumbi vyahunze igihugu. Castro yashimangiye yuko ivyiyumviro vyiwe ubwa mbere na mbere ari ivyo muri Cuba. Castro ari kumwe na Che Guevara bakiri mu ntambara Ico gihe yagize ati: "Nta communisme canke Marxism, ariko hari demokarasi iserukiwemwo bose hamwe n'ubutungane rusangi mu butunzi butunganijwe neza." Mu 1960, Fidel Castro yahaye igihugu amashirahamwe yose yari afiswe n'Abanyamerika. Mu kuyisubiriza mu ndumane, Amerika yaciye ifatira ibihano Cuba. Castro yavuga ko yegereye uruhande rw'aba Sovietes kuko yategerezwa Castro yavuze ko yategerejwe kwiyegereza abo mu runani rw'aba Soviet hamwe n'umukuru wabo, Nikita Khrushchev, naho hari abavuga yuko yinjiye muri urwo runani ku gushaka. Icabiteye ico ari co cose, catumye Cuba ishushe ibereye kubamwo, ihinduka ikibanza c'urugamba rwiswe intambara y'ubutiti 'Guerre Froide'. Mu kwa Kane 1961, Amerika yagerageje gutembagaza leta ya Castro mu gushinga igisirikare kigizwe n'abanye Cuba bahunze ngo batere iryo zinga. Ku nkombe za Bay of Pigs, abasirikare ba Cuba basubije inyuma ico gitero, bicamwo benshi banafata abashika ku 1000. Castro asinvye ava k mudoka ya gisirikare igihe c'igitero ca Bay of Pigs Fidel Castro yari asize amaraso izuru ry'igihugu c'igihangange, kandi nticari kuzomubabarira. Haciye umwaka, indege za Amerika z'iperereza, zasanze ibisasu vya misile vy'aba Soviet biri mu bibanza biri muri Cuba. Isi yaciye igwa mu kantu mu gihe hari hitezwe intambara ikomeye y'ibirwanisho ruhonyanganda. Umukuru wa Amerika John F Kennedy yagize ati: "ibibanza bitandukanye birimwo ibisasu biriko birategurwa muri rirya zinga ryagizwe imbohe. Intumbero y'ivyo bibanza si iyindi atari ukugaba ibitero vy'ibirwanisho ruhonyanganda ku gice c'uburengero bw'isi." Ibihugu vy'ibihangange vyarabanye ay'ingwe, ariko umukuru w'igihugu Khrushchev niwe yadohotse ubwa mbere, akura missiles ziwe muri Cuba, Amerika nayo yemera gukura rwihishwa ibirwanisho vyayo muri Turkiya. Guhangana muri Afrika. Urunani rw'aba Soviet rwashize amahera menshi muri Cuba. Rwagura nyinshi mu isukari yimburwa muri ico gihugu, amato yarwo akuzura ibivuko vya Havana azanye ivyankenerwa vyinshi ngo bagire impfagusa ibihano vya Amerika. Naho yafashwa n'aba Soviet, Castro yashize Cuba imbere mu runani rushasha rw'abo ataho begamiye. Ariko kandi yaragize aho ahagarara, cane cane muri Afrika, arungika abasirikare biwe gufasha abarwanyi b' aba 'Marxistes' muri Angola na Mozambique. Ariko hagati y'imyaka y'1980, politike y'isi yariko irahinduka. Yari igihe ca Mikhail Gorbachev, 'galsnost na perestroika', bica bigira ingaruka mbi ku mahinduka ya Castro. Moscow yaciye ihagarika imfashanyo yaha Cuba mu kwanka gusubira kugura isukari yayo. Mu gihe ibihano vya Amerika vyari bikiriho kandi imfashanyo y'aba Soviet yahagaritswe, ibura ry'ivyankenerwa hamwe n'ubuguriro butagira ibidandazwa, vyaribonekeza cane muri Cuba. Kwihangana kwaragabanutse mu gihe imironga y'abatondeye ivyo kurya yaguma iba minini. Kwimukira Igihugu Fidel Castro yita ica mbere giteye imbere kw'isi, mu vy'ukuri casubiye kw'isuka. Hagati y'imyaka y'1990, benshi mu banye Cuba bari bamaze kurambirwa. Nimba mu ntango abava mu gihugu baba bafise imvo za politike, ibihumbi n'ibihumbi bafata inzira y'amazi baja i Florida barondera ubuzima bwiza. Benshi baratwawe n'uruzi, ariko cari ikimenyetso c'uko batagifitiye icizere Castro. Elian Gonzlez, umwana yabuze nyina igihe ubwato barimwo bwatwarwa bari ku nkegero za Florida, yasubijwe Havana nyuma y'ukuburana gukomeye hagati y'umuryango wiwe muri Cuba na leta ya Miami. Kandi ku butegetsi bwa Castro, Cuba yarashitse kuri vyinshi. Kuvurwa kandi neza kuri gusa kuri bose, kandi urugero rw'abana bapfa bakiri bato muri Cuba rwangana no mu bihugu vy'ibihangange vyo kw'isi. Mu myaka yakurikiye, Castro vyasa nk'uko yibagiranye. Papa Jean Paul II yahwituye Castro, ku guhutaza agateka ka muntu, igihe yagendera Cuba Mu 1998, ku buryo bw'akatarabone, Papa Jean Paul II yagendeye Cuba, ibintu bitari gushobora kwibazwa mu myaka itanu yabanjirije. Ico gihe Papa yiyamirije Cuba kubera ingene agateka ka zina muntu kahonyorwa, biteza isoni Castro imbere y'ibitangazamakuru vyo kw'isi. Bimuvuyeko we nyene, Fidel Castro yashinze ubwoko bwihariye bwa politike y'igi communista mu mazinga ya Caraibe, ikaba mu myaka yiwe ya nyuma ku butegetsi, yarategerejwe kuyihindura, ashirako buke buke amasoko yuguruye kugira akize amahinduka yiwe. Twihweje. Amakuru yerekeye amagara yiwe, hamwe n'uko yohava asubirirwa na mwene wabo Raul, vyatanguye kuvugwa mu 2004 aho yavunika ivi n'ukuboko kubera kugwa. Hamwe mu bihe bike yashikirije ijambo mu 2006 Ku tariki 31 z'ukw'indwi 2006, hasigaye iminsi mike ngo akwize imyaka 80, Castro yahaye ubutegetsi vy'agateganyo Raul, amaze kubagwa amara kwa muganga. Cuba yagumye ihakana ko arwaye cancer itazokira kandi mu kwa kabiri 2007, mwenewabo Raul yamenyesheje ko amagara ya Castro ariko aramera neza. Mu kwezi kwa Kabiri 2008 Castro yamenyesheje ko adashobora kubandanya ari umukuru w'igihugu n'umukuru w'ingabo mu nama ikurikira iyo inama nshingamateka. Mw'ikete ryasohotse mu kinyamakuru ca leta, vyanditswe ko yavuze ati: "kwoba ari ukwihenda nemeye amabanga ansaba kwiyunguruza rwose, kandi numva umubiri wanje utabishobora." Ntiyasubiye kuja ahabona, akandika inyandiko zashirwa mu binyamakuru vya leta ku murongo w'umutwe ugira uti 'Umwihwezo wa Camarade Fidel'. Bwari ubuzima bure bure kandi bwabayemwo vyinshi yashobora kwihwezako. Mu gihe benshi mu banye Cuba ata nkeka ko banka Castro, abandi vy'ukuri baramukunda. Bamubona nda David yashobora guhangana na Goliath ariyo Amerika, yashoboye gucira mu maso y'aba "yanqui". Kuri bo Castro yari Cuba, Cuba nayo yari Castro.
amakuru-49700676
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49700676
Uganda: Abadepite basabwe 'kurya bitonze' mu nama ikomeye bazakira
Umukuru w'inteko ya Uganda yahaye abadepite amabwiriza akaze arimo "kwitwara neza bishoboka byose" mu nama iteganyijwe mu mpera y'uku kwezi izaba irimo abashyitsi baturutse mu bice bitandukanye by'isi.
Amakuru avuga ko abadepite banasabwe kutanywa ngo barenze urugero Iyi nama y'abadepite bo mu muryango wa Commonwealth w'ibihugu bikoresha ururimi rw'Icyongereza - byinshi muri byo byahoze bikolonizwa n'Ubwongereza - izabera mu murwa mukuru Kampala guhera ku itariki ya 22 y'uku kwezi kwa cyenda kugera ku itariki ya 29 y'uku kwezi. Byitezwe ko izitabirwa n'abantu barenga 1,000. Nkuko bitangazwa n'ikinyamakuru Daily Monitor cyo muri Uganda, Rebecca Kadaga ukuriye inteko ya Uganda yasabye abadepite kuzitwara nk'abantu barezwe neza, kubahiriza imyambarire yateganyijwe ndetse no "kutamenyera cyane abashyitsi". Mu nama yabaye ku wa gatatu w'iki cyumweru, Madamu Kadaga yanatanze amabwiriza yuko bagomba kwitwara mu nzu yo kuriramo ('cantine') y'inteko. Ati: "Mu gihe mupakira amasahani yanyu...ntimukarenze urugero. Ntimukavange ibyo kwikuza [dessert] n'inyama [cyangwa] matooke [ibitoki bitogosheje] n'isupu". Yongeyeho ati: "Mu gihe muri kurya, niyo mwaba mushonje cyane, mwicuranwa". Madamu Kadaga yaninginze abadepite n'abakozi bo mu nteko kutazanywa ngo barenze urugero. Ati: "Kunywa mukwiye kubikorera mu ngo zanyu kandi mukirinda kugira umwuka w'inzoga mu gitondo".
amakuru-56203075
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56203075
Uwutembereza Bulldog za Lady Lady Gaga yarashwe nazo ziribwa
Imbwa zibiri zo mu bwoko bwa bulldog zo mu Bufaransa za Lady Gaga zaribwe ku wa gatatu, inyuma y'aho umuntu yitwaje inkoho arasiye uwari asanzwe azitembereza i Hollywood muri Los Angles.
Gaga rimwe na rimwe araherekezwa n'imbwa ziwe mu birori vyo guhabwa udushiwe canke kwerekana ubwa mbere cinema akinamwo Umugabo akekwa yarasishije inkoho yo mu ntoki uwutembereza imbwa, w'izina rya Ryan Fischer nk'uko biri mu binyamakuru vyo muri Amerika, imbere y'uko atungwa n'ayo yameze n'izo mbwa. Uwarashwe yajanywe kwa muganga atawuzi uko amerewe, nk'uko igipolisi ca Los Angeles cabibwiye BBC. Lady Gaga yemeye agashimwe k'uwomugarukanira imbwa ziwe, Koji na Gustav. Bulldog igira gatatu, yitwa Miss Asia yarirutse mu nyuma itorwa n'abapolisi. Gaga, ubundi izina ryiwe ry'ukuri ari Stefani Germanottay, ubu ari i Roma akora cinema nshasha ya Ridley Scott,Gucci. Uwumuserukira ku binyamakuru yavuze ko umuntu wese yoba afise inkuru y'ahoba hari izo bulldog yobimenyesha kuri email [email protected] ata ''bibazo bibajijwe". Agaciro kanini Igipolisi ca Los Angeles cemeje ko kiriko kirarondera umuntu ''ashobora kuba yikekwa'' yavuye aho vyabereye mu muduga wera mw'ibarabara rya North Sierra Bonita Avenue aja Hollywood Boulevard. Ntibizwi neza niba imbwa za Lady Gaga zari zigambiriwe vy'umwihariko muri ico gitero. Bulldog igira gatatu, Miss Asia (aho kw'ifoto) yo yarahunze ataco ibaye Bulldog zo mu Bufaransa n'ubwoko buronderwa cane muri Amerika, ikibunda kimeze neza kikaba kigurwa ama dolari 2000 ufatiye hagati na hagati. Gaga arazwi kuba akingira cane imbwa ziwe zamuherekeje mu birori vya American Music Awards no mu giteramo ciwe ca Super Bowl mu 2017. Imwe muri zo, Miss Asia, mbere go iranafise urubuga ruzwi kuri Instagram.
amakuru-54725990
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54725990
France: Perezida Macron yatangaje 'guma mu rugo' ya kabiri
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yaraye atangaje ingamba za 'guma mu rugo' mu gihugu hose ku nshuro ya kabiri, kugeza nibura mu mpera y'ukwezi kwa cumi na kumwe.
Perezida Macron avuga ko hari ibyago byuko igihugu cyarengerwa ubushobozi Bwana Macron yavuze ko bijyanye n'izi ngamba nshya, zitangira ejo ku wa gatanu, abantu bazemererwa gusa kuva mu rugo bagiye ku kazi k'ingenzi cyane cyangwa ku mpamvu zijyanye n'ubuvuzi. Ubucuruzi butari ubw'ingenzi cyane - nka za 'restaurants' n'utubari - buzafunga, ariko amashuri n'inganda bizakomeza gufungura imiryango. Imibare y'abicwa na Covid-19 ku munsi mu Bufaransa muri iki gihe ni yo ya mbere iri hejuru cyane muri iki gihugu ibayeho kuva mu kwezi kwa kane. Ku wa kabiri, mu Bufaransa hatangajwe abantu bashya 33,000 banduye coronavirus. Kugeza ubu mu Bufaransa hamaze gutangazwa abantu barenga miliyoni 1,2 bose hamwe banduye coronavirus, muri bo abarenga 35,000 imaze kubica nkuko imibare ya Kaminuza ya Johns Hopkins yo muri Amerika ibigaragaza. Bwana Macron yavuze ko igihugu gifite ibyago byo "kurengerwa ubushobozi muri iyi nkubiri ya kabiri y'ubwandu mu buryo budashidikanywaho izaba mbi cyane kurusha iya mbere" Hagati aho, Ubudage bugiye gushyiraho 'guma mu rugo' yihutirwa itazaba ikaze cyane nk'iyi yo mu Bufaransa, ariko irimo gufunga za 'restaurants', inzu z'imyitozo ngororangingo ndetse n'inzu za cinema. Kuki Ubufaransa bubikoze ubu? Mu ijambo ryanyuze kuri televiziyo ejo ku wa gatatu, Bwana Macron yavuze ko Ubufaransa bugomba "gufata za feri [freins/brakes] n'imbaraga" mu kwirinda ko "burengerwa n'ukwiyongera kw'icyorezo". Yagize ati: "Virusi irimo kuzenguruka ku muvuduko n'uburyo bw'iteganya ryo hasi cyane butigeze buteganya". Yongeyeho ko kimwe cya kabiri cy'ibitanda bivurirwaho indembe mu bitaro byose byo mu Bufaransa ubu byose biryamyeho abarwaye Covid-19 gusa. Perezida Macron yavuze ko bijyanye n'izi ngamba nshya, abantu bazajya basabwa kuzuza inyandiko basobanura impamvu bashaka kuva mu rugo, nkuko byari bimeze mu gihe cya 'guma mu rugo' ya mbere yo mu kwezi kwa gatatu. Guteranira hamwe kw'abantu birabujijwe. Bwana Macron yagize ati: "…Muzashobora kuva mu rugo ari uko gusa mugiye ku kazi, guhura na muganga, gufasha mwene wanyu, kugura ibicuruzwa by'ingenzi cyane cyangwa kugenda n'amaguru hafi y'urugo". Ariko yasobanuye ko serivisi za rubanda n'inganda bizakomeza gufungura imiryango, yongeraho ko ubukungu "butagomba guhagarara cyangwa kuzahara". Bwana Macron yongeyeho ko gusura abari mu nzu zita ku bageze mu zabukuru - byari bibujijwe muri 'guma mu rugo' ya mbere yatangiye mu kwezi kwa gatatu ikamara amezi abiri - ubu none byemewe. Izi ngamba nshya zizakurikizwa kugeza ku itariki ya mbere y'ukwezi kwa 12 kandi zizajya zongera gusuzumwa buri byumweru bibiri. Perezida Macron yavuze ko agifite "icyizere ko imiryango izashobora kongera guhura kuri Noheli".
imikino-53711735
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-53711735
Umutoza Hansi Flick wa Bayern Munich avuga ko batazibanda kuri Lionel Messi gusa
Bayern Munich izahura na Barcelona muri kimwe cya kane cya Champions League nyuma yuko Robert Lewandowski ayifashije kunyagira Chelsea ibitego 7 - 1 mu mikino yombi.
Chelsea yatsinzwe ibitego 79 mu mikino 55 mu marushanwa yose yo muri uyu mwaka wa 2019-2020 Mu mukino ubanza wabereye ku kibuga Stamford Bridge cya Chelsea mu kwezi kwa kabiri, Bayern yari yayitsinze ibitego 3 - 0. Mu mukino w'ejo ku wa gatandatu, ku kibuga Allianz Arena, mu minota 25 ya mbere Bayern yari yamaze kugira igiteranyo cy'ibitego 5 - 0 byose hamwe, kuri penaliti ya Lewandowski n'igitego cya Ivan Perisic. Chelsea yaje kubona igitego cyinjijwe na Tammy Abraham, ku ikosa ridakunze kubaho ku munyezamu Manuel Neuer, ariko Bayern yakomeje kugaragaza umukino usukuye. Corentin Tolisso winjiye asimbura yashyizemo icya gatandatu cya Bayern (mu mikino yombi), nuko Lewandowski azagushyiramo icy'umutwe cyabaye icya 7 cya Bayern, imikino yombi irangira ku giteranyo cy'ibitego 7 - 1. Mu marushanwa yose y'uyu mwaka, Lewandowski ubu afite ibitego 53 mu mikino 44. Mu mukino w'ejo yatanze n'imipira ibiri yavuyemo ibitego. Ku wa gatanu nibwo Bayern izahura na Barcelona muri kimwe cya kane, mu mukino w'injyanamuntu uzabera i Lisbonne muri Portugal, mu buryo bwo guhita amakipe akuranamo nta mukino wo kwishyura ubayeho. Barcelona yaraye isezereye Napoli ku bitego 3 -1 mu mukino w'ejo (birimo kimwe cya Lionel Messi), biba 4 -2 mu mikino yombi. Abatoza bavuze iki? Frank Lampard wa Chelsea yagize ati: "Amajoro nk'iri [ry'ejo ku wa gatandatu] anyereka byinshi mu mupira w'amaguru, ambwira byinshi. Mu bijyanye n'umupira w'amaguru, binyereka aho dushobora kuvugurura, rero ubu igihe kirageze ngo tubikore". "Nabonye ibintu byinshi byiza mu ikipe ndetse na bimwe bibi twabonye muri uyu mwaka w'imikino. Twagize amakosa y'umuntu ku giti cye yabahaye ibitego kandi kuri uru rwego ibyo birakurangiza". "Ducyeneye ibindi [kugera ku bindi] ariko turumva hari icyo twagezeho n'iyi kipe dufite. Ubu ni igihe cyo kureba aho dushobora kuvugurura". Hansi Flick wa Bayern we yagize ati: "Tuzategura umukino wa Barcelona nkuko dutegura uw'iyindi kipe. Turashaka kugaragaza imbaraga zacu nanone, tukawushyiraho [umukino] umutima ubundi tukawugaragazamo ubuhanga bwacu". "Ntabwo tugiye kwibanda kuri Lionel Messi, ducyeneye kureba buri mukinnyi".
amakuru-54145519
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54145519
Japan: Ishyaka riri ku butegetsi ryatoye Yoshihide Suga ngo asimbure Shinzo Abe
Ishyaka riri ku butegetsi mu Buyapani rimaze gutora Yoshihide Suga nk'umukuru waryo mushya wo gusimbura Shinzo Abe, bivuze ko bisa nkaho bizwi neza ko ari we ugiye kuba minisitiri w'intebe mushya w'iki gihugu.
Yoshihide Suga yavutse ku babyeyi b'abahinzi b'inkeri (strawberry/fraise) Mu kwezi gushize, Bwana Abe yatangaje ko yeguye ku mwanya wa minisitiri w'intebe kubera uburwayi bwo mu mara. Bwana Suga w'imyaka 71, asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa leta iriho ubu, kandi benshi biteze ko ari we uzatsindira kuba minisitiri w'intebe. Afatwa nka soma mbike wa Bwana Abe ndetse byitezwe ko yakomeza gahunda ze mu gihe yaba atowe. Bwana Suga yatsinze n'ubwiganze bw'amajwi ayo matora yo kuyobora ishyaka Liberal Democratic Party (LDP), abona amajwi 377 ku badepite n'abarihagarariye mu turere 534 batoye. Kuri ubu, ubwo ishyaka LDP ryamaze guhitamo umuyobozi waryo mushya, ku wa gatatu w'iki cyumweru hazaba andi matora mu nteko ishingamategeko, aho bisa nk'ibizwi neza ko azagirwa minisitiri w'intebe kubera ubwiganze bw'iri shyaka mu nteko. Akomerezaho kuri manda yari igeze muri kimwe cya kabiri cy'uwo yaba asimbuye, byitezwe ko Bwana Suga asoza igihe cyari gisigaye kuri iyi manda, kugeza habaye amatora mu kwezi kwa cyenda mu 2021. Yoshihide Suga ni muntu ki? Bwana Suga, umunyapolitike w'inararibonye, yavutse ku babyeyi b'abahinzi b'inkeri (strawberry/fraise). Kubera uruhare rwe rw'ingenzi ku butegetsi buriho aho yari asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa leta, byitezwe ko azakomeza gahunda za leta zari zisanzweho, akayobora inzibacyuho (imfatakibanza) kugeza habaye amatora yo mu 2021. Koichi Nakano, wigisha siyansi ya politike akaba anakuriye iryo shami kuri Kaminuza ya Sophia iri mu murwa mukuru Tokyo, yabwiye BBC ati: "Shinzo Abe n'abandi bakuru mu ishyaka bahisemo Bwana Suga kubera ko ari we ugaragaza cyane 'gukomeza' ibyagezweho, umuntu batekereza ko yakomeza ibya leta ya Abe kandi Abe atayirimo". Nubwo adafatwa nk'urusha abandi umuhate no gukunda politike, Bwana Suga azwiho gutanga umusaruro cyane no gushyira mu ngiro gahunda. Bimwe mu birori bikomeye aheruka kugaragaramo, ni mu 2019 habaho kuva ku ngoma y'umwami w'abami (empereur) Akihito hajyaho ingoma y'uriho ubu Naruhito. Bwana Suga ni we watangarije Abayapani n'amahanga izina ry'ingoma nshya rya Reiwa. Nyuma yaho gato yatangiye guhabwa izina ry'akabyiniriro (ry'iritazirano) rya "Uncle Reiwa" Ni bande bandi bari biyamamaje? Abandi bagabo babiri bari bagerageje amahirwe yabo ku mwanya w'ubuyobozi bw'ishyaka LDP. Fumio Kishida wigeze kuba Minisitiri w'ububanyi n'amahanga ku butegetsi bwa Shinzo Abe, ariko wari umaze imyaka itatu ari umukuru w'akanama k'ubushakashatsi kuri gahunda z'iri shyaka. Umugereranyije na Bwana Suga, uyu mugabo w'imyaka 63 amurusha kumenyera gukorana n'ibihugu by'amahanga ariko ntabwo yari ashyigikiwe na minisitiri w'intebe weguye. Uwa gatatu na we wari wagerageje amahirwe ye ni Shigeru Ishiba, wahoze ari umunyamabanga mukuru w'ishyaka LDP ndetse wigeze kuba minisitiri w'ingabo muri guverinoma yabanje ya Abe. Shigeru Ishiba (ibumoso), Yoshihide Suga (hagati) na Fumio Kishida Muri abo batatu bose bahatanaga, Bwana Ishiba, na we ufite imyaka 63, ni we wagerageje kurusha abandi kwitandukanya cyane na gahunda za minisitiri w'intebe weguye ndetse yizeraga ko yari gutangira bundi bushya nyuma y'ubutegetsi bwa Bwana Abe. Nubwo yaba we, yaba na Bwana Kishida nta n'umwe muri bo wafatwaga nk'ufite amahirwe nyayo yo gutsinda Bwana Suga, kwiyamamaza kwabo gushobora kuba kwabashyize mu mwanya mwiza mu matora rusange yo mu 2021 ubwo iyi manda izaba irangiye.
46572606
https://www.bbc.com/gahuza/46572606
Mohamed Salah yasubiye kuba umukinyi wa Afrika yarushije abandi mw'ihiganwa rya BBC
Rutahizamu wa Misiri na Liverpool, Mohamed Sala, natorewe kuba umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunye Afrika arushije abandi, umwaka ugira kabiri yikurikiranya.
Salah abaye umukinyi wa mbere atsindiye aka gashimwe yikurikiranya, bikaba vyaheruka ku munye Nigeria Jay-Jay Okocha Uwo mukinyi w'imyaka 26 yarushije Medhi Benatia, Kalidou Koulibaly, Sadio Mane na Thomas Partey muri iryo higanwa. Salah yabwiye urubuga rwa BBC Sport ati: "Numva akanyamuneza. Nifuza gutsindira kandi aka gashimwe mu mwaka uza. Biranezereye cane kugatsindira." Uyu mukinyi ari nawe yigenje neza mw'ihiganwa Premier League mu mwaka, yinjije ibitsindo 44 mu nkino 52 yakiniye Liverpool mu mahiganwa aheruka, anayifasha gushika mu rukino rwa nyuma rwa Champions League. Gutangura gukinira Liverpool kwiwe kwari igitangaza, yinjiza ibitsindo 19 mu mahiganwa yose mu nkino 24 yakinye Salah yabandanije agira ati: "Igihe cose numva noguma ninjiza ibitsindo, mfasha ikipe yanje kuronka amanota kugira ibe iya mbere, ivyo vyama ari ibintu bihimbara." Yaraninjirije Misiri ibitsindo bibiri mu gikombe c'isi giheruka kubera mu Burusiya. BBC yaronse abantu barenga 650.000 batoye mw'ihiganwa ry'uno mwaka w'2018. Salah abaye umukinyi wa mbere atsindiye aka gashimwe yikurikiranya, bikaba vyaheruka ku munye Nigeria Jay-Jay Okocha. Uwo mukinyi w'imyaka 26 yarushije Medhi Benatia, Kalidou Koulibaly, Sadio Mane na Thomas Partey muri iryo higanwa Uyu mukinyi yahoze akinira Chelsea, yagiye muri Liverpool avuye mw'ikipe ya Roma mu ci ryo mu 2017. Yinjije ibitsindo 15, aninjiriza ibindi 11 ikipe ya Roma, iheza ari iya kabiri mw'ihiganwa Serie A ryo mu Butaliyano, bukaba ari ubwa mbere iyo kipe yari ironse ico kibanza mu myaka indwi. Gutangura gukinira Liverpool kwiwe kwari igitangaza, yinjiza ibitsindo 19 mu mahiganwa yose mu nkino 24 yakinye. Yahavuye yesa umuhigo w'ibitsindo 31 mu nkino 38 z'ihiganwa Premier League, ibintu bimaze gushikwako gusa na Luiz Suarez mu 2013-14, Cristiano Ronaldo mu 2007-08 na Alan Shearer mu 1995-96.
amakuru-49807841
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49807841
Boeing igiye guha $144,500 buri muryango waburiye uwabo mu mpanuka yayo
Imiryango y'aburiye ababo mu masanganya y'indege Boeing 737 Max igiye kuronswa n'iyo kompanyi indishi y'akababaro ingana n'amadorari 144.500 umwe umwe.
Buri muryango uzoronswa hafi ibihumbi 144,500 vy'amadorari umwe umwe Ababuranira imiryango y'aburiye ababo mw'iryo sanganya bavuga ko iyo ndishi ataco ivuze, bakabona ko ari uburyo bwa Boeing bw'ukwiyamamaza. Myinshi muri iyo miryango isanzwe yaritwariye ikompanyi Boeing mu bucamanza. Nomaan Husain, umwe mu bashingwamanza mu ntara ya Texas muri Amerika, aburanira imiryango 15 avuga ati: "Amadorari 144.000 ntaho bisa bisana n'indishi y'akababaro ku miryango yabuze". "Ico si ikintu gishobora guhoza imiryango. Iyo miryango irashaka inyishu y'ukuri". Uburyo bwo kwibagiza? Kuva mu kwezi kwa gatatu, indege za 737 Max zarahagaritswe, mu gihe abajejwe amatohoza bariko bihweza ibijanye n'umutekano w'ingendo zayo. Vyabaye inyuma y'amasanganya abiri muri Indonesia na Ethiopia yahitanye abarenga 340. Mu baguye mu mpanuka ya Ethiopian Airways harimwo umunyarwanda umwe. Mu kwezi kw'indwi, Boeing yemereye imiryango yabuze n'ababanyi bayo imiliyoni 100 z'amadorari. Niho mu nyuma iyo kompanyi yamenyesha ko igice kimwe cohawe iyo miryango, ikindi naco kigakoreshwa mu vy'indero n'imigambi y'terambere mu miryango no mu kibano. Robert A Clifford, umuhanuzi mukuru ku biraba isanganya rya Ethiopian Airlines, avuga ko kubona Boeing ata nsiguro yatanze igitangaza iyo ngingo vyerekana ko Boeing yashaka kuzimagiza ibijanye n'ibibazo vy'umutekano w'iyo ndege. Abantu 157 batikiriye mu mpanuka ya Ethiopian Airways imiryango yabo ijya mu gahinda gakomeye Yavuze kandi ko imiryango, myinshi muri yo yipfuza ko hubakwa ivyibutso vy'abayo baguye muri ayo masanganya, kandi ko ibandanya ibaza ingene izo miliyoni 50 zindi zizokoreshwa. "Kimwe mu bibazo bibabaza imiryango iburira ababo mu masanganya nk'aya y'indege ni uko akenshi imiryango itigera ironka inyishu ku bibazo vyayo". 'Intambwe ikomeye' Mw'itangazo ryasohotse, umukuru w'ikompanyi Boeing, Dennis Muilenberg, avuga ko gushiraho iyo ndishi y'akababaro ari "intambwe ikomeye" mu gufasha imiryango y'abaguye mu masanganya ya Boeing 737 Max 8. Kenneth R Feinberg ajejwe gucungera ikoreshwa ry'ayo mahera, avuga ko iyo ndishi itabuza imiryango yababaye kwitwarira iyo kompanyi.
amakuru-44183686
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44183686
Umusenyeri muri Australia yazize gukingira ikibaba abahohotera abana
Sentare yo mu gihugu ca Australia ikurikirana umusenyeri akomeye w'umugatolika, ku caha co guhisha amabi ashingiye ku gitsina yakorewe abana mu myaza y'i 1970.
Philip Wilson ashobora gupfungwa imyaka ibiri Philip Wilson, umusenyeri mukuru wa Adelaide, abaye umugatolika wa mbere wo ku rwego rwo hejuru akurikiranywe yagirizwa ico caha. Sentare ivuga ko yapfukiye ayo mabi yakorewe abana b'abahungu b'abakorezi, yakozwe n'umupatiri bakorana ahitwa New South Wales. Igihe yariko aciribwa urubanza yahakanye ko yigeze abwigwa ku bijanye n'uguhohotera abo bana. Mw'itangazo ryasohowe na Ekleziya ku munsi wa gatatu, Wilson yavuze ko aciwe inkokora n'ingene urubanza rwagenze, ko agiye kuraba ingene yorukurikirana. 'Yashatse gukingira Ekleziya' Mu kwezi guheze, Wilson yabwiye sentare ya Newcastle ko ata makuru afise ku bijanye n'ivyo padiri James Fletcher yakoze. Fletcher yegetsweko ivyaha icenda vy'amabi ashingiye ku gitsina mu 2004, mu nyuma apfira mw'ibohero mu 2006. Umwe mu bakorewe ayo mabi Peter Creigh yari umukorezi, yabwiye sentare ko yiganiye Wilson amabi yakorewe mu 1976, haheze imyaka itanu bibaye. Umucamanza Robert Stone (hagati) ngo aremera ko Bwana Creigh yiganiye Wilson ko yakorewe amabi. Umushingwamanza Robert Stone (hagati) ngo aremera ko Bwana Creigh yabwiye musenyeri Wilson ko yakorewe amabi Umushingwamanza Robert Stone yahakanye ivyo Wilson yashikirije ko atibuka ko bavuganye n'uwo mugabo, avuga ko Bwana Creigh ari icabona co kwizera. Uwo mupadiri arazi ko "ivyo yariko arumva ari ukuri ariko yashatse gukingira Ekleziya hamwe n'agateka kiwe", niko umushingwamanza Stone yavuze. Uwundi yakorewe amabi atipfuje kumenyekana yabwiye sentare ko yashikirije amabi yamushikiye mu cemerezo afise imyaka 11. Avuga ariko ko Wilson yamubwiye ko abesha, amusaba kuvuga Mwaramutse Mariya incuro 10 nk'impongano. Abakorewe amabi bashimye ingene urubanza rwarangiye bamaze gushika hanze ya sentare.
amakuru-45463720
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-45463720
Amasinde hagati ya Cardi B na Nicki Minaj yigaragaje i New York
Amasinde akomeje guca amarenga yo kuba hagati y'abahanzi Cardi B na Nicki Minaj bo muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika yigaragaje ku wa gatanu mu birori byo kumurika imideli mu mujyi wa New York.
Amakuru avuga ko Cardi B (iburyo) yegereye Nicki Minaj (ibumoso) mbere yuko ubushyamirane butangira Nkuko bitangazwa n'igitangazamakuru TMZ cyandika inkuru ku byamamare, ubu bushyamirane bwatangiye ubwo Cardi yegeraga Minaj ngo amubaze "ku binyoma Nicki amaze igihe akwirakwiza." Byibazwa ko yahise aterwa inkokora mu maso n'ushinzwe umutekano, mbere yuko atera Minaj urukweto rurerure rw'umutuku - wagaragaye nkaho ibyari bimaze kuba ntacyo bimutwaye. Nyuma yaho Cardi w'imyaka 25 y'amavuko - ubundi izina rye ry'ukuri rikaba ari Belcalis Almanzar - yasohowe nta nkweto yambaye ndetse abyimbye hejuru y'ijisho, nuko aba bahanzi bombi bahita bakomereza ubwo bushyamirane ku mbuga nkoranyambaga. Ababibonye babwiye ibitangazamakuru byo muri Amerika ko ubwo bushyamirane bwabereye ku rubaraza rw'igorofa ya mbere ya Harper's Bazaar ubwo umuhanzikazi Christina Aguilera yari ku rubyiniro. Mu muhango wo gutanga ibihembo by'umuziki bya MTV wabaye mu kwezi gushize kwa munani, Cardi yavuze amagambo yafashwe nk'ayibasiraga Minaj w'imyaka 34 y'amavuko. Mu bihe byashize, aba baraperikazi bombi bahakanye ko hari amakimbirane ari hagati yabo, nubwo bwose mu magambo y'indirimbo zabo hakomeje kumvikanamo kwibasirana biteruye. Nicki Minaj na Cardi B bagaragaye basa nk'abahuje urugwiro mu kwezi kwa gatanu mu birori byo kumurika imideli bya Met Gala
amakuru-47893327
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47893327
Igihugu c’Ubuhindi cinjiye mu matora azomara indwi zirenga zitanu, n'abatora bangana imiriyoni 900
Kuri uno munsi wa kane igenekerezo rya 11 ukwezi kwa kane, abanyagihugu bo mu Buhindi batanguye amatora abonwa na benshi ko asa n'ayo kwemeza uwusanzwe ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Narendra Modi.
Abantu imiliyoni 900 nibo bazoja muri ayo matora atunganijwe mu bice indwi Ayo matora niyo aboneka ko ari manini cane kw'isi. Abantu imiliyoni 900 bakwije imyaka 18 n'iyirenga nibo bitezwe gutora ku biro vy'amatora bingana n'umuliyoni. Nta muntu n'umwe ategerezwa kugenda ibirometero birenga bibiri kugira ashike ku biro vy'itora. Mu gatondo ka kare, abatora bari mabaze gushika ku biro vy'amatora kuri uno munsi wa kane. Ayo matora ateguwe mu bice indwi kugira hatorwe inama nshingamateka azobandanya gushika kw'igenekerezo rya 19 z'ukwezi kwa gatanu kuza, amajwi akazotangura guharurwa kw'igenekerezo rya 23 z'uko kwezi nyene. Umumenyeshamakuru wa BBC Telugu avuga ko hari imishamirano yibonekeje mu bice bitari bike. Ku biro vy'amatora biri ahitwa Anantpur, mu ntara ya Andhra Pradesh iri mu bumanuko bw'Ubuhindi, umuntu umwe yasize ubuzima mu mishamirano yadutse kuri ivyo biro. Abandi nabo bane barakomeretse cane igihe abakozi bava mu migambwe ibiri barwana. Mu ntara ya Chhattisgarh iri hagati y'igihugu, abikekwa ko bari mu muhari urwanya ubutegetsi ugendera ku vyiyumviro vya gisosiyaliste vya Mao (Maoists) bateye ikibombe hampande y'akazu k'amatora mu bucagucagu, kikaba atawe cahitanye canke ngo gikomeretse. Inama nshingamateka izwi kw'izina rya Lok Sabha, igizwe n'abantu 543 batorwa, umugambwe canke urunani urwo ari rwo rwose rugakenera kuronka abagera ku 272 kugira ngo rushobore gushinga leta. Bwana Modi yari yatsinze amatora aheruka yo mu mwaka wa 2014 Abihweza ibintu n'ibindi, babona ko ayo matora ari yo ya mbere akomeye inyuma y'imyaka itari mike, inyuma kandi y'imyiyamamazo yaranzwe n'uguterana amajambo. Umugambwe Bharatiya Janata Party (BJP) wegamiye idindi ry'Abahindu urongowe na Bwana Modi, niwo wari watsinze amatora aheruka yo mu mwaka wa 2014. Niwe yitoje ku giti c'uwo mugambwe, akaba mu myiyamamazo yiwe yemereye Abahindi ko agiye guhindura isura y'Ubuhindi. Ariko abamunegura bavuga ko ivyo yari yemeye ko yari guteza imbere ubutunzi bw'igihugu agashinga n'ubuzi bwinshi atabishikije, ni mu gihe ico gihugu caranzwe n'amacakubiri afatiye ku madini ku ntwaro yiwe. Umugambwe BJP urahanganye bikomeye n'iyindi migambwe yiganziye uburere, hamwe n'umugambwe Congrès National Indien, urongowe n'uwitwa Rahul Gandhi asigwa na Rajiv Gandhi yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu. Rahul Gandhi arongoye umugambwe Congrès National Indien, ari kumwe na mushikiwe Priyanka Gandhi Uwuzotorwa muri ayo matora akazohangana n'ibibazo bitari bike. Ikibazo gikomeye kikaba ari ic'ubushomeri, aho igitigiri c'abadafise akazi caduze birenze urugero. Ikindi cerekeye ikena ry'amasoko y'ivyimburwa vyabaye umurengera ibiciro navyo bigakoroka, ivyatumye abarimyi basigara mu madeni y'umurengera. Hari kandi n'ikibazo c'umutekano, cane cane inyuma y'igitero c'ubwiyahuzi cakozwe ku kirindiro c'igipolisi mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka wa 2019, gikozwe n'umurwi witwaje ibirwanisho uri mu gihugu kibanyi ca Pakistani kigahitana abantu 40.
amakuru-56968792
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56968792
Bill na Melinda Gates batandukanye nyuma y'imyaka 27 babana
Umuherwe w'Umunyamerika Bill Gates n'uwari umugore we Melinda Gates batangaje ko nyuma y'imyaka 27 bashakanye ubu batandukanye, bagira bati: "Ntitucyemeza ko dushobora gukurana hamwe nk'abashakanye".
Umunyamakuru wa BBC Michelle Fleury arasobanura uko Bill na Melinda Gates baje kugirana umubano Mu itangazo bombi bashyize kuri Twitter, bagize bati: "Nyuma yo kubitekerezaho cyane no kugira ibyo dukora byinshi ku mubano wacu, twafashe icyemezo cyo gusoza urushako rwacu". Bahuye bwa mbere mu myaka ya 1980 ubwo Melinda yajyaga gukora muri kompanyi y'ikoranabuhanga Microsoft ya Bill. Aba batunze za miliyari z'amadolari, babyaranye abana batatu ndetse bombi bahuriye mu kuyobora ikigo Bill & Melinda Gates Foundation. Icyo kigo kimaze gukoresha za miliyari z'amadolari mu kurwanya indwara zandura no gushishikariza ibikorwa byo gukingiza abana. Aba ba Gates - hamwe n'umushoramari Warren Buffett - ni bo bari inyuma y'igikorwa cyiswe Giving Pledge, cyo gusaba abaherwe batunze za miliyari z'amadolari gutanga igice kinini cy'ubukire bwabo bagishyira mu bikorwa bifasha rubanda. Bill Gates ni we muntu wa kane ukize cyane ku isi, nkuko bitangazwa n'ikinyamakuru Forbes, abarirwa umutungo wa miliyari 124 z'amadolari y'Amerika. Aba bombi - bagaragara muri iyi foto yo mu 2018 - batanze za miliyari z'amadolari mu bikorwa byo gufasha abantu Yageze kuri ubwo bukire abinyujije muri kompanyi ya Microsoft yashinganye na Paul Allen - wapfuye mu 2018 - mu myaka ya 1970, iyi ikaba ari yo ya mbere ku isi ikora 'softwares' nyinshi. Bill na Melinda Gates batangaje gutandukana kwabo ku rubuga rwa Twitter. Itangazo ryabo rigira riti: "Mu myaka 27 ishize, twareze abana batatu batangaje kandi twubaka ikigo gikorera ku isi hose gifasha abantu bose kugira ubuzima bwiza kandi butanga umusaruro". "Dukomeje gushyigikira icyo gitekerezo kandi tuzakomeza gukorera hamwe mu kigo, ariko ntitucyemeza ko dushobora gukurana hamwe nk'abashakanye mu cyiciro gikurikiyeho cy'ubuzima bwacu". "Dusabye ko umuryango wacu uhabwa umwanya no kutinjirirwa mu buzimwa mu gihe dutangiye ubu buzima bushya". Jennifer Gates, umukobwa wabo w'imyaka 25, yanditse kuri Instagram ati: "Cyabaye igihe kigoye ku muryango wacu wose. Ndacyakomeje kwiga uburyo bwiza cyane nakwifasha ubwanjye n'amarangamutima". Bahuye gute? Melinda, w'imyaka 56, yageze muri Microsoft mu 1987 nk'ukuriye kugenzura ibicuruzwa byayo, nuko muri uwo mwaka i New York bombi bicara basangira ifunguro rya nimugoroba biga ku kazi kabo. Batangira kureshyanya, ariko Bill yabwiye ikiganiro mbarankuru cyo ku rubuga rwa Netflix, ati: "Buri umwe muri twe yitaga ku wundi, kandi hari ibintu bibiri gusa byashobokaga: twari gushwana cyangwa twari gushakana". Melinda yavuze ko yatahuye Bill - ugendera ku bintu bizwi byateguwe n'iyo bigeze no ku rukundo - arimo kwandika ku kibahu urutonde rw'"ibyiza n'ibibi byo gushaka". Bashakanye mu 1994 mu birori byabereye ku kirwa cya Lanai muri leta ya Hawaii. Amakuru avuga ko bahaye akazi indege za kajugujugu zose zo muri ako gace kugira ngo birinde ko hagira abitumira bakaba bagurutsa indege mu kirere cyaberagamo ibirori byabo. Bill, w'imyaka 65, mu mwaka ushize yavuye mu buyobozi bukuru bw'ikigo Microsoft ngo yibande ku bikorwa bye byo gufasha. Gates Foundation ni iki? Aho biva: Ibiro ntaramakuru Reuters Nubwo aba bombi bashobora kwerekeza mu bikorwa bitandukanye byo gufasha, abasesenguzi bavuga ko ibikorwa byabo byo muri iki kigo bishobora gukomeza. Umwanditsi akaba n'umunyamakuru w'Umunyamerika David Callahan yabwiye ikiganiro Newsday cya BBC ati: "Bubatse iki [kigo] guhera hasi, mu myaka 20 ishize, bahuriye ku kukucyiyemeza cyane". Yakomeje agira ati: "Ibikorwa by'ikigo bishobora kuzakomeza. Iki ntabwo ari ikigo gito cy'umuryango kigiye gusenyuka kubera ko urushako rusenyutse". Ni uruhe ruhare rwa Melinda mu bikorwa byabo? Mu 2019, yabwiye ibiro ntaramakuru Associated Press ati: "Bill nanjye turaringaniye nk'abafatanyabikorwa". Ati: " Abagabo n'abagore bakwiye kugira uburinganire mu kazi". Mu gitabo yasohoye mu 2019 cyitwa The Moment of Lift, avuga ku buzima we bwo mu bwana, ingorane yahuye na zo mu buzima n'izihariye yahuye nazo nk'umugore w'umugabo w'icyamamare ndetse nk'umubyeyi usigarana n'abana batatu mu rugo. Mu 2016 uwari Perezida w'Amerika Barack Obama yahembye Bill na Melinda Gates umudari wa 'Presidential Medal of Freedom' kubera akazi kabo ko gufasha Yavuze ko gukorana hamwe mu kigo cyabo byatumye umubano wabo urushaho kuba mwiza. Yanditse mu gitabo cye ati: "Byamusabye kwiga uburyo bwo kugira uburinganire, nanjye byansabye kongera ibikorwa nkaringanira". Usibye akazi ke muri icyo kigo, mu 2015 yashinze kompanyi y'ishoramari Pivotal Ventures, yibanda ku bagore n'imiryango. Icyo gihe yagize ati: "Nyuma y'igihe kirekire isi irimo gukanguka ikabona ukuntu nta muntu n'umwe muri twe watera intambwe agana imbere mu gihe kimwe cya kabiri cyacu gisigajwe inyuma". Ati: "Imibare irabigaragaza neza: abagore bongerewe ubushobozi bahindura imiryango migari [sosiyete]".
imikino-44759819
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-44759819
Cristiano Ronaldo agiye gukina muri Juventus
Umukinyi w'imbere wa Real Madrid Cristiano Ronaldo yaguzwe n'umugwi Juventus, aba abaye umwe mu bakinyi ba mbere bazimvye cane.
Cristiano Ronaldo aguzwe na Juventus imiliyoni 112 euros Mu masezerano yatumye yimuka yatwaye imiliyoni 112 z'ama euros (imiliyoni £99.2), yapfunditswe n'iyo migwi ibiri, uwo mugabo aturuka muri Portugal agiye gukina imyaka ine muri uwo mugwi watwaye igikombe mu Butaliyano. Ronaldo ageze ku myaka 33, yatsinze amahiganwa ane ya Champions League mu myaka icenda amaze mu mugwi Real. "Igihe cageze ngo nkore iyindi ntambwe y'ubuzima, nico gituma nasavye umugwi ngo wemere untange," niko yavuze. Abakinyi babiri ba mbere bazimvye baguzwe na Paris St-Germain - imiliyoni £200 zatanzwe ku mukinyi w'imbere yari avuye muri Barcelona, umunya Brésil Neymar mu kwezi kw'umunani kurangiye; hamwe n'imiliyoni £166 zatanzwe ku mukinyi w'Ubufaransa w'imbere Kylian Mbappe mu kwezi kw'indwi. Barcelone nayo yarishe umugwi Liverpool imiliyoni £142 ku mukinyi wo hagati aturuka mu gihugu ca Brésil, Philippe Coutinho mu kwezi kwa mbere. Juventus izohura na Real Madrid mu rukino rwa kivandimwe muri Amerika, ku kibuga ca FedEx Field i Washington ku munsi wa gatandatu, itariki 4 ukwezi kw'umunani. 'Real Madrid yarantwaye umutima' - niko Ronaldo avuga mw'ikete yandikiye abakunzi. "Ino myaka maze muri Real Madrid, no muri kino gisagara ca Madrid, nibaza ko ariyo myaka ya mbere myiza mu buzima bwanje. Numva nkwiye gushimira uno mugwi, ku bakunzi bawo no kuri kino gisagara. Ndashimiye bose ku rukundo banyeretse. Naho biri uko, nibaza ko igihe cageze ngo ntere iyindi ntambwe y'ubuzima ari naco gituma nasavye umugwi ngo wemere undungike. Ukwo ni kwo ndavyiyumvamwo kandi ndabasavye mwese na cane cane abakunzi kuntegera." Cristiano Ronaldo yinjije ibitsindo bibiri mu rukino batsinzemwo Juventus 4-1 mu 2017 muri "finale" ya Champions League i Cardiff Ingene Ronaldo yitwaye mu nkino mu bitigiri
amakuru-52423111
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52423111
DR Congo: FDLR iracyekwaho kwica abarinzi 12 ba parike ya Virunga
Abantu 16 barimo abarinzi 12 ba parike y'igihugu ya Virunga biciwe mu gitero cyagabwe n'abacyekwa kuba abarwanyi b'umutwe w'inyeshyamba wa FDLR ukorera mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Abarinzi ba parike bari barinze uruhererakane rw'imodoka zitwaye abaturage b'abasivile Icyo gitero cyabereye mu nkengero z'icyaro cya Rumangabo muri teritwari (territoire) ya Rutshuru muri Kivu y'amajyaruguru. Cosma Wilungula, umutegetsi wo muri DR Congo, yavuze ko icyo gitero cy'ejo ku wa gatanu ari cyo gihitanye abantu benshi cyane muri iyo parike mu mateka yo mu gihe cya vuba gishize. Yavuze ko inyeshyamba zirenga 60 zari zateze umutego uruhererekane rw'imodoka zitwaye abaturage b'abasivile bari bacungiwe umutekano n'abarinzi 15 ba parike, nkuko ibiro ntaramakuru Reuters bibitangaza. Iyi parike, izwi cyane kubera ingagi zo mu misozi ziyibamo, ni yo ya mbere imaze igihe kirekire kurusha izindi ku mugabane w'Afurika ndetse ikunze gusurwa cyane na ba mukerarugendo. Irimo kandi urusobe rw'ibinyabuzima ndetse ni n'umutungo w'isi uri ku rutonde rw'ibungwabungwa n'ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku burenzi, ubumenyi n'umuco (UNESCO). Abandi bantu batandatu bakomerekeye muri icyo gitero bicyekwa ko cyagabwe n'umutwe wa FDLR. Abakuru bawo bashinjwa kugira uruhare muri Jenoside yo mu Rwanda yo mu mwaka wa 1994. Umutwe wa FDLR wasohoye itangazo rivuga ko ntaho uhuriye n'iki gitero kuko uvuga ko agace cyabereyemo nta barwanyi bawo bakabarizwamo. Mu mwaka wa 2018, abateye iyo parike bishe umwe mu barinzi bayo Itangazo rigaragara ku rubuga rwa internet rwa parike ya Virunga rivuga ko hari ibigaragaza ko iki cyari igitero kigambiriye abaturage b'abasivile bo muri ako karere. Rigira riti: "Abarinzi ba parike ya Virunga ntabwo ari bo bari bagambiriwe muri icyo gitero, ariko batakaje ubuzima bwabo bagerageza kurwana ku baturage". Ba rushimusi bamaze igihe bazwiho kwibasira ba mukerarugendo basura iyo parike. Mu mwaka wa 2018, abateye iyo parike bishe umwe mu barinzi bayo Rachel Masika Baraka ubwo bashimutaga by'akanya gato ba mukerarugendo babiri b'Abongereza n'umushoferi wabo. Ku itariki ya 23 y'ukwezi gushize kwa gatatu, iyi parike yafunze imiryango ivuga ko ibaye ihagaritse kwakira ba mukerarugendo, nyuma y'inama yagiriwe n'impuguke ko ingagi zishobora kugira ibibazo byo kuba zakwandura coronavirus.
imikino-47452311
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-47452311
Uhagarariye Gareth Bale avuga ko uko afashwe n'abafana ba Real Madrid ari 'agasuzuguro'
Uhagarariye Gareth Bale avuga ko uko uyu mukinnyi ari gufatwa na bamwe mu bafana ba Real Madrid "nta kindi kitari agasuzuguro".
Real Madrid kuri ubu irarushwa amanota 12 na mucyeba Barcelona iyoboye urutonde rw'agateganyo rwa shampiyona, nyuma gutsindwa na Barcelona ku wa gatandatu Bamwe mu bafana bari ku kibuga Santiago Bernabéu cya Real Madrid bakomereye uyu rutahizamu ukomoka mu gihugu cya Wales - kimwe mu bigize ubwami bw'Ubwongereza - ubwo yasimburwaga ku munota wa 61 mu mukino wo ku wa gatandatu w'icyumweru gishize Real Madrid yatsinzwe na Barcelona igitego 1-0. Jonathan Barnett, uharagarariye Bale, yagize ati: "Iki gisekuru cy'abafana ba Real bazahora birahira ibitego bya Gareth mu myaka iza". "Bagakwiye guterwa isoni na bo ubwabo. Abo bafana bagakwiye kuba bari gusoma ibirenge bye". Bale w'imyaka 29 y'amavuko, yageze muri Real mu mwaka wa 2013 avuye muri Tottenham, aguzwe miliyoni 85 z'amapawundi. Hamwe na Real, amaze gutsindira ibikombe bine bya Champions League n'igikombe kimwe cya shampiyona ya La Liga y'aha muri Espanye. Amaze gutsinda ibitego 13 mu mikino 33 amaze gukinira iyi kipe muri uyu mwaka w'imikino. 'Nta ho azajya kuri iyi mpeshyi' Ariko nubwo afitanye n'iyi kipe kontaro yo kuyikinira kugera mu mwaka wa 2022, hashize ibyumweru hibazwa kuri ejo hazaza he muri iyi kipe. Barnett wongeyeho ati: "Gareth akwiye kubahwa cyane bishoboka. Uko abafana ba Real bari kumufata nta kindi kitari agasuzuguro". "Mu myaka itandatu amaze muri Espanye, yatsindiye buri kimwe cyose. Ni umwe mu bakinnyi b'intyoza ku isi". "Nubwo hari ibiri kumuvugwaho mu bitangazamakuru byo muri Espanye, we arishimye, avuga ururimi rw'Icyespanyole ku kigero cyiza kandi nta kibazo afitanye n'abandi bakinnyi ba Real. Abantu bandika ibi bintu nta kintu na kimwe bamuziho". "Nta kiganiro na kimwe cyari bwabeho kinyanye nuko Gareth yava muri Madrid. Nta ho azajya kuri iyi mpeshyi". "Nubwo hari ibyatangajwe, we arishimye, arashaka kuguma muri Real kandi na bo [Real] baramushaka". "Turambiwe amakuru y'ibinyoma yuko agiye kugenda". Mu kwezi gushize kwa kabiri, bimwe mu bitangazamakuru byasubiyemo amagambo y'umunyezamu Thibaut Courtois avuga ko Bale ataramenyera kubaho mu buzima bushya bwo muri Espanye ndetse ko hari ijoro yanze gusohokana na bagenzi be bakinana muri Real. Myugariro Marcelo yabwiye ikinyamakuru Marca cyo muri Espanye ko Bale atavuga ururimi rw'Icyespanyole kandi ko ashyikirana akoresheje gusa guca amarenga.
imikino-41049013
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-41049013
Farah yabaye uwa mbere mu metero 5000 ubwa nyuma ku kibuga ca Zurich
Umunonotsi karuhariwe wo mu Bwongereza Mo Farah yasezeye kwiruka ku bibuga atsinze bigoranye kwiruka imetero 5000 mu nkino za Diamond League mu gisagara ca Zurich.
Mo Farah yahatswe gato gutsindwa na Muktar Edris yamurushije mu kwiruka imetero 5.000m mu gisagara ca Londres mu 2017 Farah w'imyaka 34 amaze gutahukana intsinzi icuro zine mu nkino za Olempike, ubu azoza ariruka ariko atari mu kibuga. Farah yahatswe cane asigaje imetero 100 za nyuma aho uwa mbere kw'isi ubu mu kwiruka imetero 500 wo muri Ethiopia Muktar Edris yashatse kumucako, arangiza ku minota 13 amasegunda 06.05. Umunyamerika Paul Chelimo yabaye uwa kabiri, inyuma y'aho Edris, yari yatsinze Farah mu nkino za Londres mu 2017, yikubitiye hasi ashaka kujabuka umurongo wa nyuma. Farah yatahukanye umudari w'inzahabu mu gusiganwa imetero 10.000 mw'ihiganwa ryo kurondera uwa mbere kw'isi imbere y'uko atsindwa mu metero 5000 muri iryo higanwa nyene. Yatsinze ihiganwa rya nyuma ku kibuga ari mu bwongereza mw'ihiganwa ryabereye mu gisagara ca Birmingham. "Nashaka gutsinda, kandi ndanezerewe cane, ariko vyansavye inguvu nyinshi cane. Nzokumbura cane kwiruka ku kibuga, abantu hamwe n'abarorerezik." Isiganwa ku metero 5.000 n'imwe mu yandi masiganwa 16 ya Diamond League ariko arabera mu gisagara ca Zurich.
amakuru-55346289
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55346289
Covid-19: Tanzania 'ihitamo gukoresha ibyatsi aho gukoresha urukingo'
Amakuru avuga ko Tanzania yavuze ko idafite gahunda yo gutumiza inkingo za Covid-19, ko ahubwo yizeye ubushakashatsi "ku byatsi" byo muri icyo gihugu.
Mu kwezi kwa gatandatu Perezida John Magufuli yatangaje ko "nta coronavirus" ikirangwa muri Tanzania Mu kiganiro n'ikinyamakuru The East African, Gerald Chami, umuvugizi wa minisiteri y'ubuzima, yakomeje avuga ko afite amakenga niba inkingo zitumizwa mu mahanga nta bibazo ziteza ku buzima kandi niba ari ingirakamaro. Yavuze ko zakozwe mu buryo bwihuse cyane kuburyo zitaba zarageragejwe neza. Igerageza ry'inkingo za Covid-19 ryubahiriza ibisabwa bikomeye byo ku rwego mpuzamahanga. Imyitwarire ya Tanzania kuri Covid-19 itandukanye cyane n'iy'ibindi bihugu bituranye nayo, mu gihe cya vuba gishize byongeye kugira ubwiyongere bw'ubwandu bushya. Mu mpera y'ukwezi kwa kane, Tanzania yahagaritse gutangaza imibare mishya ijyanye na Covid-19, ndetse mu kwezi kwa gatandatu Perezida John Magufuli avuga ko iyo virusi itakirangwa mu gihugu.
amakuru-55347231
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55347231
France: Umukuru wa Paris yatojwe ihadabu 'idasobanutse' kubera yahaye akazi abagore benshi
"Ni kubera gutonesha abagore birengeje urugero" - ni yo nyishu y'agahemo (yo kunebagura) y'umukuru w'igisagara ca Paris, Anne Hidalgo, inyuma yo kubwirwa ko yarenze ku mategeko mu guha akazi abagore benshi mu bibanza bikomakomeye.
Anne Hidalgo - wewe afise "umunezero" kubona atojwe ihadabu Mu twigoro two kurwanya ubusumbasumbane hagati y'abagabo n'abagore mu kazi, amakompanyi n'izindi nzego arahimirizwa guha akazi abagore benshi, kandi mbere bakabagena mu bibanza bikomakomeye biboneka ko vyiziziwe n'abagabo. Ariko rero, ku mupfasoni Hidalgo, hari ababona ko yarengeje urugero mu kigoro kiwe. Mu 2018, abagore 11 n'abagabo batanu ni bo badugijwe mu kazi, ibi bikaba biteye kubiri n'itegeko ry'igihugu ryo mu 2013 rifise intumbero yo kuzana uburinganire mu kazi hagati y'abagabo n'abagore. Ubushikiranganji bw'abakozi ba reta bwaciye aba bategetsi ba Paris ihadabu ingana n'ama Euro 90.000 (ni ukuvuga amadorari y'abanyamerika 109.000). Umupfasoni Hidalgo yatangaje ati: "Ndi n'umunezero wo kumenyesha ko twaciwe ihadabu". Iri tegeko ryo mu 2013, rivuga ko kizira kugena igitsina kimwe ku bice birenga 60% mu nzego nyobozi z'igihugu. Umupfasoni Hidalgo yahaye akazi abagore bagera ku bice 69%. Mw'ijambo yashikirije inama y'abahanuzi b'akarere, uyu mukuru w'igisagara ari mu mugambwe w'aba sosiyalisti yavuze n'agahemo ati: "Ubuyobozi bw'igisagara burahindutse, mu kanya isase, bubaye ubwo gutonesha abagore". Ariko yerekana kandi ko hari ugukwega amaguru mu guha abagore amabanga akomeye mu Bufaransa kandi ko ari ngombwa kwihutisha mu gukuraho ubu busumbasumbane mu kugena abagore benshi gusumba abagabo. Ati: "Iri hadabu riragaragara ko ridasobanutse, ni akarenganyo, nta shingiro rifise kandi rizotera ingorane". Aciye ku rubuga rwa Twitter, umushikiranganji w'abakozi ba reta w'Ubufaransa, Amélie de Montchalin, yishura ko iri tegeko ryahindutse kuva mu 2018. Mu 2019, hari amahadabu yari yatojwe abahaye akazi abagore benshi canke abagabo benshi ariko arakurwaho kubera ata ngaruka vyari vyateye ku buringanire hagati y'ibitsina. Yasavye umupfasoni Hidalgo kuganira ingene ivyo kwongereza ibitigiri vy'abagore mu buzi bwa reta vyogenda, anavuga ko amahera azotangwa muri iyi hadabu azoshirwa mu "bikorwa bigaragara".
amakuru-41885487
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-41885487
Igitero cahitanye 26 mw'isengero ry'i Texas muri Amerika
Niburiburi abantu 26 baguye mu gitero, abandi 20 barakomereka inyuma yaho umugabo afise inkoho yugururiye umucanwa mw'isengero ry'i Texas ku munsi wa Mungu.
Igiteramo c'amabuji bagandariye abaguye mu gitero ca Sutherland Springs Ico gitero cabaye mw'isengero "First Baptist Church" ahitwa Sutherland Springs, agasagara gato k'ikomine ya Wilson. Imyaka y'abapfuye iri hagati y'i 5 na 72. Uwikekwa ko yakoze ico gitero bamutoye yapfuye mu modoka yiwe, ku birometero hirya yaho iryo bara ryabereye. Igipolisi kivuga ko yari "umuhungu yera akiri muto" ariko itangazamakuru rya Amerika rivuga ko ari uwitwa Devin Patrick Kelley w'imyaka 26. Kelley avugwa ko yirukanywe mu gisirikare co mu kirere ca Amerika "US air force" mu 2014, inyuma yaho yagirijwe ko yakubise nabi umugore n'umwana. Ntawuramenya icatumye akora ubwo bwicanyi. Uwo mugabo yagavye igitero yabanje arasira hanze y'isengero Umuyobozi w'igisata kijejwe umutekano w'abanyagihugu c'i Texas, Freeman Martin yavuze ko uwagavye igitero yari yambaye impuzu zirabura hamwe n'ikoti ikingira amasasu, yugurura umuriro akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Ruger ari hanze y'isengero igihe ca 11:30 isaha yo muri ako karere, munyuma yinjira mw'isengero. Igihe uwo yakoze igitero aviriye mw'isengero, umwe mu banyagihugu yaciye afata inkoho yiwe arasa uwo mugabo yaciye akorora inkoho yiwe, arahunga n'imodoka. Uwo munyagihugu yarakurikiye uwo mugabo, yahavuye munyuma ata ibarabara, agira impanuka. Prezida Donald Trump, ari mu rugendo muri Asia, yavuze ko uwo mugabo yakoze ico gitero "ari umuntu adakomeye neza mu mutwe" ntiyemera ko inkoho ziri mu banyagihugu arizo zituma ubwo bwicanyi buba. "Hari abantu benshi bafise ibibazo vyo mu mutwe mu gihugu cacu, ivuyashitse ntitwobishira ku kibazo c'itunga ry'ibigwanisho," niko yavuze. Ubwo bwicanyi bubaye haheze ukwezi uwundi mugabo agavye igitero i Las Vegas mu giteramo c'umuzika, yica abantu 58 n'abandi benshi bakomeretse.
amakuru-47959485
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47959485
Perezida Sisi wa Misiri - uzarangiza manda muri 2022 - ashobora gutegeka kugera muri 2030
Inteko ishingamategeko ya Misiri yemeje impinduka mu itegekonshinga zishobora gutuma Perezida Abdel Fattah al-Sisi aguma ku butegetsi kugera mu mwaka wa 2030.
Abdel Fattah al-Sisi, ugaragara hano ku cyapa kiri ku muhanda, yongeye gutorwa mu mwaka ushize nyuma yo gutsinda amatora n'amajwi 97 ku ijana (97%) Biteganyijwe ko Bwana Sisi ava ku butegetsi mu mwaka wa 2022 ubwo manda ye ya kabiri y'imyaka ine izaba irangiye. Ariko izo mpinduka, zigomba gufatwaho umwanzuro wa nyuma mu minsi 30 binyuze muri kamarampaka, zakongera iyi manda ye ya kabiri ikagera ku myaka itandatu, zigatuma yongera no kwiyamamariza indi manda. Izo mpinduka kandi zaha Bwana Sisi w'imyaka 64 y'amavuko, ububasha buruseho ku rwego rw'ubucamanza ndetse zikarushaho gushimangira uruhare rw'igisirikare muri politiki y'iki gihugu. Mohammed Abu Hamed, umwe mu badepite baharaniye ko izo mpinduka mu itegekonshinga zikorwa, yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko Bwana Sisi ari Perezida "wafashe ingamba z'ingenzi muri politiki, mu bukungu no mu mutekano", ko rero agomba kwemererwa "gukomeza amavugurura ye". Ariko Khaled Dawoud wo mu ishyaka al-Dustour rivuga ko riharanira ukwishyira ukizana, avuga ko iyo ngingo ya Bwana Hamed "idafatika". Yabwiye BBC ko izo mpinduka ari "ugupapuza ubutegetsi" kwakozwe na Bwana Sisi. Abashyigikiye Bwana Sisi bavuga ko izo mpinduka zicyenewe ngo abone igihe kirushijeho cyo kurangiza amavugurura Mu mwaka wa 2013, Bwana Sisi yayoboye ihirikwa ku butegetsi ryakozwe n'igisirikare rya Mohammed Morsi, Perezida wa mbere wa Misiri watowe muri demokarasi, nyuma y'imyigaragambyo yamaganaga ubutegetsi bwe. Kuva icyo gihe, yayoboye icyo imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu ivuga ko ari ukwibasira abatavuga rumwe n'ubutegetsi ku kigero kitari cyarigeze kibaho mbere muri icyo gihugu, bituma ababarirwa mu bihumbi amacumi bafungwa. Bwana Sisi yatowe bwa mbere mu mwaka wa 2014 ndetse aza kongera gutorwa mu mwaka ushize wa 2018 nyuma yo gutsinda amatora n'amajwi 97 ku ijana (97%). Ntabwo yigeze ahura n'ihatana rikomeye kuko benshi bajyaga guhatana na we bikomeye baretse kwiyamamaza cyangwa batabwa muri yombi. Inteko ishingamategeko iniganjemo kandi abashyigikiye Bwana Sisi, ndetse yakomeje kunengwa n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi nk'iri aho byo kwemeza ibyifuzo bya perezida.
imikino-45232552
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-45232552
Manchester City yatangaje ko Kevin de Bruyne agiye kumara amezi atatu adakina
Manchester City yatangaje ko umukinnyi wayo wo hagati, Umubiligi Kevin de Bruyne, agiye kumara amezi atatu adakina kubera kuvunika ivi.
Kevin de Bruyne yabaye umukinnyi wahize abandi muri Manchester City mu mwaka ushize w'imikino De Bruyne yinjiye mu kibuga asimbura mu gice cya kabiri mu mukino wabaye ku cyumweru ubwo Manchester City yatsindaga Arsenal 2-0. Ku wa gatatu, yavunitse ivi ry'iburyo ari mu myitozo. Ariko ubuyobozi bwa City bwavuze ko bidakenewe ko abagwa. Umutoza Pep Guardiola yavuze ko "kizaba igihombo gikomeye" kuri Manchester City. De Bruyne w'imyaka 27 y'amavuko, ntiyashoboye gukina imikino 12 mu mwaka wa 2016 nyuma yo kuvunika iri vi n'ubundi yongeye kuvunika. Icyo gihe hari mu mukino City yatsinzemo Everton. Mu mwaka ushize w'imikino, yabaye umukinnyi wahize abandi muri City, atsinda ibitego 12 atanga n'imipira 21 yavuyemo ibitego. Mu gikombe cy'isi giheruka kubera mu Burusiya muri uyu mwaka wa 2018, yafashije Ububiligi kwegukana umwanya wa gatatu - umwanya mwiza Ububiligi bwari bugezeho mu mateka yabwo y'umupira w'amaguru.
amakuru-43145000
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-43145000
Christelle, umukobwa yahagurukiye kugeza amazi meza ku baturage
Christelle Kwizera amaze guhindura ubuzima bw'abaturage batari bake abinyujije mu mushinga Water Access Rwanda, ukwirakwiza amazi meza.
Christelle Kwizera yabonye hari benshi batagira aho kuvoma ashinga Water Access Rwanda Afite imyaka 24, akaba amaze imyaka 4 ashinze ikigo Water Access Rwanda ngo abitewe no kubona hari abantu benshi batagira aho bavoma. Icyo gihe yigaga muri Amerika, bituma yegera abaterankunga babimufashamo, ariko biza no guhinduka umwuga. Aya mazi agezwa ku baturage hifashishijwe ahantu hasanzwe amasoko; iyo bamaze gucukura bakayageraho, bifashisha imiyoboro bacomeka ku ipompo bamwe bita rupika cyangwa moteri ifasha kuzamura ayo mazi, kugirango agere ku bantu. Ubuzima bwabo bwaroroshye Umusore twasanze avoma kuri rimwe muri ayo mariba ati "Kuva aya mazi yagera hano byaradufashije cyane kuko ijerekani imwe tuyigura amafaranga makumyabiri, mu gihe ahandi bayigura amafaranga ijana." Abaturage basigaye bavoma hafi kandi ntibatonde imirongo miremire Naho umubyeyi w'umugore we avuga ko mbere bakoraga ibirometero bitari bike bajya gushaka amazi, kandi nabwo bakahasanga imirongo, ku buryo havomaga umunyembaraga. Ariko kuva babona amazi ya Water Access Rwanda ngo byabakijije iyo mvune. Uretse rero kugira umumaro mu baturage, uyu mushinga wo gukwirakwiza amazi meza ngo winjiriza nyirawo atari make. Christelle ati: "Mu mwaka ushize w'2017 twinjije miliyoni zirenga magana abiri z'amafaranga y'u Rwanda, n'ukuvuga hafi miliyoni makumyabiri buri kwezi". Ikigo Water Access Rwanda kandi gikoresha abakozi 36, bose batunzwe n'uyu mushinga. Ikigo Water Access Rwanda kandi gikoresha abakozi 36, bose batunzwe n'uyu mushinga Kugeza ubu abaturage bavoma ayo mazi babarirwa mu bihumbi 37,000. Tumubajije uko yiyumva kuba yarahinduye ubuzima bw'abo bantu, Christelle yemeza ko atari umusaruro we wenyine. Ngo kuko hari abamufashije kwitinyuka no kwigirira icyizere, akizera ndetse ko byabera urugero n'urundi rubyiruko. Christelle Kwizera avuga ko nta mbogamizi zihariye ahura nazo nk'umukobwa muri uyu mwuga, ko ahubwo akunze kubazwa niba abifitiye ubushobozi, ariko ngo iyo basanze abisobanukiwe, kuko ari nabyo yigiye, bituma bamugirira icyizere. Kanda hano wumve ikiganiro Christelle yagiranye na Yvette Kabatesi wa BBC Gahuzamiryango
amakuru-51802656
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51802656
Abateguye igitaramo 'Ikirenga Mu Bahanzi' i Kigali ntibumva impamvu cyasibijwe
Igitaramo "Ikirenga Mu Bahanzi" cyagombaga kuba ejo ku cyumweru mu mugyi wa Kigali cyarasibye ku mpamvu abagiteguye bavuga ko batumva, hakanavugwa byinshi ku mbuga nkoranyambaga.
Igitaramo "Ikirenga Mu Bahanzi" cyagombaga gushimira umuhanzi Cecile Kayirebwa Iki gitaramo cyari kigiye kuba ku nshuro ya mbere mu Rwanda, cyari icyo gushimira abahanzi bagejeje kure umuziki nyarwanda no kuririmba mu kinyarwanda. Umuhanzi wagombaga gushimirwa ku buryo bwihariye muri iki gitaramo cy'ejo ni umuhanzi w'icyamamare mu muziki nyarwanda, Cecile Kayirebwa. Ariko ku buryo butunguranye, abapolisi bamenyesheje abagiteguye ko batemerewe kugitangiza ariko ntibabaha ibindi bisobanuro. Ku mbuga nkoranyambaga havuzwe byinshi ku cyaba cyatumye icyo gitaramo gihagarikwa, bamwe banavuga ko cyaba cyarabujijwe kuko hari kuvugwamo umuhanzi Kizito Mihigo aheruka gupfira muri gereza ya polisi. BBC yashatse kumenya uko byagenze maze tuvugana n'uwateguye iki gitaramo "Ikirenga Mu Bahanzi", umuhanzi uririmba indirimbo z'Imana, Kayiranga Melchior. Umuhanzi Mani Martin ari mu bahanzi bari kuririmba mu gitaramo "Ikirenga Mu Bahanzi" Yagize ati: "Natwe ni ibintu byadutunguye kuko twabimenye [...] twamaze [gutegura] ibyuma, salle twarayishyuye kera kuko twayishyuye mu kwezi kwa mbere. "Twari dufite urwandiko rutwemerera gukora icyo gitaramo, twaruhawe mu kwezi kwa mbere itariki 21 [...] twaruhawe n'umujyi wa Kigali. "Bigeze mu ma saa saba niho polisi yabuzaga abantu kwinjira [...] ku munsi w'ejo hashize. Ariko polisi ikavuga ngo yahawe amabwiriza y'uko tutagomba gukora igitaramo. Tukayibwira duti ese ufite icyemezo kigaragaza aya mabwiriza, wayahawe nande? Polisi ati nayahawe n'abantu bankoresha". Bwana Kayiranga yakomeje avuga ko yahamagaye abayobozi b'umujyi ababaza niba ibi bintu ari byo, abasigira n'ubutumwa (message) ariko ntawigeze amusubiza. Jules Sentore nawe ari mu bahanze bari gushimisha abaje kureba igitaramo "Ikirenga Mu Bahanzi" Yongeyeho ko mu ma saa cyenda ari ho umujyi wa Kigali washyize ubutumwa ku rubuga twitter uvuga ko wahagaritse ibitaramo. BBC yabajije bwana Kayiranga niba atarabwiwe ko impamvu igitaramo cyahagaritswe biri mu ngamba zo kwirinda icyorezo cya coronavirus, avuga ko nawe yabibonye kuri twitter. Yavuze ati: "Ushobora kwibaza impamvu igitaramo cyacu cyahagaritswe kandi ejo habaye imipira, ejo habaye ibirori by'abari n'abategerugori ahantu henshi hatandukanye. Umupira wabaye ku cyumweru, igitaramo cyacu ni ku cyumweru, ko hose hajya abantu? "Ikindi ejo barasenze [abantu], bagiye mu nsengero zitandukanye abandi bajya mu masoko, kuki igitaramo cyacu ari cyo gihagaritswe?" Kayiranga Melchior yavuze ko bahahombeye byinshi kuko igitaramo cyabo cyari gifite "budget" ya miriyoni 30 (y'amanyarwanda), kandi aho ngo ntiharimo imbaraga zakoreshejwe bagitegura mu mezi ane ashize.
amakuru-56331287
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56331287
DR Congo: 'Biden' yasubijeho ibihano 'Trump' yari yakuyeho ku muherwe uhacukura amabuye
Leta ya Amerika yisubiyeho ku cyemezo cyo guhagarika ibihano by'igihe gito kuri Dan Gertler, umuherwe w'umunya-Israel, ushinjwa ruswa mu bucukuzi bw'amabuye y'agaciro muri DR Congo.
DR Congo ni kimwe mu bihugu bya mbere bikungahaye ku mutungo kamere kurusha ibindi ku isi Ibiro bishinzwe ububanyi n'amahanga byasohoye itangazo rivuga ko "uburenganzira bwahawe Bwana Gertler buhabanye na politiki mpuzamahanga ya Amerika yo kurwanya ruswa ku isi." Ryongeraho riti: "Cyane cyane umuhate wa Amerika mu kurwanya ruswa no gushaka amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo". Iki cyemezo gishya cya Amerika kivanyeho icyari cyafashwe n'ubutegetsi bwa Donald Trump mu minsi ye ya nyuma ku butegetsi, cyo kuvanaho by'igihe gito ibihano byari byafatiwe uyu muherwe. Ibiro bishinzwe imari bya Amerika mu 2017 na 2018 byari byafatiye ibihano Dan Gertler - birimo kumubuza gukorana 'business' n'abaturage ba Amerika cyangwa inzego za Amerika, ibyo byatumye adashobora kugera muri banki mpuzamahanga. Yashinjwe ruswa n'ibyaha mu bucukuzi bw'amabuye y'agaciro, no gukoresha ubucuti bwe na Joseph Kabila wahoze ari Perezida wa DR Congo kugira ngo abone aho acukura amabuye. Gertler ahakana kugira ikibi akora mu bushabitsi bwe. Ubutegetsi bwa Trump bwari bwahaye imbabazi z'umwaka umwe Gertler kugeza tariki 31 z'ukwezi kwa mbere 2022, kugira ngo akomeze ubucuruzi bwe na kompanyi z'Abanyamerika. Ariko imiryango iharanira kurwanya ruswa yamaganye izo mbabazi, yari yasabye ubutegetsi bushya bwa Perezida Joe Biden kuvanaho izo mbabazi zatanzwe n'abo yasimbuye. DR Congo ni kimwe mu bihugu bya mbere bikungahaye ku mutungo kamere kurusha ibindi ku isi, ariko umubare munini w'abatuye iki gihugu babayeho mu bukene. Uburasirazuba bw'iki gihugu bukungahaye cyane ku mabuye y'agaciro, gusa hashize imyaka irenga 20 harangwa n'umutekano mucye kubera imirwe myinshi y'inyeshyamba ihakorera. Imiryango mpuzamahanga inyuranye igaragaza ibikorwa binyuranyije n'amategeko by'ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro bihakorerwa n'abaherwe batandukanye cyangwa abantu bo mu zindi leta.
47550996
https://www.bbc.com/gahuza/47550996
Intara ya Ontario muri Canada igiye kubuza amatelefone mu mashure ya leta
Intara ya Ontario mu gihugu ca Canada isanzwe ifise abantu benshi gusumba izindi ntara muri ico gihugu, itangaza ko igiye kubuza amatelefone ngendanwa mu mashure kuva mu mwaka uza.
Umushikiranganji w'indero muri iyo ntara, Lisa Thompson, yamenyesheje iyo ngingo nshasha ejo ku wa kabiri, inyuma y'umwaka wose bamaze mu nama zitandukanye. Iyo ngingo izokora ku mashure matomato n'igice ca mbere c'ayisumbuye mu mwanya w'ivyigwa, ariko hariho abazotezurirwa. Abo ni nk'igihe hari ibituma bijanye n'ukwivuza, canke nk'abigisha bazoba bashaka kuzikoresha nka kimwe mu nteguro y'ivyigwa, hamwe n'abanyeshure bazoba hari ivyo bakenera bidasanzwe. Hari uturere tutari duke muri iyo ntara twamaze gufata iyo ngingo, ariko iryo tegeko noneho rizofata amashure yose yegukira leta muri iyo ntara. Kubw'umupfasoni Thompson, abanyeshure ba Ontario bakeneye gushobora kwitwararika ivyigwa vyabo. Avuga ati: "Twafashe iyo ngingo yo kubuza ikoreshwa ry'amatelefone ribabuza kwiga kugira ngo dufashe abanyeshure kugira ubumenyi shingiro bakeneye, nk'ugusoma, ukwandika hamwe n'ibiharuro. Tuzosohora itangazo mu misi mike". Umupfasoni Thompson avuga ko izo nama zakozwe zerekana ko ibice 97 vy'abavyeyi, abarezi n'abafise uruhara mu vy'indero, bashigikiye ko hovanwaho ivyo vyose bibuza abana gukurikira neza ivyigwa. Iyo ngingo yashigikiwe n'abatari bake, ariko hakaba abandi bavuga ko iyo ngingo yataye igihe kandi ari ukubuza abana kwiga gukoresha ubuhinga bwa none mu buryo bubereye. Mu mwaka uheze wa 2018, abategetsi b'igihugu c'Ubufaransa barabujije amatelefone mu masomero ku bana bafise imyaka 15 no musi yayo. Nayo Nick Gibb, umushikiranganji ajejwe itunganya ry'indero mu Bwongereza, yabwiye BBC ko yemera y'uko bikwiye ko amashure yobuza abana babo gutondana amatelefone mu mashure.
amakuru-52369740
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52369740
Perezida wa Madagascar yerekanye ikinyobwa avuga ko ari “umuti” wa coronavirus
Perezida Andry Rajoelina wa Madagascar yamuritse umuti ukozwe mu byatsi byo kuri icyo kirwa we yemeza ko urinda kandi ukavura ubu bwoko bushya bwa coronavirus nk'uko bivugwa na AFP.
Andry Rajoelina yamuritse ikinyobwa aranakinywa, we yemeza ko kivura coronavirus Inzego zishinzwe ubuzima ku isi no muri Afurika ntacyo ziratanga kuri uyu muti watangajwe na Bwana Rajoelina. Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima, OMS, kugeza ubu nta muti riratangaza wakorewe ubushakashatsi uvura Covid-19. Ku kigo Malagasy Institute of Applied Research (IMRA) cyakoze uwo muti unyobwa, imbere y'abaminisitiri, abadipolomate n'abanayamakuru Rajoelina yagize ati: "Twakoze isuzuma - abantu babiri ubu bakijijwe n'uyu muti. "Iki ni icyayi cy'ibyatsi kivura mu minsi irindwi". Mu kuwushimangira yagize ati: "Ninjye wa mbere uri buwunywe uyu munsi imbere yanyu, mubone ko ukiza kandi utica". Uyu muti wiswe Covid-Organics, ukozwe mu byatsi byitwa Artemisia - umuti byemejwe ko bikoreshwa mu kuvura Malaria - hamwe n'ibintu byatsi gakondo nk'uko ikigo IMRA kibivuga. Ubuziranenge bwawo no kuba uvura Covid-19 koko ntabwo biragenzurwa ku rwego mpuzamahanga, nta mibare kandi itangwa n'ubushakashatsi bw'uko wageragejwe. Abahanga muri siyansi bakomeje kuburira abantu ingaruka mbi bashobora guterwa no gukoresha imiti inyobwa itarapimwe ikozwe mu byatsi . Bwana Rajoelina ibyo abishyira ku ruhande, avuga ko uwo muti uzahabwa abana b'abanyeshuri mu gihugu kuko ari "inshingano ye kurengera abaturage ba Madagascar". Kugeza ubu kuri iki kirwa hamaze kuboneka abantu 121 banduye coronavirus, ntawe irahitana muri iki gihugu. Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima, OMS, ryakomeje kuburira abantu kwirinda abantu bemeza ko babonye umuti wa Covid-19, ntabwo ryari mu gikorwa cyo kwerekana uwo muti nk'uko AFP ibivuga.
amakuru-47144129
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47144129
Intumwa ya Amerika Biegun iri mu rugendo i Pyongyang mu biganiro vya "nucléaire"
Intumwa ya Amerika iri mu rugendo i Pyongyang, Stephen Biegun, itegekanya kugirana ibiganiro n'ubutegetsi bwa Pyongyang ku munsi wa Gatatu mu ntumbero yo gutegura inama ya kabiri hagati ya Donald Donald Trump na Kim Jong-un.
Stephen Biegun yashitse muri Korea Yepfo itariki 3 Ukwezi kwa Kabiri mu 2019 Stephen Biegun avuga ko afise intego yo gutunganya ikirangamisi cokurikizwa mu kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda muri Korea ya Ruguru. Iyo nama itegekanijwe mu mpera za kuno kwezi, igashobora kubera mu gihugu ca Vietnam. Urwo rugendo rwa Bwana Biegun rushitse mu gihe hari icegeranyo ca ONU kigabisha Korea ya Ruguru guca ku ruhande ibihano, ikanabandanya umugambi wayo wa "nucléaire". Umukuru wa Amerika Trump na Bwana Kim bahuriye i Singapour mu kwezi kwa Gatandatu, umubonano wakurikiwe cane, unatuma haba icizere, ariko ntiwagira ikivamwo kiboneka. Impande zose ziyemeje kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda, ariko nta ruhande na rumwe rwavuze ingene ivyo vyoja mu ngiro canke vyokurikiranwa. Inama ya Kim na Trump yavuzwemwo vyinshi ariko ni bike vyashikirijwe ku kungene ivyo bumvikanye vyoja mu ngiro Abahinga baragabisha ku majambo Bwana Trump aheruka gushikiriza ko Korea ya Ruguru ata bwoba igiteye ku bijanye n'ibigwanisho ruhonyanganda, kandi ico gihugu kitarigera kivuga ko kigiye kuvavanura n'umugambi waco wa "nucléaire" mu gihe Amerika nayo nyene itoba igize mwenuko. Gukomeza ibihano Bwana Biegun agiye i Pyongyang amaze kugirana ibiganiro n'abategetsi ba Korea Yepfo, akaba yavuze ko yipfuza gushika ku kintu kiboneka. Ubushikiranganji bw'imigenderanira ya Amerika n'amakungu bwavuze ko urugendo rwiwe "ruzotuma ivyo perezida n'indongozi Kim biyemeje i Singapour bitera bija imbere." Amerika yipfuza ko Korea ya Ruguru ivuga ku mugaragaro ibigwanisho ruhonyanganda itunze, ikiyemeza kubisambura ihagarikiwe n'amakungu - ivyo navyo Korea ya Ruguru ikaba itigeze ivuga ko izobikora. Mw'ijambo yashikirije kuri Kaminuza ya Stamford mu ndwi iheze, Bwana Biegun yavuze ko Amerika idashobora kwemera gukuraho ibihano ivyo bitabaye, ariko avuga ko izofasha mu bundi buryo, avuga ngo: "Ntitwigeze tuvuga ko ataco tuzokora kugera igihe ukoze vyose." Yavuze kandi ko Kim Jong-un aheruka kwiyemeza gusambura ibibanza vyose vya Korea ya Ruguru vy'ubumara bwa "pluton na uranium", bituma hakogwa ibigwanisho vya "nucléaire". Ivyegeranyo vy'akanama ka ONU kajejwe umutekano vyasohotse ku munsi wa mbere bivuga ko Korea ya Ruguru ibandanya gukora ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missiles" hamwe na ruhonyanganda, igakingira ibibanza vyayo ngo ntibishobore kugabwako ibitero.
amakuru-54194434
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54194434
Imvo n'Imvano irasesengura aho demokarasi igeze mu Burundi no mu Rwanda
Mwaramukanya amahoro mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki 19 z'ukwa 9 mu 2020.
Tariki 15 ukwezi kwa cyenda, ni umunsi ngaruka mwaka umuryango w'abibumbye wise UMUNSI WA DEMOKARASI. Ikigamijwe ni ukuzirikana ibikorwa byo guteza imbere amahame remezo ya demokarasi ku isi. Ukaba ari umunsi ibihugu ku isi bishobora kwinegura mu bikorwa bya demokarasi - dore ko muri make demokarasi bisobanura ubutegetsi bw'abaturage, bushyirwaho n'abaturage, bugakorera abaturage. Abasesenguzi baremeranya ko ibura rya demokarasi ari ryo ryatumye ibihugu by'u Rwanda n'u Burundi bimenekamo amaraso menshi kurusha ibindi bihugu byo mu karere. Ibura rya demokarasi muri ibyo bihugu ryatumye biba isoko y'impunzi kuva byabona ubwigenge kugeza ubu. Ibura rya demokarasi ni ryo ryatumye bamwe mu Banyarwanda n'Abarundi bafata intwaro barwanya akarengane. Ubu ibyo bihugu birategekwa n'abahoze ari inyeshyamba bafashe ubutegetsi bakoresheje intwaro. Mu Rwanda hari ubutegetsi buyobowe na FPR INKOTANYI, mu Burundi hari ubutugetsi buyobowe na CNDD-FDD. Ikindi kibazo cy'umwihariko kuri ibyo bihugu, ni ikibazo cy'amoko. Ubwoko bufite abantu benshi ni abahutu bagakurikirwa n'abatutsi, hagaheruka abatwa n'abaganwa mu Burundi. Icyo kibazo cyakunze guteza akaduruvayo no kumena amaraso ubwo bamwe babonaga ko badafite uburenganzira kimwe n'ubw'abandi. Ubu rero abahoze ari inyeshyamba ni bo bategeka. Bafashe intwaro bavuga ko baharanira kwishyira ukizana kwa buri muturage. Bafashe intwaro bavuga ko baharanira demokarasi. Imvo n'Imvano y'uyu munsi iracoca icyo kibazo. Irasesengura niba koko demokarasi yaragezweho. Irareba niba ibyo iyo mitwe yavugaga ko iharanira biriho. Irareba niba bishoboka ko mu bihugu birimo ubwoko bwiganje cyane kurusha ubundi hashobora kubaho demokarasi ituma buri bwoko bwiyumva mu mitegekere y'igihugu. Twakoze uko dushoboye ngo abo bahoze ari inyeshyamba, ubu bari ku butegetsi mu Rwanda no mu Burundi, baze muri iki kiganiro ariko ntibabyemeye. Gusa ntibyaduciye intege kuko hari abandi Banyarwanda n'Abarundi bemeye ubutumire bwacu, ubu turi kumwe mu kiganiro. Abatumire bacu ni Léonard Nyangoma, umukuru w'umugambwe CNDD akaba ari mu buhungiro mu gihugu cy'Ubufaransa, Léonard Nyangoma yashinze CNDD avuye muri FRODEBU, ishyaka ryatsinze amatora bwa mbere mu Burundi mu buryo buciye muri demokarasi mu mwaka wa 1993, umukuru w'igihugu watowe icyo gihe Melchior Ndadaye akaza kwicwa hashize amezi 3 agiye ku butegetsi, turi kumwe kandi na Victoire Ingabire, umukuru w'ishyaka DALFA ritaremerwa n'amategeko mu Rwanda, Victoire Ingabire yashinze DALFA avuye muri FDU-Inkingi, ishyaka ryamwohereje mu mwaka wa 2010 ngo aze kurihagararira mu matora y'umukuru w'igihugu na ryo rikaba n'ubu ritaremerwa n'amategeko mu Rwanda. Turi kumwe kandi na Aimé Pascal Nduwimana, umukuru w'ishyirahamwe MAC, Ministère Africain de Compassion, iri shyirahamwe rimaze imyaka 15 ricungera amatora yo mu Burundi, muri aya matora aheruka kuba mu Burundi, baje ku mwanya wa kabiri mu kugira abarorerezi benshi muri ayo matora. Aimé Pascal Nduwimana ari mu Burundi. Turi kumwe kandi na Théogène Munyangeyo, umuvugizi wa FORUM y'amashyaka mu Rwanda, bita ihuriro nyunguranabitekerezo ry'amashyaka ya politike. Théogène Munyangeyo ari mu Rwanda. Turi kumwe kandi na Joseph Sebarenzi, umusesenguzi mu byo gutatura amatate. Joseph Sebarenzi yabaye umukuru w'inteko nshingamateko mu Rwanda, ubu akaba ari mu buhungiro muri Amerika. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Félin Gakwaya.
amakuru-54011695
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54011695
Imvo n'Imvano na Faustin Rusanganwa wazengurutse ibihugu 23 muri Afurika n'i Burayi ku igare
Mwaramukanye amahoro mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki ya 5 y'ukwa 9 mu 2020. Uyu munsi turaganira na Faustin Rusanganwa wamaze imyaka 5 azenguruka n'igare mu bihugu 23 byo ku migabane y'Afurika n'Uburayi.
Abakurikirana Imvo n'Imvano, si ubwa mbere mugiye kumva ijwi rye kuko ubwo yari amaze imyaka 5 muri urwo rugendo, yavuganye na nyakwigendera Laurent Ndayihurume, icyo gihe yari ageze mu Burundi. Uyu munsi navuganye na Faustin Rusanganwa ufite imyaka 66 ari iwe i California muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika aho atuye kuva mu mwaka wa 1985. Nagize amashyushyu yo kuganira nawe maze gusoma igitabo yasohoye kuri uyu wa kabiri, kivuga ku buzima bwe yise MY EXILE TO THE WORLD, A CITIZEN OF THE WORLD, bivuga ngo "Ubuhunzi bwanjye ku isi, umuturage w'isi ". Muri icyo gitabo cy'impapuro 258 aravugamo ibyo yahuye nabyo muri urwo rugendo rwamaze imyaka 5. Ararambura inzitizi yahuye nazo, uburyo yagiye abyitwaramo n'abagiye bamutabara. Hari aho usanga yicuza impamvu yiyahuye muri uru rugendo atateguye uko azabaho, hamwe ngo yisangaga aryamye mu mucanga wo mu butayu, atazi iyo ari, agatangira gusenga yiteguye urupfu. Ubundi agakanguka abona inzovu imuhiseho mu mashyamba itamukandagiye ngo imuribate, cyangwa umusambi ukamukiza inzoka mu rurimi atumva. Hari ngo n'aho yaragiye gutwarwa n'uruzi. Gusa Rusanganwa asanga ibisimba, cyangwa imiyaga, cyangwa inzuzi, atari byo bibi kurusha ikiremwamuntu cyamwangaje kikamukura mu rwa Gasabo, iwabo i Jabana mu bilometero nka 12 uvuye rwagati mu mujyi wa Kigali. Nubwo uru rugendo rwarimo imvune nyinshi, ngo hari n'abagiraneza yagiye ahura nabo muri ibyo bihugu 23 yazengurutsemo. Ntabatindiye rero reka Faustin Rusanganwa atubwire ibibi n'ibyiza yahuye nabyo muri uru rugendo yakoze imyaka 5. Muri iki kiganiro mwateguriwe kandi mugiye kugezwaho na Félin Gakwaya.
49204581
https://www.bbc.com/gahuza/49204581
Gisenyi – Goma: urujya n’uruza rwakomeje, kugenzura Ebola byakajijwe
Ku mupaka uri hagati y'imijyi ya Gisenyi mu Rwanda na Goma muri Kongo kwambuka byakomeje, gusuzuma Ebola byakajijwe kurushaho.
Batinya Ebola ariko batinya cyane kwicwa n'inzara mu gihe batagiye gushakisha ibibatunga. Barabanza gukaraba intoki mu buryo bushya bwahashyizwe Ejo kuwa kane uyu mupaka wafunzwe mu gihe kigera ku masaha umunani guhera mu gitondo, bihagarika ubuzima n'imibereho y'abantu ibihumbi bawunyuraho ku mpande zombi. Umwe mu bakozi bashinzwe uyu mupaka avuga ko ku munsi unyurwaho n'abantu bari hagati ya 55,000 na 60,000. Ubwoba ni bwose ko indwara ya Ebola, imaze kugaragara ku bantu bane mu mujyi wa Goma, yakwambuka uyu mupaka ikinjira muri Gisenyi kuko iyi mijyi ifatanye, uretse umupaka wubatswe n'ibihugu. Ku mupaka uzwi nka 'petite barrière', mu buryo bugaragara hongerewe imbaraga nyinshi mu gucunga ko buri muntu wese unyuze kuri uyu mupaka apimwe umuriro - kimwe mu bimenyetso bya Ebola - kandi akarabye intoki. Uyu munsi, abaturage bambuka ni benshi cyane nk'ibisanzwe, kubera ko iyi mijyi yombi ishingiye cyane ku bikorwa by'ubuhahirane n'ubucuruzi hagati yayo. Kuri uyu mupaka hashyizwe uburyo bushya bwo gukaraba intoki ku bantu bose bahanyuze. Abaca ku mupaka bigaragara ko bishimiye gusuzumwa no gukaraba intoki mbere yo kwambuka nk'uko umunyamakuru uri ku mupaka abivuga. Minisitiri w'ubuzima mu Rwanda bagiriye inama abaturage kutajya i Goma ahavugwa Ebola Ubwo umupaka wari wafunzwe ejo kuwa kane, umwe mu bawukoresha witwa Ernest Mvuyekure yabwiye BBC ko atinya inzara kurusha Ebola. Yagize ati:"... turya ari uko tuvuye hariya hakurya...Turabona ikibazo cya Ebola ariko n'imibereho ni ikibazo, uburwayi bwo umuntu yajya kwivuza cyangwa agapfa ariko atishwe n'inzara". Umupaka wongeye gufungurwa byabaye inkuru nziza kuri benshi, Gloriose Uwayezu ucuruza inyama yabwiye BBC ko yishimye cyane nubwo yaguye mu gihombo mu masaha wamaze ufunze. Yagize ati: "ubu inyama twari turi kuzigurisha igihumbi (1000F) na magana inani, kandi i Goma [ikilo] tukigurisha bitatu… Twari dufite agahinda ariko dushimye Imana ko mufunguye umupaka". Ebola imaze guhitana abantu barenga 1,800 mu gihe cy'umwaka umwe imaze yadutse nanone mu ntara ya Kivu ya ruguru ya repubulika ya demokarasi ya Kongo. Uyu mupaka unyurwaho n'abantu bari hagati ya 55000 na 60000 ku munsi
amakuru-54857567
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54857567
Amatora muri US 2020: Joe Biden yatsindiye kuba Prezida
Joe Biden yatsindiye kuba umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, atsinda Donald Trump nyuma y'ukurindira kudasanzwe iharurwa ry'amajwi nyuma y'amatora yo ku wa kabiri.
BBC igaragaza ko Bwana Biden yatsinze mu ntara yahiganirwa cane ya Pennsylvania, aronka amajwi arenga 270 y'intumwa zitora, akenewe kugira ushikire intebe ya White House. Abo ku ruhande rwa Trump berekanye ko umukandida wabo atiteguriye kwemera ko yatsinzwe. Bwana Biden yavuze ko ubu hageze ko Amerika "yiyunga igakira". Yagize ati: "Mu gihe ivy'amatora biheze, harageze gushira ishavu hamwe n'amajambo mabi ku ruhande, tukaja hamwe nk'igihugu". Yavuze ko "atewe iteka kandi acishijwe bugufi" no kuba atowe, abandanya avuga ko igitigiri kitaraboneka c'abitavye amatora "mu nzitizi zitagira uko zingana" vyerekanye ko demokrasi "yashinze imizi mu mitima y'Abanyamerika". Ivyavuye muri aya matora bisigura yuko Bwana Trump ari we mukuru w'igihugu wenyene wa Amerika azoba atwaye ikiringo kimwe kuva mu myaka ya 1990. Uwiyamamaje hamwe na Bwana Trump, Kamala Harris, vyitezwe ko aba umugore wa mbere abaye icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika. Ukugaragaza kwa BBC kw'intsinzi ya Bwana Biden gushingiye ku vyavuye mu matora mu maleta yari yarahejeje guharura amajwi, hamwe n'ivyitezwe kuva mu matora mu maleta nka Wisconsin aho guharura bikibandanya. Ufashe amajwi vy'itezwe ko aronka i Pennsylvania vyitezwe ko aronka amajwi y'intumwa zitora 273. Ano matora ni yo yitabiriwe cane kuva mu mwaka wa 1900. Bwana Biden gushika ubu amaze kuronka amajwi y'abanyagihugu ashika imiriyoni 74, akaba ari yo menshi umukandida mu matora ya Prezida wa Amerika amaze kuronka. Abo ku ruhande rwa Trump bamenyesheje ko atiteguriye kwemera ko yatsinzwe Bwana Trump yaronse amajwi arenga imiriyoni 70, akaba ari yo agira kabiri mu bwinshi umukandida amaze kuronka mu mateka y'amatora muri Amerika. Prezida Trump yari yatangaje, ata gihamya, ko ari we yatsinze amatora igihe guharura bitari bwahere. Kuva ico gihe yavuze ko guharura kwabayemwo amakenga, ariko nta vyemezo na bimwe vy'uko habaye ubusuma mu matora. Nyuma y'aho vyerekaniwe ko Bwana Biden aza gutsinda, Trump ntiyavuye kw'izima, avuga ko Biden ariko "ariyerekana nk'uwatsinze bitari vyo", ashimangira ko amatora yibwe. Kandi ku ruhande rwiwe barashingishije imanza nyinshi mu ma sentare y'amaleta atandukanye.
amakuru-54057910
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54057910
Wa murusiya Alexei Navalny yavuye muri koma
Wa murusiya atavuga rumwe n'ubutegetsi Alexei Navalny yavuye muri koma yinjiyemwo ku bivugwa ko yahawe isumu, nk'uko bitangazwa n'abarongoye ibitaro ariko aravurirwamwo mu gisagara ca Berlin mu Budagi.
Abanywanyi ba Alexei Navalny bavuga ko yahawe isumu kw'itegeko rya Perezida Vladimir Putin, ivyo uyu yiyamiriza. Umuganga avuga ko ashobora kuvuga. Bwana Navalny yasimbanywe mu Budagi mu kwa munani inyuma y'aho afatiwe bukwi na bukwi ari mu ndege muri Siberia. Abanywanyi biwe bavuga ko yahawe isumu kw'itegeko rya Perezida Vladimir Putin, ivyo uyu yiyamiriza. Abaganga bo mu Budagi bamenyesha ko uyu munyapolitike yahawe isumu yo mu bwoko bwa Novichok. Kuri uyu wa mbere, abarongoye ibitaro basohoye itangazo aho bamenyesha ko Bwana Navalny ariko arakurwako bukebuke ivyuma bimufasha guhema. Abarongoye ibitaro bavuga ko hakiri kare kumenya inkurikizi z'iyi sumu muri kazoza. Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Angela Markel, yavuze mu ndwi iheze ko Bwana Navalny yahatswe kugandagurwa, asaba amakungu ko asaba Uburusiya gutanga insiguro. Hagati aho, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire w'Uburusiya, Maria Zakharova, avuga ko ibivugwa ko yahawe isumu yo mu bwoko bwa Novichok ata vyemezo bifise. Mu 2018, iyi sumu ya Novichok yarakoreshejwe mu gushaka kwica uwahoze akora mu biro vy'igendereza vy'Uburusiya Sergei Skripal, n'umukobwa wiwe. Bwana Navalny amaze igihe ahagarariye imyiyerekano mu gihugu cose yo kwiyamiriza abategetsi b'Uburusiya. Avuga ko umugambwe wa Perezida ari umugambwe "w'abambuzi n'ibisuma" uriko "uranunuza amaraso y'abarusiya".
amakuru-44278128
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44278128
Mamoudou Gassama: Umwimukira yatabaye umwana mu Bufaransa yaronkejwe ubwene gihugu
Umwimukira yamuka muri Mali yiriwe arahayagizwa inyuma yo kurira ku ruhande rw'imbere kw'igorofa iri mu gisagara ca Paris agatabara umwana yagira akoroke.
Mamoudou Gassama yagie arasimba ibaraza ku yindi gushika ashikire uwo mwana. Video ya Mamoudou Gassama ariko aratabara uwo mwana yakwiragiye henshi ku mbuga ngurukanabumenyi. Yavuye kw'ibaraza aja ku yindi mu mwanya uri musi y'umunota, aca afata uwo mwana yagira akoroke. Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron mu kumushimira ubwiwe aho yamwakira mu biro vyiwe muri Champs Elysee, yamuronkeje ubwene gihugu. Uyu mugabo w'imyaka 22 yanambitswe umudari na Perezida Macron, anamwemerera akazi mu gisata kirwanya imiriro, hamwe yovyipfuza. Umukuru w'igisagara ca Paris, Anne Hidalgo na we nyene yashimagije ubutwari bw'uwo mugabo, anavuga ko yanamuhamagaye kuri telefone kugira amushimire. Yavuze ko ari nka "Spiderman wa 18", agereranya uturere 18 tumaze kurokorwamwo abantu i Paris muri mwene ubwo buryo. Igihe yari kw'igorofa ya kane, Gassama yafashe uwo mwana amukwegera aho ata co ashobora kuba. "Turakeje Mamoudou Gassama ku butwari bwiwe bwo kurokora umwana," ni ko ubutumwa bwa Hidalgo buvuga kuri Twitter. "Yansiguriye ko yari yavuye mu gihugu ca Mali mu mezi make aheze afise indoto zo kurondera ubuzima ngaha. "Namwishuye ko ubu butwari yerekanye ari akarorero keza ku bantu bose kandi ko igisagara ca Paris kizomushigikira mu cipfuzo ciwe co kuba mu Bufaransa." Ivyo vyabaye ku musi wa gatandatu ku mugoroba mu karere kamwe kari mu buraruko bw'igisagara ca Paris.
46828422
https://www.bbc.com/gahuza/46828422
Robert Mugabe wahoze ayobora Zimbabwe baherutse kumwiba $150 000
Urukiko rwo muri Zimbabwe rwabwiwe ko ivalizi yarimo amadolari 150 000 y'abanyamerika yibwe mu nzu y'uwahoze ayobora icyo gihugu, Robert Mugabe.
Abantu batatu barimo abo bafite icyo bapfana bashinjwe icyaha cy'ubujura. Bemerewe kuburana badafunze. Bwana Mugabe wavanywe ku butegetsi n'igisirikare muri 2017 yakunze gushinjwa kubaho mu buzima buhenze mu gihe abanya Zimbabwe basanzwe bariho mu bukene. Amafaranga y'amahanga arashakishwa cyane muri icyo gihugu kibasiwe n'ikibazo gikomeye cy'ubukungu. Mugabe yasimbuwe ku butegetsi na Emmerson Mnanangwa Constantia Mugabe ufite icyo apfana na Robert Mugabe bivugwa ko yemereye abakozi bakora akazi ko gukubura kwinjira mu nzu yo mu cyaro ya Mugabe iri ahitwa Zvimba hanze y'umurwa mukuru Harare. Ubwo bujura bivugwa ko bwabaye nyuma y'itariki ya mbere y'ukwezi gushize. Abayibye biravugwa ko bayakoresheje mu kugura imodoka, ibibanza n'amatungo. Bwana Mugabe ashinjwa kuba yarangije ubukungu bw'igihugu cye cyahoze gihagaze neza no kuba yaratumye habaho ibura ry'amafaranga rituma hari bamwe barara ku mirongo imbere y'amabanki bategereje kubikuza amafaranga babikijemo.
imikino-47383089
https://www.bbc.com/gahuza/imikino-47383089
Uefa ishinja kapiteni Sergio Ramos wa Real Madrid 'kwihesha ikarita y'umuhondo ku bushake'
Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane w'Uburayi, Uefa, rishinja Sergio Ramos, kapiteni wa Real Madrid, "kwihesha ikarita y'umuhondo ku bushake" mu mukino ubanza wa Champions League wahuje Real Madrid na Ajax muri uku kwezi kwa kabiri.
Kapiteni Sergio Ramos wa Real Madrid yagize uruhare rukomeye mu bikombe bitatu bya Champions League iyi kipe iheruka gutwara yikurikiranya Ramos yakoreye ikosa rutahizamu Kasper Dolberg wa Ajax ku munota wa 89 w'umukino ubwo Real yari yamaze gutsinda ibitego 2-1, bivuze ko atazakina mu mukino wo kwishyura. Uefa yatangije iperereza ubwo nyuma y'uwo mukino, Ramos yabwiraga abanyamakuru ati: "Naba mbeshye mvuze ko ntayihesheje [ikarita]". Biteganyijwe ko Uefa yiga kuri iki kibazo ejo ku wa kane ku itariki ya 28 y'uku kwezi kwa kabiri. Nyuma yaho, Ramos yasobanuye amagambo yavuze nyuma y'uwo mukino, agira ati: "Nari ndi kuvuga ku gukora ikosa ku bushake, ikosa ryagombaga kuba. Ntabwo navugaga ku kwihesha ikarita". "Bari baduhindukiranye ku munota wa 88 [w'umukino], kandi umukino wari ugifunguye ndetse no mu itsinda ibintu bitarasobanuka neza kuri buri kipe". Ramos yongeyeho ati: "Iyo ni yo mpamvu yatumye mvuga ko naba mbeshye mvuze ko ntari nzi ko nari ndimo gukora ikosa, cyo kimwe nuko nari mbizi ko nta yandi mahitamo nari mfite atari ayo gukora ikosa". "Rero ibyo ni ibyo nashakaga kuvuga ubwo navugaga ko mu mupira w'amaguru ugomba gufata ibyemezo bikomeye". Mu guhagarikwa umukino umwe muri iki cyiciro cy'irushanwa, Ramos yagabanyije ibyago byo kuba yabuzwa gukina umukino w'ingenzi cyane kurushaho mu gihe iri rushanwa rizaba riri kwerekeza ku musozo, kuko amakarita yose y'umuhondo umukinnyi yahawe ahita aburizwamo nyuma y'imikino ya kimwe cya kane. Ariko iyo bitahuwe ko umukinnyi yihesheje ikarita ku bushake, ashobora guhanishwa guhagarikwa imikino ibiri adakina. Abajijwe niba yari azi ko iryo kosa ryashoboraga kumuviramo guhabwa ikarita y'umuhondo ndetse no kuba yahagarikwa, Ramos yagize ati: "Yego. Ariko nta mahitamo nari mfite".
amakuru-52859445
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52859445
Minneapolis: Guverineri yasabye imbabazi ku itabwa muri yombi ry'umunyamakuru Omar Jimenez wa CNN
Umunyamakuru wa televiziyo CNN yaraye arekuwe nyuma yaho yari yatawe muri yombi ejo ku wa gatanu ari gutangaza imbona nkubone (live) ibijyanye n'imyigaragambyo yo mu mujyi wa Minneapolis yatewe n'urupfu rw'umwirabura w'umugabo utitwaje intwaro.
Omar Jimenez yatwawe yambitswe amapingu ubwo yatangazaga inkuru mu buryo bwa 'live'. Umugabo ufata amashusho ndetse n'uyoboye itsinda rye na bo bari batawe muri yombi, bisa nkaho ari uko batigiyeyo ubwo babisabwaga. Bose barekuwe ntacyo bashinjwe. Guverineri Tim Walz wa leta ya Minnesota yabisabiye imbabazi, avuga ko ibyabaye "bitakwihanganirwa". CNN yavuze ko iryo tabwa muri yombi ryahonyoye itegekonshinga rya Leta Zunze Ubumwe z'Amerika. Byagenze gute? Bwana Jimenez yari i Minneapolis, atangaza amakuru ku ijoro rya gatatu ryikurikiranya ryari rishize haba imyigaragambyo irimo ibikorwa by'urugomo yaturutse ku rupfu rwa George Floyd. Ku wa kabiri w'iki cyumweru, hagaragaye videwo yerekana umupolisi apfukamye ku ijosi rya Floyd, nubwo yari yavuze ko adashobora guhumeka. Bwana Jimenez yari ari gutangaza mu buryo bw'imbona nkubone ibijyanye n'itabwa muri yombi ry'umuntu muri ako gace aho ibiro bya polisi byari byatwitswe. Nyuma yaho we na bagenzi be batangarije uko iryo tabwa muri yombi ryagenze, abapolisi bahise batangira kubagenda runono, barabasatira ndetse babategeka kugenda. Muri iyo videwo yatambukaga mu buryo bwa 'live', Bwana Jimenez avuga uwo ari we ko ari umunyamakuru wa CNN, ndetse akumvikana abwira abapolisi ati: "Dushobora gusubira inyuma aho mwifuza hano. Turi gutangaza imbona nkubone muri aka kanya". Nuko umupolisi wambaye imyambaro yo guhosha imyigaragambyo agira ati: "Utawe muri yombi". Agahita amujyana yambaye amapingu. Byakiriwe gute? Mu butumwa bwo kuri Twitter, CNN yavuze ko uko guta muri yombi abakozi bayo ari "uguhonyora mu buryo bugaragara uburenganzira bukubiye mu ngingo yo mu itegekonshinga" irinda ubwisanzure mu gutanga ibitekerezo no mu kujya mu mashyirahamwe. Ubuyobozi bushinzwe irondo i Minneapolis bwemeje ko koko bari batawe muri yombi, buvuga ko abari batawe muri yombi barekuwe "bimaze kugaragara ko ari abanyamakuru". Ariko Guverineri Walz yavuze ko ibyabaye ari we "wo kubiryozwa byose". Mu kiganiro n'abanyamakuru yagize ati: "Mu bihe nk'ibi, niyo waba uri kwigizayo abantu ngo bahave, tugomba kugenzura neza ko twasize umwanya urimo umutekano ugenewe itangazamakuru kugira ngo ritangaze iyo nkuru..." Yongeyeho ko "nta mpamvu n'imwe ihari yagatumye ikintu nk'iki kiba".
amakuru-45709596
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-45709596
Amashirahamwe akorera mu Burundi yubahirije ingingo yareta yo kuyahagarika mu kiringo c'amezi atatu
Kuri uyu wa mbere ni ho ingingo y'inama nkuru y'umutekano mu Burundi ihagarika amwe mu mashirahamwe yigenga mpuzamakungu mu kiringo c'amezi atatu yatangura gushirwa mu ngiro.
Care International yasavye abakozi bayo kudatonda ku kazi kuva kuri uyu wa mbere Ibiro vy'amwe muri ayo mashirahamwe BBC yagendeye mu gisagara ca Bujumbura vyari vyugaye ata n'inyoni ikoma. Akarorero ni ishirahamwe Care International. Ushitse aho rikorera uhasanga abajejwe gucungera umutekano bita aba 'city' bicaye ku bwijnjiriro bukuru bw'ico kigo ariko hugaye. Eka n'ishirahamwe GIZ ry'abadagi rifasha mu bikorwa vy'iterambere umumenyeshamakuru wa BBC yahaciye arabura uwumwakira kubera na ho nyene hari hugaye. Ariko hari amashirahamwe amwe amwe yaranguye imirimo, nk'ibitaro vy'abaganga batagira imbibe MSF. Umumenyeshamakuru wa BBC yasanze biriko birakira abarwaye ukuri kwamye ndetse n'abaza gusuhuza abagwaye nta ngorane bigeze bagira. Uwujejwe gutanga amakuru muri iryo shirahamwe yabwiye BBC ko hataragera ko bagira ico bashikirije ku ngingo yo guhagarika ayo mashirahamwe iherutse gufatwa n'inama nkuru y'umutekano. Mu mpera z'iyinga, ishirahamwe Care International yarandikiye ikete abakozi ko kuza kuri uyu wa mbere ata kazi kazoba kahari, kandi ko basabwe kugumiza ibikoresho vy'akazi nk'imiduga n'amapikipiki ku kazi. Kuri uno wa mbere kandi hari hategekanijwe inama yari guhuza ayo mashirahamwe yose n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, ariko iyo nama ubushikiranganji bwahavuye buyisivya ku munota wa nyuma ku mvo zitashoboye kumenyekana. Amakuru ava mu ntara za ruguru avuga ko imirimo y'amwe mu mashirahamwe akorera muri izo ntara itaranguwe. Kugeza ubu urutonde rw'amashirahamwe arabwa n'iyo ngingo reta ntirarushira ahabona. Iyingingo yo kuyahagarika yafashwe mu mpera z'indwi iheze n'inama nkuru y'umutekano. Iyo nama ikayagiriza kudakurikiza amategeko y'uburundi. Kuva habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, amashirahamwe atari make yarahagaritswe ayandi arafutwa burundu, amwe amwe akaba ubu akorera mu buhungiro iyo abayatwara bahungiye. Mu kwezi kwa gatanu, amaradiyo ya VOA na BBC yarahagaritswe mu kiringo c'amezi atandatu yagirizwa kurenga ku mategeko mu gushikiriza inkuru. Mu nama ya Onu ijewe agateka ka zina muntu kw'isi iheruka kubera kubera i Geneve, Uburundi bwaragirijwe kubandanya buhonyanga agateka ka zina muntu. Ako kanama kakaba mbere kongeye ikiringo umugwi ujejwe kugira amatohoza mu Burundi. Uburundi bukaba bwaragabishije ko bushobora kwivana mu kanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu buvuga ko babandanya kubukorera inteba ishushu.
amakuru-47281800
https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47281800
Umukuru w'igihugu ca Somalia ari mu rugendo rw'akazi mu Burundi
Umukuru w'igihugu ca Somalia Mohamed Abdullahi Mohamed ari mu rugendo mu gihugu c'u Burundi aho yakiriwe na mugenziwe Pierre Nkurunziza ku kibuga c'indege ca Bujumbura kuri uno wa Mbere.
Somalia n'u Burundi bifitaniye imigenderanire ishingiye cane ku mutekano Ku rutonde rw'ibikorwa bitegekanijwe rwashikiriye bimwe mu bigo vy'itangazamakuru, umukuru w'igihugu ca Somalia, uretse kubonana n'umukuru w'igihugu, azovugana n'abarongoye igisata co kwivuna abansi. Igihugu c'u Burundi gisanzwe gicuditse na Somalia na cane cane mu vyo kwivuna abansi mu rwego AMISOM, aho gifise muri ico gihugu abasirikare barenga 5000 bagiye gufasha gutsimbataza amahoro mw'ico gihugu. Prezida wa Somalia Mohamed Abdullahi Mohamed yari mu rugendo rw'iminsi ibiri mu Burundi Umukuru w'igihugu ca Somalia agize urwo rugendo mu gihugu c'u Burundi mu gihe hamaze igihe hari amakuru avugwa ko inteko zabwo za gisirikare ziri muri Somalia zitegerezwa kugabanywako 1000. Mw'ikete ry'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, u Burundi bukaba bwasabwe kuba bwagabanije inteko zabwo ziri muri Somalia ku basirikare 1000 bitarenze itariki 28 Ukwezi kwa Kabiri mu 2019. Igihugu c'u Burundi nticemeye iyo ngingo gisigura ko abo basirikare bagabanywa ku nteko z'ibihugu vyose bifise abasirikare muri Somalia mu mugambi wa Amisom.